Umurwi CENI watanguye kwitegurira amatora

Mu kwitegurira amatora yo mu 2015, umurwi CENI ugiye gutegekanya ibibanza bishasha abazotora bazandikirwamwo. Bizofashwamwo n’abarongoye indero ku rwego rw’intara n’amakomine. – Vyanditswe na Bayaga Manyusi
Umukuru w’umurwi w’igihugu wige
nga ujejwe gutegura amatora(CENI), Ndayicariye Petero Karaveri, aremeza yuko uwo murwi CENI ugiye gutangura kwitegurira amatora kuko yegereje. Ivyo yabivugiye mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ku wa 8 Ndamukiza 2014. Mu vyo bagiye kwihutira ngo ni ugutororokanya mu gihugu ibibanza bishasha bizokwandikirwamwo abazokwitaba amatora yo mu 2015. Iryo yandikwa rishasha ngo ritumwe n’uko hari abatari bakwije imyaka mu matora aheruka, ubu bakaba barayikwije. Ikindi ngo hari abarundi bahoze baba mu makungu none batahutse, hakaba abari banditswe mu 2010 ariko bamaze kwitaba Imana, canke abahinduye aho bahora baba bikenewe yuko biyandikisha aho baba ubu. Ico gikorwa rero umurwi CENI ukazogikorana n’abajejwe intwaro mu gihugu hagati hamwe n’abayobozi b’indero ku rwego rw’intara n’amakomine. Intumbero nyamukuru y’ico gikorwa ngo ni ukumenya ahari inyubakwa zishobora gufasha haba mu kwandika abazotora, kumanika intonde z’imfatakibanza z’abazoba biyandikishije, hakongera hakabera n’amatora.

Ico gikorwa ntikirindira itegeko rigenga amatora

Umukuru w’umurwi ujejwe gutunganya amatora amenyesha yuko naho itegeko rishasha rigenga amatora ritarashika, ico gikorwa kidashobora kurindira kuko ari ikijanye n’ubuhinga. Iryo tegeko na ryo asaba yuko ababijejwe boryemeza.
Ku vyerekeye ingorane ziri mu migambwe imwe imwe nka Uprona na Msd, Ndayicariye avuga yuko habaye ishaka mu barongoye iyo migambwe, no mw’iyinga imwe canke amayinga abiri zoba zatorewe umuti. Ati: «Twipfuza yuko hogera amatora ingorane mu migambwe zamaze guhera.»
Na yo ku kibazo c’ico CENI itegekanya gukora ku vyerekeye ukwitoza ubugira gatatu kwa Nkurunziza Petero, Ndayicariye yishuye yuko muri uwo murwi arongoye bakurikiza amategeko asanzwe ahari nk’itegeko rigenga amatora canke ibwirizwa shingiro. Ati: «Ico kibazo ntikirashika iwacu kuko igihe co kumenya abitoza ntikiragera». Ku bijanye na karangamuntu izokoreshwa mu matora, umukuru w’umurwi ujejwe gutunganya amatora amenyesha yuko hazokoreshwa ikarata karangamuntu isanzwe nk’uko vyasabwe n’abanyamigambwe mu nama yabereye mu ntara ya Kayanza. Ati ikarata nshasha bivugwa yuko ishobora guheza gutangwa itevye, ngo bishobora gutwara imyaka iri hagati y’itatu n’itanu.
Ku vyerekeye ikirangamisi c’amatora, Ndayicariye avuga yuko inzego zose zatowe mu mwaka w’2010 zifise ikiringo c’imyaka itanu itarenga. Ati amategeko adahindutse, itora rya mbere rizoba muri Rusama 2015, irya nyuma ribe muri Nyakanga 2015. Aha rero akamenyesha yuko no mu gihe bofatanya amatora abiri canke arenga, na ho nyene botangura gutora mu kwezi kwa Rusama.

Amasezerano y'abayagira kur'urubuga ngurukanabumenyi rwa IWACU

Ivyiyumviro n'ibivugirwa hano ntibitegerezwa kurenga amategeko y'umubano mwiza. Mu bibujijwe kwandikira hano, harimwo amajambo y'amacakubiri afatiye ku bwoko, ibitsina, ukwemera kujanye n'idini, gutyozanya canke gutukana, amajambo ahamagarira gucanamwo, canke aza atanga amakuru ajanye n'ubuzima bwihereranye bwa muntu. Ikibujijwe kandi ni ugukoresha amasanamu canke ivyandikwa vy'abandi udatomoye isoko yavyo.
Iwacu ntizotiriganya mu gufuta icanditswe cose coza kirenga kuri ano masezerano, canke ivyanditswe bisubiwemwo, bitanzwe bitajanye n'inkuru vyandikiweko, bihayagiza ibidandazwa canke bidashingiye ku kwubahana hagati y'abahurira hano. Icanyuma : intererano izogirwa mu ndome nkuru izofutwa vuba.

Kwongerako iciyumviro

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *