Umupira w’amaguru: ihiganwa mu ntara ya Gitega ryaraye rirangiye

Ku wa 25 Gitugutu imirwi ya Musongati na Nazareti yarakinye urukino rwa nyuma rw’ihiganwa ry’i Gitega. Musongati yatsinze Nazareti bitatu kuri kimwe. Hari ku kibuga c’i Gitega.-Vyanditswe na Kwizera Emeri

Abakinyi n’abarorerezi kukibuga c’umupira w’amaguru c’i Gitega  ©Iwacu

Abakinyi n’abarorerezi kukibuga c’umupira w’amaguru c’i Gitega ©Iwacu

Abantu baje gushigikira imirwi bari benshi haba ku ruhande rwa Musongati canke rwa Nazareti. N’abakuru bamwe mu ntara bari bahishikiye. Nk’umuhanuzi wa Buramatari na musitanteri wa komine Gitega. Abakinyi ba Musongati bari bambaye udupira dusa n’ubururu n’amabutura yera . Nayo aba Nazareti bari bambaye umwambaro usa n’umuhondo kuva hejuru gushika hasi.

Urukino rwatanguye neza na neza isaha icenda n’iminota 35. Rwatanguye harengeranye kuko rwategerezwa gutangura isaha icenda zuzuye neza. Mu minota ya mbere Nazareti warabona ko yatanguranye ubwoba. Mu minota itatu yambere Musongati yahatswe kuyitsinda umupira utangirwa n’umwamba w’izamu. Eka mu minota y’intango Nazareti vyaraboneka ko iriko irarushwa. Ku munuta wa 12 umupira wundi wahatswe kwinjira uca neza na neza hejuru y’umwamba. Ivyo vyaba abakunzi ba Nazareti bidoga ko abahagarikizi bahengamye.

Ku munuta wa 17 ni ho Nazareti yagerageje gusatira igerageza kwegera izamu rya musongati ariko umupira baca barawubaka ubwo nyene. Vyakabaye kera Musongati iguma isatira, ku munuta wa 27 yarinjije igitsindo ciza cane ca mbere .Cinjijwe n’umukinyi inomero 4 Irakoze Saidi ari ku metero zegereza 30 amaze gucenga abakinyi b’inyuma. Yateje ibamfu, umunyezamu ntiyabonye n’iyo caciye. Ku munota wa 33 Nazareti yarahatswe gutsinda. Muri ako kanya mbere baraduza akariro barasatira bakinira kuruhande rwa Musongati nk’umunota. Naho vyibonekeje ko bakina umupira wohejuru igice cambere carangiye Musongati icerekana ko ihana umupira biyorohera.

Mu gice ca kabiri barinanase

Mu gice ca kabiri umurwi wa Nazareti waje wazikenyeye kuko ku munota wa 69 n’uwa 72 wahatswe gutsinda. Ubwa mbere umupira waguye ku mwamba,ubwa kabiri naho umuharikizi uvuga ko habaye kurarira. Muri ico gice nyene haribonekeje ugusamara kw’abakinyi binyuma ba Musongati. Ku munota wa 78,Irakoze Saidi yaciye asubira gutsinda, bica biba bibiri ku busa bwa Nazareti.

Nazareti yagiye kuronka igitsindo ku munota wa 81 kuri penariti yatewe n‘umukinyi nomero 10 Ntakarutimana Rajabu. Urukino rwarangiye Musongati yinjije igitsido ca gatatu biciye ku mukinyi Ntakarutimana Jean Bosco yambara inomero 13 ku munota wa 87 w’urukino. Musongati yatahanye igikombe n’amafaranga ibihumbi 100. Ako gashimwe umumenyereza w’umurwi Mugisha Shadiye akaba abona ko kadakwiye. Akanavuga ko ubushimwe bushika ku kibuga atari bwo buba bwateguwe.

Amasezerano y'abayagira kur'urubuga ngurukanabumenyi rwa IWACU

Ivyiyumviro n'ibivugirwa hano ntibitegerezwa kurenga amategeko y'umubano mwiza. Mu bibujijwe kwandikira hano, harimwo amajambo y'amacakubiri afatiye ku bwoko, ibitsina, ukwemera kujanye n'idini, gutyozanya canke gutukana, amajambo ahamagarira gucanamwo, canke aza atanga amakuru ajanye n'ubuzima bwihereranye bwa muntu. Ikibujijwe kandi ni ugukoresha amasanamu canke ivyandikwa vy'abandi udatomoye isoko yavyo.
Iwacu ntizotiriganya mu gufuta icanditswe cose coza kirenga kuri ano masezerano, canke ivyanditswe bisubiwemwo, bitanzwe bitajanye n'inkuru vyandikiweko, bihayagiza ibidandazwa canke bidashingiye ku kwubahana hagati y'abahurira hano. Icanyuma : intererano izogirwa mu ndome nkuru izofutwa vuba.

Kwongerako iciyumviro

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *