Umupaka rusangi: akarusho ku Burundi

Abadandaza baremeza ko hari akarusho ku mwanya n’amafaranga iyo bashitse ku mupaka. Abahakorera batinya ko akazi gashobora guhera. – VYanditswe na Nkengurutse Nadine

Rehonsi

Niyonzima Rehonsi : «Nta bazotakaza akazi.»  ©Iwacu

Umupaka rusangi ugiye gutanguzwa mu bihugu vya Afirika y’ubuseruko kuva muri Mukakaro 2014. Vyemejwe n’inama y’abakuru b’ibihugu bigize uwo muryango yabereye i Kampara mu Buganda.Ibidandazwa bivuye mu bihugu bitari muri uwo muryango bizohora birihishwa ku biro vyo ku mupaka bizoba vyinjiriyeko. Ndayishimiye Siriyake, umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe ry’abadandaza bo mu Burundi (ACOBU), avuga yuko amabariyeri yo ku mabarabara azohava kugirango habe umwidegemvyo w’abantu, ibidandazwa n’amafaranga. Ati ibikenewe gususuzumwa vyose bizobera ku bivuko vya Mombasa canke Dar-es-Salam, hanyuma ibidandazwa bibandanye iyo bija. Akavuga rero ko ubu we na bagenziwe bashitse ku mipaka itandukanye yo mu bihugu bigize Afirika y’ubuseruko, bama bapakurura ibidandazwa bagasubira kubipakira bahejeje kubisuzuma.
Ndayishimiye we abona ko umupaka rusangi uzotuma ibiciro vy’ibidandazwa bigabanuka. Ati ko hazoba hari akarusho k’ibice 10 kw’ijana n’imiburiburi ku mafaranga yahora atangwa ku mipaka, ivyinjira bizogwira n’abantu bagire intege zo kubikora.
Ikibazo kiri ku buzi. «Kenya na Tanzaniya vyaranse ko haza iwabo ibigo vy’abasuzuma ivyinjira n’ibisohoka bavuye ahandi. Duhakwa kubura ubuzi kuko ahanini akazi kacu kazoba kari muri ivyo bihugu», bivugwa na Nahimana Pasikari arongoye ishirahamwe ry’abakorera ku mipaka n’abunguruza ibintu ASBADTT.

Amabariyeri yo hagati mu gihugu yokurwaho

Ndikumana Fositino, arongoye ishirahamwe riharanira guhindura ingendo, avuga ko amabariyeri yo mu bihugu ari intambamyi ku Burundi mu bijanye n’akarusho k’umupaka rusangi. Akavuga yuko bituma ibiciro vy’ibidandazwa biduga. Asaba yuko amafaranga atojwe ku bivuko yoca agabanganwa mu bihugu vuba kugirango ibihugu bihuha nk’Uburundi ntibize birinjira mu myenda. Bahizi Hosikari, avugira ubushikiranganji bujejwe ivyo muri Afirika y’ubuseruko, avuga ko imyiteguro igenda neza mu bihugu bigize uwo muryango. Ngo harashizweho ubuhinga bwo guhanahanan amakuru hagati y’ibigo bijejwe gutoza amatagisi muri ivyo bihugu, n’uburyo bwo gukwirikirana ibidandazwa vyinjiye ngo barabe ko bija aho vyagenewe. Ku bijanye n’akazi na ho avuga yuko abarundi bazoja gukorera mu bindi bivuko vyo mu karere.

Abakozi ba Obr bazoja i Mombasa na Bar-es-Salam

«Tuzorungika abakozi bacu bagenda gukorera i Dar-es-Salam na Mombasa baraba ibidandazwa vyinjira biza mu Burundi», vyemezwa na Niyonzima Rehonsi, umuyobozi ajejwe integuro n’ikwirikiranwa ry’ibikorwa mu kigo Obr mu gisata ca duwane. Ati nta gihugu kizosuzuma ibija mu kindi gihugu. Amenyesha rero yuko ibihugu vyumvikanye ko gusuzuma no kurihisha ivyinjira bizobera mu gihugu bijamwo. Ivyo bizotuma bunguka umwanya n’amafaranga kuko ibidandazwa bitazosubira kuja birahagarara ku mipaka. Uwo muyobozi amenyesha kandi yuko ibihugu vyose bigize uwo muryango bimaze gutera intambwe mu bijanye no kwitegurira uwo mupaka rusangi.

Amasezerano y'abayagira kur'urubuga ngurukanabumenyi rwa IWACU

Ivyiyumviro n'ibivugirwa hano ntibitegerezwa kurenga amategeko y'umubano mwiza. Mu bibujijwe kwandikira hano, harimwo amajambo y'amacakubiri afatiye ku bwoko, ibitsina, ukwemera kujanye n'idini, gutyozanya canke gutukana, amajambo ahamagarira gucanamwo, canke aza atanga amakuru ajanye n'ubuzima bwihereranye bwa muntu. Ikibujijwe kandi ni ugukoresha amasanamu canke ivyandikwa vy'abandi udatomoye isoko yavyo.
Iwacu ntizotiriganya mu gufuta icanditswe cose coza kirenga kuri ano masezerano, canke ivyanditswe bisubiwemwo, bitanzwe bitajanye n'inkuru vyandikiweko, bihayagiza ibidandazwa canke bidashingiye ku kwubahana hagati y'abahurira hano. Icanyuma : intererano izogirwa mu ndome nkuru izofutwa vuba.

Kwongerako iciyumviro

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *