Ubworozi bw’inzoka mu Burundi

Ishirahamwe ryitwa SODEVE rifadikanije n’ikigo ndangakaranga c’i Bujumbura, bigiye gushira mu ngiro umugambi wo kworora inzoka zikomorana 1500. Bizotuma bashobora no gukora umuti w’abariwe n’inzoka. – Vyanditswe na Vyizigiro Jimi Erevisi

 Umushakashatsi w’umufaransa Brise ateruye isato  ©Iwacu

Umushakashatsi w’umufaransa Brise ateruye isato ©Iwacu

Ikibazo ca mbere nabajijwe na Giofranco De Matteo umutariyano akaba aserukira ishirahamwe SODEVE carantangaje: «Ukomowe n’inzoka, ikintu ca mbere wokwihutira gukora ni iki ?» mu kumwishura naciye nibuka ivyo batwigishije mw’ishure kuva mu mashure y’intango. Namwishuye nti:  «Noca mfata umugozi nkaboha haruguru y’aho inzoka ihejeje kunkomora. Hanyuma nkaca nja kwa muganga bakamvura. Canke nkaca mbaza uwufise akabuye kirabura kavura ubumara bw’inzoka akantiza nkakishirako gushika ubumara bumpezemwo.»
Brice Rozynski umuhinga, w’umufaransa mu bijanye n’ukworora inzoka, kuzifata hamwe no kuzikuramwo ubwayi, ntiyanyihanganiye yaciye avuga ati: «Karya kabuye kirabura nta co kamaze. Igituma gafata ku mubiri w’uwuhejeje gukomorwa n’inzoka ni kubera amaraso aba avuze. Yumye gaca gakoroka umuntu akibaza ngo yakize. Harya umuntu aba yakomowe n’inzoka itagira ubumara canke ikaba yamukomoye ubwa mbere ata bumara bwinshi ishizemwo kuko iba ikiriko irirwanira, itarabona yuko igeramiwe ngo ikoreshe bwinshi.»
Ati gushika ubu mu Burundi nta muti uvura ubumara uhari, kandi inzoka ifise ubwayi igukomoye ubwirizwa gupfa bitarenze amasaha 4.

Hagiye kwubakwa ikigo corora inzoka

Gianfranco De Matteo hamwe na Brice, bose bo mw’ishirahamwe SODEVE, uyu mwaka baremeza yuko bagomba gushira mu ngiro umugambi wo kwubaka ikigo corora inzoka 1500 i Gitega. Uwo mugambi bazowufadikanya n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu, ubushikiranganji bw’inkino n’imico kama bubicishije ku kigo ndangakaranga c’i Bujumbura hamwe n’ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe amagara y’abantu OMS.
De Mateo ati: «Twashatse gushira ico kigo i Gitega kugirango habe hafi, hagati na hagati mu gihugu, hamwe dushobora gutabara uwukomowe n’inzoka musi y’amasaha abiri. Hazoba hari imodokari zibiri ruseha abaniha zama zirindiye gutabara uwukomowe n’inzoka.»
Banzubaze Kirisitofe arongoye ikigo ndangakaranga c’i Bujumbura ati: «Uwo mugambi uje hageze kuko uzotuma ingenzi ziza hano iwacu ziyongera cane.» De Matteo yabandanije avuga yuko abahinga mu magara y’abantu kw’isi bavuga yuko inzoka zikomora abantu ibihumbi 20 ku mwaka muri Afirika, kandi ata muti uhari. Ico kigo kigiye kwubakwa mu Burundi, kizoba kigira gatatu kw’isi. Ica mbere kiri ku mugabane wa Aziya mu gihugu ca Firipine, ikindi ku mugabane wa Amerika mu gihugu ca Brezire.

Uwo mugambi uje hageze

De Matteo hamwe na Banzubaze baremeza yuko mu bituma Uburundi buronka ingezi nkeyi harimwo kuba budafise umuti uvura ubwayi bw’inzoka, mu gihe dufise ubwoko 13 bw’inzoka zifise ubwayi bukaze. Igituma ni kubera ingenzi nyishi ziba zije kuraba ibikoko biri mu mashamba, hanyuma bagatinya ko bokomorerwayo n’inzoka kandi ata bitaro na bimwe bishobora kubavura.
Ico kigo c’inzoka kizotuma hajaho ikindi gikora ubushakashatsi gikoresheje ubwayi bw’izonzoka, kugira babuhinguremwo imiti ivura indwara nyinshi cane. Uwo mugambi uzotuma kandi hinjizwa amahera atari make mu gihugu, kuko ubwo bwayi abahinga benshi kw’isi baraburondera. Ni co gituma uwo mugambi uzotuma tuvura abarundi ku buntu, kuko igipimo kimwe kigurwa ibihumbi 80 vy’amarundi, kandi umuntu arashobora gukizwa n’ibipimo 20.
Iryo shirahamwe rirafise n’iyindi migambi yo kunagura ikigo ndangkaranga c’i Bujumbura hamwe n’ukwandika igitabo kinini cerekana ibibanza vy’iratiro vyose vyo mu Burundi.

Amasezerano y'abayagira kur'urubuga ngurukanabumenyi rwa IWACU

Ivyiyumviro n'ibivugirwa hano ntibitegerezwa kurenga amategeko y'umubano mwiza. Mu bibujijwe kwandikira hano, harimwo amajambo y'amacakubiri afatiye ku bwoko, ibitsina, ukwemera kujanye n'idini, gutyozanya canke gutukana, amajambo ahamagarira gucanamwo, canke aza atanga amakuru ajanye n'ubuzima bwihereranye bwa muntu. Ikibujijwe kandi ni ugukoresha amasanamu canke ivyandikwa vy'abandi udatomoye isoko yavyo.
Iwacu ntizotiriganya mu gufuta icanditswe cose coza kirenga kuri ano masezerano, canke ivyanditswe bisubiwemwo, bitanzwe bitajanye n'inkuru vyandikiweko, bihayagiza ibidandazwa canke bidashingiye ku kwubahana hagati y'abahurira hano. Icanyuma : intererano izogirwa mu ndome nkuru izofutwa vuba.

Kwongerako iciyumviro

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *