Ubutungane bw’umwana n’ikinono!

Inyuma y’aho parake kizigenza ya Repuburika yakiriye ibirego vy’aho Rwasa Hagato yagirizwa ubwicanyi bwo mu Gatumba, umuvugizi wa sentare ntahinyuzwa avuga ko bagiye kwugurura idosiye y’ivyo birego. – Vyanditswe na Vyizigiro Jimi Erevisi

Rwasa Hagato ariko aratanga ikiganiro kubamenyesha makuru: “ Ni ubutungane bw’umwana n’ikinono” ©Iwacu

Rwasa Hagato ariko aratanga ikiganiro kubamenyesha makuru: “ Ni ubutungane bw’umwana n’ikinono” ©Iwacu

Hari haheze amayinga atatu, Nyarugabo Musa aburanira abanyamurenge bacitse kw’icumu n’ababuze ababo mu bwicanyi bwo mu Gatumba mu 2003, amenyesheje ko azoguma yitwarira abagirizwa ndetse bakaba bariyemereye ubwicanyi bwo mu Gatumba mu 2003. Ivyo bibaye mu gihe igihugu c’Uburundi caciye mu ntambara nyishi kuva cikukira nko 1965, 1969, 1972, 1988, 1993 ndetse n’inyuma yaho nk’ubwicanyi bwabereye i Buta itariki 30 Ndamukiza 1997, aho ubwo bwicanyi bwemanzwe n’uwavugira umuhari warwana Cndd-Fdd Ndiho Yoronimu, ubu akora mu biro vy’umuhuza w’abarundi, i Bugendana itariki 21 Mukakaro 1996, kw’i Taba ndetse n’ahandi henshi kandi bwahitanye isinzi ry’abantu. Abarundi baracahanze amaso ubutungane.
Kw’itariki 12 Nyakanga 2013, umuvugizi wa sentare ntahinyuzwa Bangiricenge Hanyesi, yaramenyesheje ko iyo sentare avugira igiye mu maguru masha kwugurura idosiye yerekeye ubwicanyi bwo mu Gatumba bwagirizwa umuhari Fnl wahoze urongowe na Rwasa Hagato.

Rwasa yaragize ico abivugako…

Kw’igenekerezo rya 13 Nyakanga 2013, Rwasa Hagato yaratanze ikiganiro ku bamenyeshamakuru kugira agire ico avuze ku vyari vyashikirijwe n’umuvugizi wa sentare ntahinyuzwa. Rwasa ati: ”Ubwicanyi bwo mu Gatumba jewe nta ruhara ndabufisemwo. Ivyo ubutungane buriko burakora ndabibonamwo itotezwa ku mvo za poritike. Mw’itegeko nshikiranganji ryo muri Ntwarante 2009, barize amadosiye y’abantu bahaye ubudahangarwa, muri abo ndimwo. Ahubwo ni banyarutse umurwi wo kuvugana ukuri n’ukurekuriranira ujeho hanyuma abaja mu butungane bagende. Ubutungane ntibufate Fnl nkagahabwa ni bufate n’abandi bose baje imbere y’ubutungane.”
Aratangazwa cane n’ingene bashaka kumwitwarira wenyene: “Ni kuki batakoresheje ubwobubasha kuva mu 2008 ndi ngaha i Bujumbura? Kuva Uburundi bwikukira amabi y’agahomerabunwa yarakozwe. Siniyumvira yuko Reta ikunda cane abo banyamurenge gusumba isinzi ry’abarundi ryabonye amakuba kuva mu 1965, 1972, 1988, 1993. Sinanka kwitaba ubutungane ariko ni ubutungane bw’umwana n’ikinono. Hari abari mu butegetsi uno musi bafise vyinshi bagirizwa, ariko ntawubakomakoma. Ntibera kandi umusi umwe ukuri kubwirizwa kuja ahabona.”
Rwasa yaramenyesheje yuko ubutegetsi bubwiriza kwugurura inzira bukagabanya imitego. Abarundi bose bashaka kwitura ubutungane bakabikora. Yemeza kandi ko hakwiye kubanza gushingwa umurwi w’abahinga mvamakungu kugira batohoze ku vyaha vyakozwe mu gihe c’intambara.

Ntiyahavuye yoroherezwa…

Igihe c’isaha zitatu n’igice ni ho umurwi w’abaporisi bashika 50 harimwo n’intwazangabo 7, binjira mu rugo kwa Rwasa bamutegeka guhagarika ico kiganiro bamwagiriza ko kidaciye mu mategeko. Umuvugizi wa Rwasa ati: ”Twagumye twumva abamenyeshamakuru baturondera ngo tugire ico dushikirije, hama duca tubabwira ko boza tukabishurira hamwe kandi rimwe na rimwe.” Abo baporisi ntibashizwe, baciye basaba abamenyeshamakuru gukinjura na bo baranka. Isaha icenda z’umuhingamo ni ho abamenyeshamakuru bahava ariko abaporisi bagumaho. Abaporisi bagiye kugabanuka ku musi w’Imana itariki 15 Nyakanga.

Umutahe woba warasohotse?

Kw’itariki 15 Nyakanga 2013, igihe c’isaha 12 n’iminuta 40 z’umugoroba, abaporisi bari bakikuje urugo rwa Rwasa baciye batangura kugenda umwumwe, gushika aho hasigara abaporisi babiri. Umuvugizi wa Rwasa Hagato yaciye amenyesha ko kuva isaha umunani z’umuhingamo, vyavugwa ko umutahe woba wari wamaze gusohoka kandi ko ushobora gushikira Rwasa umwanya uwo ari wo wose. Ariko amakuru ava mu begereye inzego z’ubutungane amenyesha ko hakiri impari nyishi hagati y’abashigikiye ko umutahe usohoka n’abatabishigikiye.
Rwasa we amenyesha ko ivyo bazogira vyose atazosubira guhunga: “Naje kugira nkorere igihugu canje naho ubutegetsi atako butagira ngo bumbuze gukora ivya poritike.”

Amasezerano y'abayagira kur'urubuga ngurukanabumenyi rwa IWACU

Ivyiyumviro n'ibivugirwa hano ntibitegerezwa kurenga amategeko y'umubano mwiza. Mu bibujijwe kwandikira hano, harimwo amajambo y'amacakubiri afatiye ku bwoko, ibitsina, ukwemera kujanye n'idini, gutyozanya canke gutukana, amajambo ahamagarira gucanamwo, canke aza atanga amakuru ajanye n'ubuzima bwihereranye bwa muntu. Ikibujijwe kandi ni ugukoresha amasanamu canke ivyandikwa vy'abandi udatomoye isoko yavyo.
Iwacu ntizotiriganya mu gufuta icanditswe cose coza kirenga kuri ano masezerano, canke ivyanditswe bisubiwemwo, bitanzwe bitajanye n'inkuru vyandikiweko, bihayagiza ibidandazwa canke bidashingiye ku kwubahana hagati y'abahurira hano. Icanyuma : intererano izogirwa mu ndome nkuru izofutwa vuba.

Kwongerako iciyumviro

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *