Ubutungane bw’i Ngozi: «Idosiye iteye isoni!»

Abacamanza batatu bo muri sentare nkuru ya Ngozi barungitswe gukorera ahandi. Bagirizwa kumena ibanga mu kuvuga ivyavuye mu mwiherero urubanza rutarasomwa. – Vyanditswe na Bukeyeneza Arumeri-Jiriberi

Ikibanza kirimwo sentare nkuru ya Ngozi ©Iwacu

Ikibanza kirimwo sentare nkuru ya Ngozi ©Iwacu

Idosiye ya Nshimirimana Dezire iravugwa cane i Ngozi.Abacamanza bari bashavuye bati ni “idosiye iteye isoni”. Intandaro ya vyose ni ivyashitse ku wa 8 Nzero muri sentare nkuru ya Ngozi, buca basoma urubanza rw’umumenyeshamakuru w’ikinyamakuru Syfia Grands Lacs, asanzwe apfungiwe mw’ibohero rya Ngozi, na mwenewabo Mariko, baturuka i Mwumba. Abacamanza bari muri urwo rubanza bavuga ko mw’ijoro ryo ku wa 7 Nzero amaterefone yanyuragiranwa, ava ku mukuru wa sentare isubiramwo imanza Bayagwize Fabirisi. Niyonzima Fabiyora na Manirambona Deziderata baritavye, ariko ngendahoruri Mediyatirisi terefone yiwe ntiyafata. Babwirwa kuzindukira ku biro vyiwe, ariko hagamburutse abo bitavye terefone gusa.

Baratangaye!

“Tubwire ingene urubanza rutarasomwa urusanga mw’ibarabara?” Ni co kibazo uwo mucamanza yabanje kubaza abo bitavye. Barakangutse, bararabana barabura ico bavuga barumirwa. Arongera arababaza ati mbwire ingene urubanza rutarasomwa rwacitse ururirimbo hose? Yagumye abasaba ko bomwishura kuko ata mwanya afise yagomba kwimanukira i Bujumbura. Umwe yarishuye mu gihe uwundi aciyumvira ico avuga: “Ni nde yamenye iryo banga? Ni abagize intahe bose? Tubwire icavuye mu matohoza wagize: ni nde babibwiye ngo aze kuvyemeza?” Aho rero baciye bahangana. Uwo mukuru wa sentare yaciye akara abasaba ko bokwitonda bakubaha ababakurira. Yaciye abasaba ko hosubira kwugururwa iyo dosiye kugira Pasikari aze gusura, na bo baranka. Uwo Pasikari avukana na Nshimirimana Dezire, aba mu Rwanda kandi yoza kwagiriza mwenewabo. Umwe muri abo bacamanza avuga yuko uwo Pasikari yari yaravuzwe mu mburano zo ku wa 9 Kigarama. Ati twarabajije abari aho ko yorengutswa barahakana. Uwo mubonano wabo waheze ataco bashitseko, baca bigira mu biro vyabo. Haheze akanya gato bagiye babona umugerefiye ashika, ati “Mediyatirisi, bantumye iyo dosiye.” Abajije igituma yamwishuye ati: “Si bwo bwa mbere umbonye ngaha nje kugusaba idosiye y’urubanza rutarasomwa?” Amubajije uwabimubwiye yamwishuye ko bitamuraba, aca arisohokera. Inyuma y’iminota 30, umushikirizamanza mukuru w’i Ngozi yaciye yinjira. Yabasavye na we nyene gusubira kwugurura ya dosiye, baranka mu rupfasoni. Babonye bikomeye baragize ubwoba.

Vyahavuye bikomera

Isaha zitatu babonye imitahe y’umushikirizamanza mukuru w’i Ngozi, ibatumako muri sentare isubiramwo imanza ya Ngozi ngo basigure igituma bavuze ivyavuye mu mwihwezo urubanza rutarasomwa. Isaha zine hashitse icariho c’umushingwamanza arashika ahamagara Mediyatirisi, umukuru w’intahe. Yashaka kumwaka ya dosiye ariko aranka, umushirizamanza amaze kubimenyeshwa yaciye asaba ko izo ntagondwa zisubira iwe. Abandi bacamanza babibonye baciye babaherekeza mu kubashigikira. Ni ho icegera c’umushikirizamanza yahitamwo kuja kubasaka mu biro vyabo, akavuga yuko itegeko ribimurekurira. Ntivyamworoheye kuko idosiye yari yaranyegejwe. Ariko Mediyatirisi yanse kwagirizwa kuyinyegeza, yaciye ayibarangira.

Baciye bahindurirwa aho bakora

Umurango wo ku wa 8 Nzero wababanye muremure, ariko bukeye bagize ubwoba busumbirije. Bukeye basubiye kurenguka ku mushikirizamanza mukuru. Bakiriwe n’inkuru mbi ivuga yuko hari amakete abiri yasohotse yasinywe n’umushikiranganji w’ubutungane ubwiwe. Ngendahoruri Mediyatirisi yimuriwe i Muyinga mu gihe Manirambona Deziderata bamushize mu Kirundo. Kugera ico gihe Niyonzima Fabiyora ntaco avugwako, igituma nta wukizi. Bukeye yagiye abona ikete barimusanza ku meza aho ashashe mu ntahe y’icese. Yasanze ari ikete rimusaba kwisigura co kimwe n’abo bagenziwe batakiri muri sentare nkuru ya Ngozi. Hakurikiye inama y’abacamanza yagirishijwe n’umukuru wa sentare isubiramwo imanza. Ati: “Ubwo si bwo bwigenge bw’ubucamanza. Ubwanyu ni ubwo ku munwa. Twese turafise abadukurira kandi twubaha tukubahiriza.” Abo bacamanza bavuze ko ari inama y’iterabwoba kuko Bayagwize Fabirisi yari aje abakarira. Amajambo yiwe y’iterabwoba yatumye bamwe mu bakenyezi bari aho bakorora amosozi. Vyari bigoye kubaza n’ikibazo. Munyembari Yohani Petero, arongoye sendika y’abacamanza muri ako karere, yaradugije urutoke ngo ahakane ubwo buryo bwo gutera ubwoba. Aho yari yikwegeye kuko ku wa 13 Nzero yaronse ikete rimwimurira mu Cankuzo.

Ntibitahuritse

Ikete ryimura Munyembari Yohani Petero ©Iwacu

Ikete ryimura Munyembari Yohani Petero ©Iwacu

Ibibazo vyarabaye vyinshi. Ubwa mbere abacamanza babiri barengutse mu biro vy’umukuru wa sentare isubiramwo imanza ku wa 8 Nzero, bagirizwa kuvuga ivyavugiwe mu mwiherero urubanza rutarasomwa. Ku makete yo kwisigura barungikiwe inyuma y’imisi ibiri, ibirego ntivyari ivyo. Kutavugisha ukuri. Benshi bavuga yuko Bayagwize yashaka kubatega umutego. Ubwa kabiri, kuki Ngendahoruri Mediyatirisi atari yitavye uwo mubonano yahawe ikete ryo kwisigura nk’abandi? Ikindi ni uko amakete yo kubahindurira aho bakorera yashitse itariki 9, vyumvikana yuko abo babiri batari bagitwarwa muri sentare nkuru ya Ngozi. Ikibazo: “Sentare nkuru ya Ngozi yandika amakete yo gusaba insiguro itariki 10 ku bantu itagikoresha ka buki?”, ivyo ni vyo abantu benshi bibaza.

Baragerageza gutanga inyishu

Ku vyerekeye uko kwimurirwa ahandi, Niyonkuru Anonsiyata arongoye sentare nkuru, aragerageza kubisigura: “Ntaco tubiziko. Ngirango vyarahuriranye. Umushikiranganji ntabwirizwa kwisigura ku bibazo vy’abajanwa ahandi.” Ivyo biremezwa kandi n’umushingwamanza mukuru muri iyo ntara. Kuba ari mutego Bayagwize yateze abo bacamanza, inyishu ni iyi: “Ntiyari kubwira ibiri muri dosiye umukuru wa sentare isubiramwo imanza. Kirazira kandi arabizi neza.” Na yo ku bijanye n’amazina y’ababwiwe ibiri muri dosiye atavuzwe, umushikirizamanza mukuru yishura yuko uwurongoye sentare nkuru yashatse kubakingira.
Nta wari kwibaza ingene urubanza rw’itongo hagati y’abavukana rwari gutuma abacamanza baruburanishije bacanamwo. Amakuru ava muri sentare nkuru ya Ngozi, sentare yoba yambitse izera Nshimirimana yagirizwa, kuko habuze ivyabona. Ayandi makuru ava muri bene amatati avuga yuko Mariko yoba ari umugenzi w’umuryango w’umukuru w’igihugu kuva kera, basanzwe bava ku mutumba umwe. Ariko gushika ubu nta sano riboneka riri hagati yavyo.

Amasezerano y'abayagira kur'urubuga ngurukanabumenyi rwa IWACU

Ivyiyumviro n'ibivugirwa hano ntibitegerezwa kurenga amategeko y'umubano mwiza. Mu bibujijwe kwandikira hano, harimwo amajambo y'amacakubiri afatiye ku bwoko, ibitsina, ukwemera kujanye n'idini, gutyozanya canke gutukana, amajambo ahamagarira gucanamwo, canke aza atanga amakuru ajanye n'ubuzima bwihereranye bwa muntu. Ikibujijwe kandi ni ugukoresha amasanamu canke ivyandikwa vy'abandi udatomoye isoko yavyo.
Iwacu ntizotiriganya mu gufuta icanditswe cose coza kirenga kuri ano masezerano, canke ivyanditswe bisubiwemwo, bitanzwe bitajanye n'inkuru vyandikiweko, bihayagiza ibidandazwa canke bidashingiye ku kwubahana hagati y'abahurira hano. Icanyuma : intererano izogirwa mu ndome nkuru izofutwa vuba.

Kwongerako iciyumviro

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *