Uburenganzira bwo guserura ivyiyumviro burageramiwe

Umukuru w’igisagara ca Bujumbura aheruka kubuza inama y’abashingwamanza. Imbere yaho abadasigana bankiwe kugira inama yabo. Sinduhije yarabujijwe kugirisha inama abanywanyi biwe i Bugendana. – Vyanditswe na Vyizigiro Jimi Erevisi

Me Sinarinzi

Sinarinzi Gaburiyeri, umukuru mfatakibanza w’urwego rw’abashingwamanza b’i Bujumbura ©Iwacu

Bamwe n’abandi uyu musi baravuga yuko uburenganzira bwo guserura ivyiyumviro biciye mu manama buriko burapfunywa. Amategeko yoyo ari mu Burundi aremera yuko inama zirekuwe kuba ku mugaragaro iyo abazigirisha babisabiye impusha.
Uburorero si buke. Ku musi w’Imana uheze abadasigana barakubaguwe. Ivyo bikaba vyabaye mu gihe abo badasigana bari baje gushiraho inzego nk’uko babisabwe na komite nkuru y’umugambwe yo mu mwaka w’2009 ngo isubizeho inzego. Ivyo rero ntivyabaye bigikunda ko izo nzego zikoranira aho ku Mugumya kuko abaporisi bari bameze magabo, ndetse n’imitahe yo guhagarika bamwe muri bo. Aho havurwa nk’umushingamateka Karori Nditije hamwe na Ngayimpenga Varisito. Sibomana Tasiyano, umwe mu badasigana bariko barafasha mu mugambi wo gusubiza hamwe we, akaba yahagaritswe n’uwujejwe igiporisi mu gisagara ca Bujumbura.
Umukuru w’igisagara ca Bujumbura Juma Sayidi, ari kumwe n’abaporisi babujije uruganda rwari rwatunganijwe n’urwego rw’abashingwamanza b’i Bujumbura, mu gatondo ko kuri uyu wa kabiri. Muri urwo rwego baratangazwa n’ukwo kuburabuza ibikorwa vyabo kandi urwo ruganda bari barumenyesheje mu rwandiko barungikiye umukuru w’igisagara ca Bujumbura imbere y’igihe.
Urwo ruganda rwari rwatunganijwe n’urwego rw’abashingwamanza b’i Bujumbura, rwari urwo kwigira hamwe ibijanye n’akarangamutima k’umwuga w’abashingwamanza hamwe n’uguhanahana ivyiyumviro ku kugene imanza zishingishwa ku rwego mpuza makungu. Mu gihe bagira batangure iyo nama, umukuru w’igisagara ca Bujumbura yabamenyesheje ko badafise uburenganzira bwo kugira iyo nama.

Sinarinzi asaba reta kuvavanura n’agatima k’urwanko

Umushingwamanza Sinarinzi Gaburiyeri arongoye vy’imfatakibanza urwo rwego aratangazwa n’iyo ngingo yafashwe n’umukuru w’igisagara ca Bujumbura. Ku bwiwe, asigura ko bari bandikiye umukuru w’igisagara bamumenyesha ko bafise iyo nama, iyo aba adashaka ko bayitunganya yari bukishura akabahakanira hakiri kare. Umushingwamanza Sinarinzi amenyesha ahubwo ko ari ugushaka kunigira mu menshi urwego rw’abashingwamanza bo mu Burundi, babahora ko badahengeshanya kuvuga ibitagenda neza mu gihugu.
Umukuru w’urwo rwego, asaba ko reta n’abandi bategeka bovavanura n’agatima k’urwanko, mu kwitaho gutwarira bose, kuko ari vyo biranga intwaro rusangi. Kuva sentare ifashe ingingo yo kwirukana burundu umushingwamanza Rufyikiri Zidori mu rwego rw’abashingwamanza bo mu Burundi, rigize kabiri mu ndwi zibiri nyene, abaporisi baburabuza ibikorwa vy’urwo rwego. Mwomenya yuko ku musi wa kabiri igenekerezo rya 4 Ruhuhuma 2014, ku mvo batamenyeshejwe, abagize urwego rw’abashingwamanza bo mu Burundi barabujijwe gutunganya inama ya bose bari bategekanije.
Kw’igenekerezo rya 18 Ruhuhuma, umukuru w’umugambwe Msd Sinduhije Regisi yarabujijwe kugirisha inama. Hari mu ntara ya Gitega, aho uwo mukuru w’umugambwe yashaka kugirana inama n’abanywanyi biwe kugira basubizeho inzego z’ubuserukizi bw’uyo mugambwe muri iyo komine.

Amasezerano y'abayagira kur'urubuga ngurukanabumenyi rwa IWACU

Ivyiyumviro n'ibivugirwa hano ntibitegerezwa kurenga amategeko y'umubano mwiza. Mu bibujijwe kwandikira hano, harimwo amajambo y'amacakubiri afatiye ku bwoko, ibitsina, ukwemera kujanye n'idini, gutyozanya canke gutukana, amajambo ahamagarira gucanamwo, canke aza atanga amakuru ajanye n'ubuzima bwihereranye bwa muntu. Ikibujijwe kandi ni ugukoresha amasanamu canke ivyandikwa vy'abandi udatomoye isoko yavyo.
Iwacu ntizotiriganya mu gufuta icanditswe cose coza kirenga kuri ano masezerano, canke ivyanditswe bisubiwemwo, bitanzwe bitajanye n'inkuru vyandikiweko, bihayagiza ibidandazwa canke bidashingiye ku kwubahana hagati y'abahurira hano. Icanyuma : intererano izogirwa mu ndome nkuru izofutwa vuba.

Kwongerako iciyumviro

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *