Ubukene bw’amazi bubageze habi

Abanyagihugu bo ku mutumba wa Bwoga muri komine ya Gitega bamaze amezi arenga 4 ata mazi y’amabombo bafise.Batinya indwara zishobora kwaduka ziturutse kw’isuku rike.Vyanditswe Ndayisenga Farasisiko

Ivomo ryakamye ry'i Bwoga ryakamye  ©Iwacu

Ivomo ryakamye ry’i Bwoga ryakamye ©Iwacu

“Mu bisanzwe Regideso yopfuma ifata karatiye kuri karatiye kurya ibigenza ku muyagankuba.Bagapfuma baraba ukuntu bamwe bayabaha kuri aya masaha ,abandi kuri aya.”Bivugwa na Barekensabe Diyego Pacisi wo kuri uyo mutumba nyene agerageza kwiyumvira umuti kuri iyo ngorane y’amazi. Aha agafatira ku bivugwa ko ayo mazi yoba asanzwe akenye muri rusangi mu gisagara ca Gitega no mu micungararo yaco. Arongera ati: »Ni barabe ukuntu twoza turayagabura ,utwo duke tudusangire twese. »

Inyasi wewe, hambavu yo kubura amazi nk’abandi aranababazwa n’amafaranga yiwe yaguze ca cuma cerekana amazi umuntu akoresheje, benshi bita ikonteri. Agira ati: »Nka jewe natanze amafaranga yanje nuguruza ikonteri y’amazi none kugeza uyu munsi n’amezi angahe araheze ata muntu ayavoma. » Mbere agashavu karanamurenga akavuga ko ayo mabombo yopfuma yugarwa. Agira ati: »Nimba bidashoboka ko Regideso iduha amazi nipfume yugara amabombo yayo tuvome ku migezi aho twamye tuvoma. »

N’abisiramu basanzwe bakoranira ku musigiti w’aho i Bwoga,barababazwa n’ubwo bukene bw’amazi .Mu gihe bagira ngo bagiye kworoherwa kuko bakwegesheje amazi ku musigiti wabo,ubu barabura ico barushije abandi.Umwe wo muri bo twaganiriye,agashavu ni kenshi mbere agasa n’uwutacizera Rejidezo.Agira ati: »Ivyo ari vyo vyose sinumva ico Rejidezo iriko irakora. ».Arongera akababazwa n’ukubona iyo amazi aramutse aza ahengera mw’ijoro ry’umuniha.Agira ati : »Iyo aje ,aza mw’ijoro nk’isaha icenda.None ngaho hari ico uba ukiyakeneyeko? »
Ndereyimana Serafina asanzwe afise uburiro kuri uwo mutumba na we nyene ntiyorohewe.Agira ati: »Ntitworohewe kuko nkubu nariko ndakorera mu buriro none ndugaye ,ndahevye, kw’ibarabara nagura ibido ku mafaranga 50 none ubu ndayigura 300. »

Indwara ziva kw’isuku rike zishobora kudodora vuba

Ku bwa Barekensabe Diyego Pacisi izo ndwara zishora guhera cane cane mu bafise utuzu twa Surwumwe mu nzu. Agira ati: »Nk’aha muri Bwoga ya mbere, hari abantu bafise utuzu twa Sugumwe mu mazu. Uca usanga ata suku. Ni rimwe indwara zikahacumbika. » Yamara rero n’abaja mu buriro bw’aho i Bwoga canke abihereza akanyama ko mu birabo vy’aho nyene, umucafu ntusiba utabakwegeye kuko warahiraye. N’aha nyene Diyego Pacisi arabitwiganira.Agira ati: »Nko mu buriro umuntu aca afata isahani ,akayoza gatatu mu mazi amwe. Nimba ari nk’uwogoroza inyama mu bunywero na we nyene aca akoresha utuzi dukeyi. »

Ibikorwa vyo kw’ishure rikuru E.T.P bica bihungabana

Iryo shure ry’ibikorwa vya Reta bita E.T.P risanzwe riri kuri uwo mutumba wa Bwoga na ryo nyene ntiryazigurijwe n’ubwo bukene.Umunyabigega kuri iryo shure yabitwiganiye, amenyesha ko imodokari y’ishure ari yo ica ikora igikorwa co kuvoma, aha naho igitoro gikoreshwa kikaba ari umurengera. Avuga ko hakoreshwa iritiro 20mu misi ibiri ku bw’ico gikorwa. Na yo kugenzura uruja n’uruza rw’abanyeshure bisigaye bitoroshe kuko ari bo baja kwivomera ayo bakoresha mu kwoga canke kumesa. Eka n’ivyigwa ntibiheza ngo bibe bicorohera abo barerwa kuko ku muhingamo basubira mw’ishure barushe. Ivyo na vyo bikava ku kuntu akaruhuko ari ko baheza bagafata mu kuja kuvoma mu migezi isanzwe itari na hagufi.
Mwomenya ko ubwo bukene bw’amazi bunarangwa no mu gisagara ca Gitega, na cane cane mu makaratiye mashasha.

Amasezerano y'abayagira kur'urubuga ngurukanabumenyi rwa IWACU

Ivyiyumviro n'ibivugirwa hano ntibitegerezwa kurenga amategeko y'umubano mwiza. Mu bibujijwe kwandikira hano, harimwo amajambo y'amacakubiri afatiye ku bwoko, ibitsina, ukwemera kujanye n'idini, gutyozanya canke gutukana, amajambo ahamagarira gucanamwo, canke aza atanga amakuru ajanye n'ubuzima bwihereranye bwa muntu. Ikibujijwe kandi ni ugukoresha amasanamu canke ivyandikwa vy'abandi udatomoye isoko yavyo.
Iwacu ntizotiriganya mu gufuta icanditswe cose coza kirenga kuri ano masezerano, canke ivyanditswe bisubiwemwo, bitanzwe bitajanye n'inkuru vyandikiweko, bihayagiza ibidandazwa canke bidashingiye ku kwubahana hagati y'abahurira hano. Icanyuma : intererano izogirwa mu ndome nkuru izofutwa vuba.

Kwongerako iciyumviro

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *