Ubuhinga bwo gutumatumanako buracakenye

Kuva muri Mukakaro 2014, abakozi b’ibigo vyegeranya amakori vyo muri Afrika y’ubuseruko bakorera hamwe ngo borohereze urudandazwa muri uwo muryango. Naho hakiri ivyokwongerezwa, akarere k’umupaka rusangi ni ngirakamaro.-Vyanditswe na Uwimana Diyane

Nsabimana Aimable: «Ntibitworohera guhanahana ibiharuro» ©Iwacu

Nsabimana Aimable: «Ntibitworohera guhanahana ibiharuro» ©Iwacu

«Kuva hatanguye gukoreshwa akarere k’umupaka rusangi, ibidandazwa bija muri ibi bihugu biharurirwa bikiri ku kivuko ca Dar-Es-Salaam», bivugwa na Leah Skauki, akorera ikigo cegeranya amakori ca Tanzaniya(TRA). Ati ibidandazwa bimaze guharurirwa, bikarihirwa, ico kigo TRA gica gisuzuma ivyo bidandazwa kigatanga n’uburenganzira bwo kubisohora. Arongera ati: «Igitigiri c’iminzani ipima imiduga n’amabariyeri vyaragabanuwe kuko abatwara ibidandazwa berekana urukaratasi rwemeza ko ibidandazwa vyasuzumwe.»
Umwe mu basuzumisha ibidandazwa twasanze ku kivuko ca Dar-Es-Salaam aravyemeza. Ati kuva akarere k’umupaka rusangi kagiyeho ico kivuko caciye kiba n’aho ibidandazwa bica vyirenganira. Ngo ivyo basuzuma vyose babikorera ngaho bakanahatangira urukaratasi rwo gusohora ibidandazwa. Ngo nta rukaratasi rw’uburenganzira bwo kujabuka imbibe z’ibihugu bagisabwa.

Umwanya ni amafaranga

«Amakamyo ntagiteba hano kuva ubu buryo butanguye. Iyo bahejeje guharura ibidandazwa birishwa rimwe gusa. Ubwo buryo butuma abarangura ibidandazwa bunguka umwanya n’amafaranga», vyemezwa na Skauki.
Massoundi Muhamed Ben Ali, umuyobozi ajejwe abakozi, ivyinjira n’ibisohoka muri Bakhresa Gain Milling Burundi, avuga ko akarere k’umupaka rusangi gafise akamaro gaharurwa mu mwanya n’amafaranga. Ati imbere yaho binjiza amakamyo 40 y’ingano kandi ngo barinda guharuza ikamyo imwe imwe ku mipaka itandukanye. Ariko ubu ngo biharurirwa hamwe kandi bigasuzumishwa n’umwe. Amenyesha kandi ko ukwikwega kwahora kwibonekeza ku mipaka itandukanye kwatuma basohora amafaranga menshi. Aha avuga n’amafaranga y’impamba batekerera abashoferi b’ayo makamyo aca agabanuka.
Ku ruhande rw’abasuzumisha ibidandazwa, bavuga yuko igitigiri c’ibisuzumishwa cagabanutse kuko batakija barasuzumisha uko bashikiriye umupaka.

«Tubwirizwa gusohora inkaratasi »

Niyonzima Rehonsiyo: «Hariho umurwi w’ubuhinga ujejwe kubikwirikirana »  ©Iwacu

Niyonzima Rehonsiyo: «Hariho umurwi w’ubuhinga ujejwe kubikwirikirana » ©Iwacu

Nsabimana Aimable ajejwe akarere k’umupaka rusangi i Dar-Es-Salaam ku ruhande rwa OBR, avuga yuko ibikorwa bitahindutse naho hakoreshwa akarere k’umupaka rusangi ku bidandazwa bimwe bimwe. Ngo ubuhinga bwo guhanahana amakuru bakoresha buratandukanye uko bivana n’ibihugu. Uburundi n’Urwanda bikoresha uburyo bwitwa Asycuda Word mu gihe Tanzaniya ikoresha Tancis Kenya na yo Simba. Aho rero ngo ntiborohera guhanahana ibiharuro. Ati tubwirizwa gusohora inkaratasi kugira dushobore guhinyuza. Nsabimana akabona ko hari hakwiye uburyo bwo guhanahana amakuru bahuriyeko bose kugira vyorohe gusuzuma ibidandazwa bongere bakinge urudandazwa rwa magendo.
F.F., umwe mu bafasha abadandaza gusuzumisha ibidandazwa i Dar-Es-Salaam, agira ati iyo haba uburyo bwo guhanahana amakuru, Abatanzaniya vyoboroheye kubona ibiharuro vy’Abarundi n’abandi bikaborohera kubona ivy’Abatanzaniya.

Leah Skauki amenyesha yuko iyo ngorane bayizi kandi ko bariko barayitorera umuti.
Niyonzima Rehonsiyo, wo muri OBR ajejwe imigambi n’itunganywa ryayo mu karere k’umupaka rusangi, avuga yuko uburyo bwo guhanahana amakuru bwatevye kandi ivyo guhanahana inkaratasi biteba. Amenyesha ko mu migambi ibihugu vyose vy’uyu muryango vyabwirizwa uburyo bwo guhanahana amakuru kugera mu mpera za Ruheshi, ariko ngo Uburundi na Tanzaniya vyatevye kuvyubahiriza. Ngo hari umurwi w’ubuhinga ujejwe kubikwirikirana uzotanga icegeranyo mu mpera z’uyu mwaka. Ngo ishirahamwe TradeMark ryaratanze amafaranga y’Abanyamerika ibihumbi 450 yo gufasha muri uwo mugambi.

Amasezerano y'abayagira kur'urubuga ngurukanabumenyi rwa IWACU

Ivyiyumviro n'ibivugirwa hano ntibitegerezwa kurenga amategeko y'umubano mwiza. Mu bibujijwe kwandikira hano, harimwo amajambo y'amacakubiri afatiye ku bwoko, ibitsina, ukwemera kujanye n'idini, gutyozanya canke gutukana, amajambo ahamagarira gucanamwo, canke aza atanga amakuru ajanye n'ubuzima bwihereranye bwa muntu. Ikibujijwe kandi ni ugukoresha amasanamu canke ivyandikwa vy'abandi udatomoye isoko yavyo.
Iwacu ntizotiriganya mu gufuta icanditswe cose coza kirenga kuri ano masezerano, canke ivyanditswe bisubiwemwo, bitanzwe bitajanye n'inkuru vyandikiweko, bihayagiza ibidandazwa canke bidashingiye ku kwubahana hagati y'abahurira hano. Icanyuma : intererano izogirwa mu ndome nkuru izofutwa vuba.

Kwongerako iciyumviro

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *