Sinduhije Regisi yoba aronderwa hasi hejuru?

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu yaragabishije umugambwe Msd ko ushobora gufatirwa ibihano ugahagarikwa amezi 6, canke ugafutwa burundu. Yoba Sinduhije na we yaramaze gutangirizwa hose. – Vyanditswe na Vyizigiro Jimi Erevisi

urugamba

Urwaruka ruriko rutana mu mitwe n’igiporisi ku ngoro ya Msd ©Iwacu

Inyuma yaho habereye imishamirano hagati y’urwaruka rwa Msd n’inyamiramabi, ku ngoro y’umugamwe MSD, ibintu ntivyahavuye vyoroha. Abanywanyi b’uwo mugambwe bashika 70 barinjijwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba. Igiteye umutima uhagaze abantu ni uko abafatwa bose bataba bari mu migumuko yabaye ku wa gatandatu.
Abagirizwa ko boba barafashije Sinduhije Regisi na bo nyene baratawe mu mvuto. Aho twotanga akarorero ku witwa Matuturu Kirisiyano yahavuye arekurwa ku musi wa kane. Ntawokwibagira kuvuga abaforoma bo ku bitaro vyitiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore bahohotewe n’igiporisi bazira ko umwe mu rwaruka rwa Msd bariko baravura yatorotse.

Umugambwe Msd ushobora gufutwa…

Nduwimana Duwarudo yamenyesheje ko ingingo ya 62 y’itegeko rigenga imigambwe ishobora gushirwa mu ngiro. Iyo ngigo ivuga ko mu gihe bigaragaye ko umugambwe uriko ushira imbere ubugizi bwa nabi, amategeko arategekanya ko uhagarikwa amezi atandatu, canke bakawufuta burundu mu migambwe yemewe n’amategeko.
Ku bw’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, ivyakozwe na Sinduhije ku musi wa gatandatu vyerekanye ko hari abanyeporitike bagishira imbere imigumuko n’uguhamagarira abanywanyi babo mu midugararo. Uwo mushikiranganji yamenyesheje ko arindiriye icegeranyo kizotangwa n’abajejwe umutekano, akaba ari ho azoshira ahabona ibihano vyafatiwe umugambwe Msd.

Umutahe uhagarika Sinduhije warasohotse

Mu ntureka zabaye ku ngoro y’umugambwe Msd, urwaruka rwari ruhari rwaracakiye abaporisi babibiri bafise n’inkoho zabo hamwe n’icuma co gutumatumanako amakuru. Naho mu nyuma izo nkoho zahavuye zisubizwa bifashijwemwo na Mbonimpa Petero Karaveri w’ishirahamwe APRODH, icuka cagumye kiba nabi. Abaporisi bari aho babonye ko basuzuguwe baciye bihuta gufata ingingo yo gukoresha inkoho.
Naho abaporisi basanze Sinduhije yakuye meza, sentare ntahinyuzwa yamaze kumenyesha ko yasohoye umutahe wo guhagarika umukuru w’umugambwe Msd, Sinduhije Regisi. Bangiricenge Hanyesi, umuvugizi wa sentare ntahinyuzwa, avuga ko Sinduhije Regisi akurikiranwako ivyaha vyo kugumuka, gutukana hamwe n’ugusuzugura abategetsi b’igihugu c’Uburundi.
Kuva ku musi wagatatu, inkuru zitandukanye zemeza yuko uretse ko aguma aronderwa mu gisagara ca Bujumbura, igiporisi caramaze gutangiriza ku mbibe ngo ntabacane umutaru.
Ivyo bibaye mu gihe abanyeporitike batavuga rumwe n’ubutegetsi bari barahunze igihugu, baheruka gutahuka bisabwe n’amakungu. Ayo makungu nyene n’ubu ariko asaba abarundi kwicara bakaganira aho gushira imbere igikenye. Ishirahamwe rya Buraya hamwe n’abanyamerika bakaba bamaze kwiyamiriza ingendo yo gukoresha indwano mu gutorera umuti ingora ziri mu Burundi.

Amasezerano y'abayagira kur'urubuga ngurukanabumenyi rwa IWACU

Ivyiyumviro n'ibivugirwa hano ntibitegerezwa kurenga amategeko y'umubano mwiza. Mu bibujijwe kwandikira hano, harimwo amajambo y'amacakubiri afatiye ku bwoko, ibitsina, ukwemera kujanye n'idini, gutyozanya canke gutukana, amajambo ahamagarira gucanamwo, canke aza atanga amakuru ajanye n'ubuzima bwihereranye bwa muntu. Ikibujijwe kandi ni ugukoresha amasanamu canke ivyandikwa vy'abandi udatomoye isoko yavyo.
Iwacu ntizotiriganya mu gufuta icanditswe cose coza kirenga kuri ano masezerano, canke ivyanditswe bisubiwemwo, bitanzwe bitajanye n'inkuru vyandikiweko, bihayagiza ibidandazwa canke bidashingiye ku kwubahana hagati y'abahurira hano. Icanyuma : intererano izogirwa mu ndome nkuru izofutwa vuba.

Kwongerako iciyumviro

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *