Rwoba ari urubanza rwa ngondagonde?

Urubanza rw’abantu 70 bafashwe mu migumuko yabaye hagati y’abaporisi n’urwaruka rwa Msd rwasubiriye kwumvirizwa muri sentare rubamba. Ku bafashwe 70, abagera kuri 48 ntibashoboye kuburana ariko basabiwe igihano c’umunyororo wo guherayo. – Vyanditswe na Vyizigiro Jimi Erevisi

 Urwaruka 69 muri 70 ruri imbere ya sentare rubamba muri parake y’igisagara ca Bujumbura. ©Iwacu

Urwaruka 69 muri 70 ruri imbere ya sentare rubamba muri parake y’igisagara ca Bujumbura. ©Iwacu

Isaha zitatu, imbohe zari zishikanywe muri sentare. Urwaruka ruboneka ko ruri muri Msd rwaguma rutera intege abaje kurenguka. Abandi na bo babazanira utwo gufungura nk’amandazi n’amazi. Bababwira bati: « Komera kw’ibanga nta mvura idahita.»
Isaha zine, abashingwamanza bashikiye mu kanama, imbere yuko umwe wese muri bo yihereranya uwo aburanira. Abagize sentare uko bari batanu bagiye kuhashika igihe c’isaha zine n’iminota 46.
Inyuma y’ ibibazo vy’intangamarara, imbere y’uko abacamanza batangura idondora ry’abapfunzwe, abashingwamanza b’izo mbohe basavye ko bohabwa umwanya ukwiye wo gusoma ivyo abo baburanira bagirizwa, kandi ko sentare yotandukanya mu mirwi abo bafashwe. Babandanije ko naho bose batafatiwe hamwe, badakurikiranwako ivyaha bimwe, kandi ko bose badafise ivyaha vyo kuburanishirizwa muri sentare rubamba. Basavye kandi ko n’ikibazo c’abana babiri batarakwiza imyaka 18 cokwigwa ukwaco, bakumvirizwa na sentare ibifitiye ububasha. Ikindi mu vyo basavye ni uko sentare yobanza kurindira ko abaporisi bari ku ngoro y’umugambwe Msd bitwariwe bokwumvirizwa kugira baheze bagirizanye n’abo bafashwe. Sentare ntiyemeye ivyo vyasabwe ko urubanza rwobangira kuburanishwa, yaciye yihutira guhamagara umurwi ku murwi abapfungwa kugira babumvirize. Abashingwamanza baciye basohoka n’agashavu kenshi karagara ku maso yabo.

Umurwi wa mbere waranse kuburana

Umurwi wa mbere w’abapfunzwe 48, ugizwe n’abantu 17 bafatiwe mu ngoro y’umugambwe Msd ku munsi wa gatandatu umunsi haba iyo migumuko, hamwe n’abandi 31 bafashwe mu bikorwa vyo kurondera abari banyaze amagara muri urwo rwaruka, ibikorwa vyakozwe n’igiporisi ku munsi w’Imana imigumuko yaraye ibaye. Umushikirizamanza yaserukiye reta muri urwo rubanza yagirije uwo murwi wa mbere ivyaha vy’imigumuko bakoresheje ibirwanisho, ukwaka ibirwanisho abajejwe umutekano, kubakubagura hamwe n’ukubagira imbohe.
Uwo murwi w’abantu 48 nta n’umwe yashoboye kuburana, bamwe muri bo bakavuga ko batagira abababuranira, abandi bakavuga ko batamenyeshejwe hakiri kare ivyo bagirizwa. Naho abashingwamanza babo bari basavye ko bohabwa akanya, sentare yabandanije iburanisha urubanza yonyene, umushikirizamanza avuga akiyishura, abo aburanya bose bumviriza ata n’umwe yisigura ku vyo yagirizwa. Uwo mushikirizamanza yaciye abasabira umunyororo wo gupfungwa ubuzima bwabo bwose uko ari 48.

Umurwi wa kabiri waraburanye

Umurwi wa kabiri ugizwe n’abantu 22 bafashwe mu bikorwa igiporisi cakoze ku munsi wa gatandatu igenekerezo rya 8 Ntwarante. Benshi muri abo bafashwe bambaye impuzu z’ukunonora imitsi. Abandi bagirizwa kuba bari mu mirwi yo kunonora imitsi ariko hari ivyemeza ko bagiye mu myiyerekano yateguwe. Umushikirizamanza yabagirije icaha c’uko ari abagumutsi binyegeje mu bashaka kugira imyimenyerezo yo kwinonora imitsi, kandi ko ari umurwi wari witunganije, ujejwe kuzibira abajejwe umutekano boza gutabara mu kajagari kari kuba ku muhingamo. Abo muri uwo murwi, bamwe baburanye, abo na bo bakaba ari abavuga ko bafashwe ku mwikeko bariko baja mu mirimo yindi itandukanye, canke ababonye abari mw’ikarashishi bakabinjiramwo batazi ivyari gukurikira. Kiretse batatu muri bo uwaserukiye reta yavuze ko ata vyagirizi bikwiye afise, abandi basabiwe gupfungwa imyaka 15. Abana babiri na bo bumvirijwe bukeye bwaho kuwa gatatu, basabiwe gupfunrwa imyaka 10.
Niyoyankana Porosuperi, umwe mu bashingwamanza b’umurwi wa mbere utumvirijwe, yaraneguye sentare kubona ishobora kubima umwanya wo gusoma ivyo abo baburanira bagirizwa, bakabona ko hoba hari iyindi ntumbero yinyegeje inyuma y’ukwo kuburanisha urwo rubanza gihutihuti.

Amasezerano y'abayagira kur'urubuga ngurukanabumenyi rwa IWACU

Ivyiyumviro n'ibivugirwa hano ntibitegerezwa kurenga amategeko y'umubano mwiza. Mu bibujijwe kwandikira hano, harimwo amajambo y'amacakubiri afatiye ku bwoko, ibitsina, ukwemera kujanye n'idini, gutyozanya canke gutukana, amajambo ahamagarira gucanamwo, canke aza atanga amakuru ajanye n'ubuzima bwihereranye bwa muntu. Ikibujijwe kandi ni ugukoresha amasanamu canke ivyandikwa vy'abandi udatomoye isoko yavyo.
Iwacu ntizotiriganya mu gufuta icanditswe cose coza kirenga kuri ano masezerano, canke ivyanditswe bisubiwemwo, bitanzwe bitajanye n'inkuru vyandikiweko, bihayagiza ibidandazwa canke bidashingiye ku kwubahana hagati y'abahurira hano. Icanyuma : intererano izogirwa mu ndome nkuru izofutwa vuba.

Kwongerako iciyumviro

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *