Ruyigi : ingingo nziza yagize inkurikizi mbi

Kuva mu misi iheze, hasubiye kwibokenekeza ubusuma mu gisagara co mu Ruyigi, cane cane mu ma karatiye ya Sanzu na Gasanda. Ubusuma bwoba bukorwa na bamwe baherutse gupfungurwa ku kigongwe.-Vyanditswe na Manirakiza Fabirisi

 Ku murwa mukuru w’intara ya Ruyigi ©Iwacu

Ku murwa mukuru w’intara ya Ruyigi

« Nta joro ryijana hatavuzwe ubusuma bwakozwe muri ano makaratiye yacu. » D.K, umunyagihugu wo muri karatiye Gasanda ni we agaragaza umubabaro afise. Nk’uko ababa muri ayo makaratiye babivuga, ubuzu bw’ukudandarizamwo indwi bwarasahuwe mu ndwi iheze. Inzu zine zarasahuwe urukombamazi. Impene cumi zari zibwe ariko zarafashwe. «Vyadushegeshe . None igiporisi gikora iki ?” Ni ko bidodimba.

No muri karatiye Sanzu ni ko kw’uko. Kubwa Burakuvye Gapitorina, umukuru wa karatiye Sanzu, inzu zine n’ubuzu badandarizamwo bwarasahuwe. Nk’uko abivuga abo basuma barasitura imyango bagaca bapakira ibidandazwa vyose. Umunyagihugu ati : « Mvyutse ku wa kane uheze nasanze inzu igaragara. Tubona abaporisi bararira mw’ijoro yamara ntagihinduka. Abo baporisi boba bacuditse nabo basuma.” Biremezwa n’uwundi aba ngaho.

Abapfunguwe

Abanyagihugihugu bo mu ntara ya Ruyigi batunga agatoki abahora bapfunzwe barekuwe baheruka kugirirwa ikigongwe. Ubusuma bwatanguye inyuma y’irekurwa ryabo. Igenekerezo rya 12 mu 2014.” Ni bo batwiba.” Bivugwa na Burakuvye Gapitorina. Uyo mukuru wa karatiye amenyesha yuko abo bahora bapfunzwe banse gutaha iwabo bakaguma bayerera mu gisagara ca Ruyigi.”Kubera iki batagenda?” Ku bwa Burakuvye Gapitorina, umushikiranganji w’ubutangane yategerezwa kubakira ku musi bapfungurwa bakabatwara iwabo.” N’isoko ry’umutekano muke.”

Amenyesha ko ata muntu n’umwe abazi kuko batubahuka kuza kwiyandikisha ku bajejwe intwaro ku rwego rwo hasi basohotse ibohero. Nzisabira Yuvinari icababa ca komiseri w’igiporisi mu Ruyigi aremeza ko ari abapfunguwe bakora ivyo bikorwa bibi. Amenyesha yuko hariho abariko barahagarikwa mu ma karatiye.” Abatari abo mu Ruyigi baca basubizwa wabo buno nyene.” Asaba abanyagihugu kuvuga abantu babona yuko batazi.

Ico mwiyumvira
  1. Ninde

    None nimba bahora bafungiwe aho nyene mu Ruyigi biragoye ko mwobatora amazina yabo? None ivyo biba vyo baca babishira he kandi batagira aho baba? Ntivyumvikana, bafashwe nukubasubizayo ntawundi muti.

Amasezerano y'abayagira kur'urubuga ngurukanabumenyi rwa IWACU

Ivyiyumviro n'ibivugirwa hano ntibitegerezwa kurenga amategeko y'umubano mwiza. Mu bibujijwe kwandikira hano, harimwo amajambo y'amacakubiri afatiye ku bwoko, ibitsina, ukwemera kujanye n'idini, gutyozanya canke gutukana, amajambo ahamagarira gucanamwo, canke aza atanga amakuru ajanye n'ubuzima bwihereranye bwa muntu. Ikibujijwe kandi ni ugukoresha amasanamu canke ivyandikwa vy'abandi udatomoye isoko yavyo.
Iwacu ntizotiriganya mu gufuta icanditswe cose coza kirenga kuri ano masezerano, canke ivyanditswe bisubiwemwo, bitanzwe bitajanye n'inkuru vyandikiweko, bihayagiza ibidandazwa canke bidashingiye ku kwubahana hagati y'abahurira hano. Icanyuma : intererano izogirwa mu ndome nkuru izofutwa vuba.

Kwongerako iciyumviro

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *