Ruyigi : Icibwa ry’ibiti vyo ku mutumba Kirasira ririmwo igipfungu

Ni nde yatanze uruhusha rwo guca ibiti vy’amapinusi ku mutumba Kirasira muri Butezi? Ni ivyo abanyagihugu bibaza batwawe n’ishavu. Yaba musitanteri, buramatari canke uwujejwe amashamba nta wubizi. – Vyanditswe na Manirakiza Fabirisi
«Ibibera ku mutumba Kirasira bisiga ubwenge», uwo ni N.K, yidoga atamariye amaseteri y’ibiti atonze kw’ibarabara rya Ruyigi-Butezi. Ibiti biteye ku nkengera z’iryo barabara , nko ku birometero bitanu, biriko biracibwa bakuzako, kuva mu kabande gushika ku mutumba. Iryo «tikizwa» nk’uko bivugwa na N.K, rimaze amezi atatu. «Biranteye umubabaro mwinshi mu mutima kuko hano kuri iri barabara hahora ibiti vyinshi. Ubu hasigaye ubugararwa.» Abanyagihugu be n’abajejwe intwaro bo muri iyo micungararo batinya ko bizobakwegera ingaruka mbi. “Bino biti vyadufasha mu gukingira rino barabara rimwe ryacu hamwe n’imirima iryegereye”, ni ko N.K, abandanya atubwira. “Ibarabara rizoca risubira kwononekara”, ayo ni amakenga ya Bahabwanayo Barutazaro, musitanteri wa komine Butezi. Ivyo na vyo bikaba vyaramaze gutangura biturutse ku mashami y’ibiti bataye mu miserege itwara amazi, nayo abuze aho aca agatembera mw’ibarabara.
Ushitse kuri uwo mutumba wakirwa n’urwamo rw’umuhindo w’amamashini. Abakozi, ahanini bagizwe n’abanya Tanzaniya, baguma baca ibiti. Amapinusi aguma atemba imwe imwe. Nta mwanya batakaza, ibiti baca babishira ku mamashini aca abisaturamwo imbaho buno nyene. Abo bakozi nyene bamenyesha yuko izo baho zica zijanwa mu gihugu ca Tanzaniya. Ariko uwubakoresha biragoye kumutora: “Ntitumuzi, turi abakozi basanzwe.”

Ni nde yatanze uburenganzira bwo guca ibiti?

Ico ni ikibazo nkoramutima kandi ubiravye womengo nta muntu n’umwe agifitiye inyishu. Musitanteri arongoye iyo komine yishura yuko ata na kimwe abiziko: «Baje bafise inkaratasi.» Ariko musitanteri ntashobora gutomora neza ibiro izo nkaratasi zitanga uburenganzira bwo guca ivyo biti zatangiwemwo. Nshimirimana Siriyake, buramatari w’intara ya Ruyigi, na we nyene amenyesha yuko ata kintu na kimwe azi kijanye n’ivyo bikorwa, ariko aremeza yuko yabonye izo nkaratasi. Naho bimeze uko, nta n’umwe muri abo bategetsi uko ari babiri ashobora kwerekana izo nkaratasi. Baciye baturungika ku mugenduzi w’amashamba mu ntara ya Ruyigi, na we tubimubajije yadusavye yuko twotumbera igisata kiraba amashamba. Ntivyahereye aho, twarashikiriye umuyobozi w’ico gisata. Ahiwe rero, Ngendabanyikwa Feregisi, yaradukuriye inkoni ku gishitsi: «Ntitwigeze dutanga uruhusha rwo kwicira ivyo biti.» Yaranatumenyesheje kandi yuko ivyo bintu abizi. Aha rero agatangazwa n’ukugene umuntu ashobora kwiyadukiza agaca ibiti muri komine, hanyuma musitanteri akaguma areze amaboko: «Harimwo ukuri kunyegejwe inyuma y’ibi bintu.» Abanyagihugu bobo ahabo basaba yuko hogirwa amatohoza akomeye, yotuma ukuri kuri ivyo kuja ahagaragara kuko ngo harimwo ibidatomoye neza.

Amasezerano y'abayagira kur'urubuga ngurukanabumenyi rwa IWACU

Ivyiyumviro n'ibivugirwa hano ntibitegerezwa kurenga amategeko y'umubano mwiza. Mu bibujijwe kwandikira hano, harimwo amajambo y'amacakubiri afatiye ku bwoko, ibitsina, ukwemera kujanye n'idini, gutyozanya canke gutukana, amajambo ahamagarira gucanamwo, canke aza atanga amakuru ajanye n'ubuzima bwihereranye bwa muntu. Ikibujijwe kandi ni ugukoresha amasanamu canke ivyandikwa vy'abandi udatomoye isoko yavyo.
Iwacu ntizotiriganya mu gufuta icanditswe cose coza kirenga kuri ano masezerano, canke ivyanditswe bisubiwemwo, bitanzwe bitajanye n'inkuru vyandikiweko, bihayagiza ibidandazwa canke bidashingiye ku kwubahana hagati y'abahurira hano. Icanyuma : intererano izogirwa mu ndome nkuru izofutwa vuba.

Kwongerako iciyumviro

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *