Ruyigi / Butezi : impuzi zikerebutse mu rudandazwa rw’abana

Urudandazwa rw’abana rurakorwa na zimwe mu mpunzi z’abanyamurenge bafadikanije n’abarundi bamwe bamwe. Abavyeyi basaba abajejwe intwaro gufata ingingo zihanitse. – Vyanditswe na Manirakiza Fabirisi

Mbayahaga Yeremiya n’umuhungu wiwe: “Yagarutse umubiri warahindutse, yaramyotse. Ubu ni ikimuga.” ©Iwacu

Mbayahaga Yeremiya n’umuhungu wiwe: “Yagarutse umubiri warahindutse, yaramyotse. Ubu ni ikimuga.” ©Iwacu

“Umuhungu wanje yaragiriye ivyago hariya muri Kongo”, bivugwa na Mbayahaga Yeremiya, umuvyeyi wa Nijimbere Porosuperi, wo ku mutumba Senga ubu afise imyaka 18. “Yagarutse umubiri warahindutse, uruhu rwaramyotse, ntiyashobora kuja kwituma ku mwanda mukuru. Ubu ni ikimuga.” Yicaye imbere y’inzu y’iwabo, uwo mwana arigana ayo yabonye.
Hari mu 2012 aho yegerewe n’uwitwa Ngendahayo Kigambi, umunyamurenge. Umugambi wari uwo kumubaza yuko yoja kuragira inka maze mu kumuhemba bakamuha inka inyuma y’umwaka. Abavyeyi baravyemeje. Umwaka wa mbere vyose vyagenze neza. “Ngendakumana yaranguriye inka y’amafaranga 220.000”, vyibukwa n’umuvyeyi wiwe.
Ibintu vyatanguye guhinduka ku mwaka wa kabiri. Shebuja yaciye afata ingingo yo kumwabira ku nguvu: “Sinashaka kuko natinya yuko noca ncika umuja wabo ibihe vyose. Ikindi na co sinari bwigere mbonana n’umwigeme.” Aho rero hari hatanguye ikiringo co gukubitwa no guhohoterwa. Nijimbere avuga yuko yamaze indwi yose abohewe ahantu hameze nko mw’isengero, aho shebuja yari yamujanye gusengera: “Nakubitwa imisi yose. Inyama zarakoroka mu gikiriza, ku maboko no ku kuguru kw’iburyo. Yarandisha n’amase y’inka.” Inyuma y’indwi y’amakuba, Ngendahayo yaramutahanye muri Nzero 2014. Yamutereye muhira iwe, agoyagoya, aca arizimanganira mu gahinga. Umuhinga (psychologue) yasuzumye Nijimbere amenyesha yuko yasanze yarahahamutse. Ikinyamakuru Iwacu caragerageje kurondera Ngendahayo ariko ntivyashobotse.

Ariko n’ubu baguma bagenda

Ku mutumba Nombe, Havyarimana Dewusi ntakivuga. Umuhungu wiwe w’imyaka 16, Irishura Jimi, na we yagiye muri Rusama 2013. Ni co kimwze na Igirukwigomba Isitarike batazira Mbeba, w’imyaka 14, wo mu Kamagera. Abavyeyi biwe batabizi, yajanye n’umunyamurenge baciye mw’ikambi y’i Bwagiriza ari mu gatondo muri Nyakanga 2013.
Ku mutumba Buruhukiro, Nduwimana Zeno w’imyaka 15, Ndayisaba Yanwari w’imyaka 18 na Dusabe Erize, w’imyaka 15 bazimanganye muri Nzero 2014. Umuvyeyi w’uwo wa mbere, Nyanzira Yeremiya, abanyamurenge baramuteje umukono ku rwandiko rwemeza yuko ari we arungitse abo bana batatu. “Barampase. Sinashaka yuko umwana wanje aja muri Repuburika iharanira demokarasi ya Kongo. N’i Bujumbura sinari kwemera.” Baravuga kandi yuko hari n’abandi bahungu boba baragiye hagati muri Ruhuhuma, bo ku gacimbiri Karaba, harimwo Arakaza Yohani Beretra w’imyaka 15.
Nkurunziza Fiyakere, arongoye urwego rujejwe gukurikirana ikambi ya Bwagiriza mu Ruyigi, aremeza yuko amaze kuvyumva: “Tugiye kwongereza isuzumwa ry’imodokari zisohoka ziva mw’ikambi.” Arongera akamenyesha yuko kuva ubu bagiye gusuzuma bimwe bikomeye uruja n’uruza rw’izo mpunzi.
Umushikirizamanza mukuru wa repuburika mu ntara ya Ruyigi, Sabuwanka Izahaki, avuga yuko azotumako abavyeyi b’abo bana kugirango ababaze uburyo abana babo bagiyemwo. Na we Nshimirimana Siriyake, buramatari, amenyesha yuko hategekanijwe inama izohuza impunzi n’abanyagihugu bo mu micungararo. Akabandanya amenyesha yuko amatohoza abandanya ngo barabe abo vyagira: “Abo bizokwagira bazokwirukanwa basubire iwabo kuko ntidushobora kwihanganira ivyo bintu.”

Amasezerano y'abayagira kur'urubuga ngurukanabumenyi rwa IWACU

Ivyiyumviro n'ibivugirwa hano ntibitegerezwa kurenga amategeko y'umubano mwiza. Mu bibujijwe kwandikira hano, harimwo amajambo y'amacakubiri afatiye ku bwoko, ibitsina, ukwemera kujanye n'idini, gutyozanya canke gutukana, amajambo ahamagarira gucanamwo, canke aza atanga amakuru ajanye n'ubuzima bwihereranye bwa muntu. Ikibujijwe kandi ni ugukoresha amasanamu canke ivyandikwa vy'abandi udatomoye isoko yavyo.
Iwacu ntizotiriganya mu gufuta icanditswe cose coza kirenga kuri ano masezerano, canke ivyanditswe bisubiwemwo, bitanzwe bitajanye n'inkuru vyandikiweko, bihayagiza ibidandazwa canke bidashingiye ku kwubahana hagati y'abahurira hano. Icanyuma : intererano izogirwa mu ndome nkuru izofutwa vuba.

Kwongerako iciyumviro

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *