RUYIGI Amabarabara imbere ya vyose

BRANDING_COLOR KIRUNDIMu mwaka w’2010, abitoza barakwiye ibisagara n’imitumba biyamamariza guserukira abayanyagihugu. Ko bemereye vyinshi abanyagihugu, inyuma y’imyaka itanu hahindutse iki ? Ikinyamakuru Iwacu ciyemeje gushikira abanyagihugu bo mu gihugu hagati mu mihingo ya kure, maze bashikirize uko babibonye, n’ico biteze ku matora yo mu 2015. Muri iyi ndwi Iwacu yashitse mu ntara ya Ruyigi.-Vyanditswe na Ngabire Eriza na Bukeyeneza Arumeri Giriberi

—————————————————————————————————————

Mu Ntara ya Ruyigi hari ivyakozwe bigaragara cane nk’ikibuga c’inkino ku murwa muru w’intara n’amabarabara nka Ruyigi-Cankuzo. Mugabo rero impinga iracari ndende. Hamwe abanyagihugu riraniga bavuga ko abo bitoreye bemeye ubuki bategeka.

Ikibuga kibereye ijisho c’umupira w’amaguru ©Iwacu

Ikibuga kibereye ijisho c’umupira w’amaguru ©Iwacu

Imigambwe Cndd-Fdd, Fnl na MSD irigaragaza. Frodebu nNyakuri ivyayo ntibisobanutse. Ibendera ryayo ryaratabaguritse riraherengetera. Agace gatoye k’ibara ryera ku risa n’urwatsi rubisi ku buryo bigoye kumenya ko ari Frodebu irongowe na Muganga Minani canke Ngendakumana Rehonsi. N’abanyagihugu ntibabihurizako.
Ushitse muri komine Bweru, mu buraruko bw’intara ya Ruyigi, ibintu biri ukundi. Ku murwa mukuru wa komine Bweru, hubatse utuzu tw’idandarizo dufatanganye tudashemeye ni two twitwa ko tugize isoko nkuru.

Irya n’ino nta bendera ry’umugambwe riharangwa. Abanyagihugu ngo bararambiwe n’imigambwe. Abakanishi, abadandaza n’abandi usanga bari ku murimo. Bariko barasoma kandi bihereza ka mushikaki ku buryo abotsa inyama mu birabo baba bakobeje.
Ubandanije urugendo, ugashika muri komine Butaganzwa, urudandazwa rurahimbaye. Ibidandazwa vyisnhi biva i Bjumbura, mu yandi makomine na Tanzaniya ni ho bica.

Ivyo bafatirako

.Ruyigi igizwe n’ amakomine 7. Na yo ni Butaganzwa, Butezi, Bweru, Gisuru, Kinyinya, Nyabitsinda na Ruyigi.
. Mu 2010, iyo ntara yari ifise abantu 161 460 biyandikishije kugira ngo bazotore.
.Imigambwe 5 ni yo yari yaserukiwe mu matora y’abajenama b’amakomine: Cndd-Fdd, Fnl, Uprona, Frodebu Nyakuri na Msd.
.Imigambwe itavuga rumwe n’uwuri ku butegetsi imaze kwiyonjorora mu matora, Cndd-Fdd na Uprona ni yo yabandanije.
.Iyo ntara ifise abashingamateka 5: Bucumi Musa, Sorongo Yoranda, Miburo Kabudensiya, Bukumbanya Hari na Ndoricimpa Kaburiyeri.
.Mu nama mpanuzwajambo z’amakomine, Cndd-Fdd yaronse intebe 81 ku zingana 105.
.Hakwirikira Fnl mugabo irushwa cane ifise 10.
. Haca haza Sahwanya Frodebu (6), Uprona na Msd na yo yaronse intebe zine zine.

Ivyo abitoza bari bemereye abanyagihugu

Miburo Kabudesiya ©Iwacu

Miburo Kabudesiya ©Iwacu

Miburo Kabudensiya: “Nta vyinshi twari twemeye!”
Umushingamateka Miburo Kabudensiya yatowe muri Cndd-Fdd amenyesha ko ivyo bimereye abanyagihugu bitari ikirenga. “Twarahagabiye ku buryo tutemereye abanyagihugu ivyo tutazobashikirako. Muri make twemeye bike.” Wewe avuga ko yari afise ibintu yashize imbere vyihutirwa mu Ruyigi: “Kwubaka amabarabara, gushiraho umuyagankuba, guserukira neza abanyagihugu mu gutora amategeko abafasha. Amenyesha ko atako atagize kugira ngo amabarabara amwe amwe yo muri Ruyigi asanurwe.

Ubu ngo abanyagihugu barafise ibitoke vya kijambere. Aranabandanya ati: “Ubu ya ndwara mozayike yahonya imyumbati isigaye ari umugani. Hafi abanyagihugu bose barashoboye kuronka umwavu wa kijambere kugira ngo batabire isi ndimwa.”
Umupfasoni Miburo aremera ko mu bijanye n‘umuyankuba atacashoboye gukorwa, aho na ho bikaba bitamuvuyeko vyatumwe n’ukubura ingomero ziwutanga.

Sorongo Yoranda: “Ndahimbawe n’ ivyo nashitseko”

Avuga ko ivyo umushingamateka Miburo yashira imbere na we nyene kwari uko nyene kuko ngo bava mu mugambwe umwe ari wo Cndd-Fdd. Mugabo rero arongerako ati: “Twarubatse amashure, harashizwe amazi ku bitaro vya Kinyinya, twarakoze ibishoboka vyose kugira ngo abanyagihugu bo kiyaya ca Kumoso baronswe inka zo kworora. Ubu muri Kumoso nta bukene bw’amata bafise birampimbaye cane.” Naho avuga uko, ibarabara rya Makebuko-Ruyigi kuricamwo ntivyoroshe, umuyagankuba ntushemeye.

Ikibuga c’inkino n’amabarabara


Abanyagihugu barakenguruka. Muri komine Gisuru, barashima cane kubona barakorewe ibarabara Ruyigi-Gisuru. Uwitwa Mariya yemeza ko bari bafise ingorane zidasanzwe kugira ngo bashike kwa Muganga n’ahandi.
No muri Bweru ni uko nyene. Amabarabara menshi yarasanuwe. Na yo ku murwa mukuru w’intara hoho, ivyakozwe inyuma y’2010 si agaseseshwarumuri. Icigaragaza krusha ibindi. Ni ikibuga c’umupira w’amaguru. “Turahimbawe n’ukubona Ruyigi na yo ishobora kuronka ikibuga kibereye ijisho nk’izindi ntara. Iyo hariko haraba inkino turorera twicaye tumerewe neza.” Bivugwa n’uwitwa Erike asanzwe yunguruza abantu kw’ikinga.”

Hari aho imvugo itajanye n’ingiro

Ku murwa mukuru wa komine Butaganzwa ©Iwacu

Ku murwa mukuru wa komine Butaganzwa ©Iwacu

Ni vyinshi. Muri komine Bweru, abanyagihugu riraniga. Ngo mu gihe abashingamateka biyamamaza mu 2010, bari babemereye isoko ya kijambere, mugabo ngo amaso yaheze u nzira. Bimenyeshwa n’umudandaza yitwa Royizi. Ikindi abanyagihugu baho banegura, ni ukuntu bari bemerewe umuyagankuba mugabo vyahereye aho. Umwe mu bapima inzoga avuga ko abo bitoreye batigeze bababwira uko vyagenze.
Muri komine Nyabitsinda, abanyagihugu ngo baribuka ukuntu babemerera ibitagenda. Umwigisha umwe akagira ati : « Bari bemeye kwita ku rutare kugira ngo ikomine yacu ibe nyabagendwa biciye kumabarabara. Hari hemewe ibarabara ryodufatanya na Gisuru, gurtyo tukabona gushika mu Ruyigi. Abo bashingamateka nyene bari bemeye ko ikomine yacu izoca ironka umuyagankuba. Nta na kimwe cakozwe. »

Muri komine Gisuru hari agatukisha. Ishure ritoya rya Nyakwibereka. Ni akamaramaza. Haracafuye birenze urugero, nta myango ku madirisha, nta ntebe ziri mu masomero, aho rero ntihavuzwe ibikoresho mfashanyigisho. Abana bicara hasi. Ikibabaje kurusha ngo ni uko abashingamateka baca kenshi aho hantu. N’ishavu n’akantu, umupfasoni yitwa Madarena yirenganira n’isuka ku rutugu ati : « Nta na kimwe batazi . »

Muri komine Kinyinya, ubukene bw’amavuriro buragisibije. Ababaye, umunyagihugu umwe ati : « Nk’akarorero, ku musozi wa Vumwe, twivuza ku birometero birenga 10. Dufata urugendo rw’amasaha abiri, ku buryo abavyeyi bama bibarukiye mu nzira canke bikagorana. »
Naho iri uko ngo bacitoza, barabaye abashingamateka kandi bari babemereye ivuriro, mugabo ngo vyahereye iyo co kimwe n’ibarabara rya Kinyinya-Gitega.

Ivyo basaba abagiye kwitoza

Abanyagihgu bamenyesha ko bigoye kuvuga ivyo bakeneye mu gihe ivyo bemerewe bitagiye mu ngiro. Naho biri uko ngo bazosubira bapime abimirije gutorwa. Uwitwa Dawidi ati : « Aha i kinyinya, turi ku birometero bidashika na bine uja muri Tanzaniya. Abadandaza bacu benshi ni yo barangurira. Urakeneye ibarabara kugira ngo urudandazwa rutere imbere. » Uwundi mudandaza asaba Reta kugabanya amakori n’atagisi bibaboheye amaboko i mugongo.

N’i Butaganzwa babibona uko. Uwo ubajije wese wumva yidogera OBR ku buryo womengo ni wo mwansiwa mbere bafise. Uwitwa Diyomedi asaba atakamba ati : « Babwirizwa gutorera umuti ikibazo kijanye n’ikigo OBR. Uwunguruza abantu ku mapikipiki yahora ariha ikori ry’amafaranga 2 250 ubu igurwa ibihumbi 40. Uretse ivyo aha benshi ni abadandaza ntitugishobora kuja kuzana ibidanzwa muri Tanzaniya. Amatagisi ni umurengera, aho rero ahari aho batwambika ibara ngo twavyinjije mu kinyegero. »

Muri komine Bweru na ho bakeneye isoko ya kijambere, ikibuga c’umupira w’amaguru n’ishirahamwe ryo kuziganya n’ukuguranana. « Turacari bato. Ntivyumvikana ukuntu tubura aho dukinira umupira. »
Ku murwa mukuru wa Ruyigi, ico basaba cihutirwa ni ugusanura ibarabara rya Ruyigi-Gitega.
Na yo muri komine Gisuru, abanyagihugu bo ku musozi wa Ntende basaba ivuriro, ahandi hoho ngo barinda gushika ku murwa mukuru wa komine canke i Nyabitare, na ho ngo bakahashika bafashe urugendo rurenza amasaha arenga abiri.

Amasezerano y'abayagira kur'urubuga ngurukanabumenyi rwa IWACU

Ivyiyumviro n'ibivugirwa hano ntibitegerezwa kurenga amategeko y'umubano mwiza. Mu bibujijwe kwandikira hano, harimwo amajambo y'amacakubiri afatiye ku bwoko, ibitsina, ukwemera kujanye n'idini, gutyozanya canke gutukana, amajambo ahamagarira gucanamwo, canke aza atanga amakuru ajanye n'ubuzima bwihereranye bwa muntu. Ikibujijwe kandi ni ugukoresha amasanamu canke ivyandikwa vy'abandi udatomoye isoko yavyo.
Iwacu ntizotiriganya mu gufuta icanditswe cose coza kirenga kuri ano masezerano, canke ivyanditswe bisubiwemwo, bitanzwe bitajanye n'inkuru vyandikiweko, bihayagiza ibidandazwa canke bidashingiye ku kwubahana hagati y'abahurira hano. Icanyuma : intererano izogirwa mu ndome nkuru izofutwa vuba.

Kwongerako iciyumviro

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *