Ruyigi: abatwa bariyamiriza abantu babiri binjiye igiporisi babiyitirira

Abatwa bo mu Ruyigi basaba ubushikiranganji bw’umutekano gukura ku rutonde rw’ababirigadiye abantu babiri babiyitirira. Abo batwa bemeza ko atari abo muri bo. Ubwo bushikiranganji buti inyishu igiye gutangwa vuba. – Vyanditswe na Manirakiza Fabirisi

LĂ©onidas Barakabitse

Barakabitse Rehonidasi: «Iyo misore ibiri ibwirizwa gufutwa ku rutonde.» ©Iwacu

«Uretse jewe, nta wundi mutwa n’umwe afise urupapuro rw’umutsindo mu ntara ya Ruyigi », vyemezwa na Barakabitse Rehonidasi, agaragaza agashavu kiwe. Na we asanzwe ari umukuru w’urunani F.B.E.B.R.C, ruhurikiyemwo abatwa b’imboneza bo mu Burundi. Abandanya amenyesha yuko abo babiri ari Ndayishimiye Rehonarudo na Ndayisaba Barutazaro, bemeza ko bahejeje ishure nderabigisha kandi ko baturuka muri komine ya Kinyinya. «Muri iyo komine umutwa afise amashure menshi ni umukenyezi kandi ntiyarengeje umwaka wa gatandatu w’amashure y’intango», uko ni ko abandanya avuga. Barakabitse ararahira akarengwa yuko abo bantu babiri atari abatwa. Na Bahati Manweri aserukira ishirahamwe mpuzabatwa Uniproba muri ako karere ni ko abivuga: «Turafise urutonde rw’abatwa bose bo mu ntara ya Ruyigi, abo babiri si abacu.»
«Ntibazoze mu nyuma batubwira yuko abatwa baserukiwe mu rwego rw’igiporisi», Uwo ni Barakabitse abivuga. Bahati Manweri na we yongerako ati: «Mu gihe ico kibazo kitotorerwa umuti uno musi, birashobora kuzohava bitera ingorane muri kazoza.» Mw’ikete urunani F.B.E.B.R.C rwandikiye umushikiranganji w’umutekano, bamusavye yuko iyo misore ibiri yohanagurwa ku rutonde kangi bakanahagarikwa. Ikindi basaba ni uko hokorwa n’ayandi matohoza akomeye kugirango kazoza k’abana b’abatwa ntikanigirwe mu menshi. Umwe mu bantu bari bajejwe kwandika abinjira mu bisongerezi mu giporisi, amenyesha ko ata matohoza yagizwe ku bijanye n’ubwoko bw’abiyandikisha: «Uwiyandikisha yemeje ko ari umutwa, twandika uko. Nta yandi matohoza twakora.» Harimenshi Heremenejirida, asanzwe avugira igiporisi c’Uburundi, amenyesha ko uwujejwe kwinjiza abaporisi bashasha ku rwego rw’igihugu, yamaze gufata mu minwe ico kibazo kandi ko inyishu izotangwa vuba.

Ata gikozwe tuja mw’ibarabara

«Twarenganijwe akatari gake ku buryo tutoba tukibisabirako», bivugwa na Barakabitse Rehonidasi akagerekako n’uburorero bumwe bumwe. Avuga ko yahoze aserukira ubwoko bw’abatwa mu murwi w’igihugu wigenga uraba ibibazo vy’amatongo n’ayandi matungo. Ngo yagiye kwiga muri Amerika baca bamusubiriza uwundi atari umutwa.Ati hari n’umuzamu w’ahakorera Cntb hamwe n’umutwakazi yakora ku bitaro vyo mu Ruyigi basubirijwe abo mu bundi bwoko. Aravuga ko hari n’amahegitara ane yo muri komine Gisuru yahora abamwo abatwa bakayabaka. Aho avuga ko bahatswe igihe umukuru w’igihugu yashaka kuharimira inanasi n’ibigazi. Ngo n’ubu baracarorereye ko bahabwa ahandi. Ati: «Ata gikozwe turaja mu mabarabara.»
Hatungimana Ponsiyano, umuhanuzi mukuru wa buramatari w’intara ya Ruyigi, we si ko abibona. Kuri we, Barakabitse Rehonidasi yari muri Cntb nk’uwuserukira amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike, kandi ngo yasubirijwe uwo muri uwo murwi nyene. Ku vyerekeye iryo tongo ryo mu Gisuru, uwo muhanuzi yishura yuko abatwa bahaba bari barahevye amatongo yabo reta na yo irayitorera. Ati abari barahasigaye baciye bajanwa mu bigwati vy’amahoro. Agasozera ati: «Ku bwanje nta karenganyo na kamwe gakorerwa abatwa».

Amasezerano y'abayagira kur'urubuga ngurukanabumenyi rwa IWACU

Ivyiyumviro n'ibivugirwa hano ntibitegerezwa kurenga amategeko y'umubano mwiza. Mu bibujijwe kwandikira hano, harimwo amajambo y'amacakubiri afatiye ku bwoko, ibitsina, ukwemera kujanye n'idini, gutyozanya canke gutukana, amajambo ahamagarira gucanamwo, canke aza atanga amakuru ajanye n'ubuzima bwihereranye bwa muntu. Ikibujijwe kandi ni ugukoresha amasanamu canke ivyandikwa vy'abandi udatomoye isoko yavyo.
Iwacu ntizotiriganya mu gufuta icanditswe cose coza kirenga kuri ano masezerano, canke ivyanditswe bisubiwemwo, bitanzwe bitajanye n'inkuru vyandikiweko, bihayagiza ibidandazwa canke bidashingiye ku kwubahana hagati y'abahurira hano. Icanyuma : intererano izogirwa mu ndome nkuru izofutwa vuba.

Kwongerako iciyumviro

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *