Rumonge : amahera y’ibitabo n’ay’ivyumba vy’ubushakashatsi akora iki?

Kw’ishure rya komine Rumonge ryitwa Lycée Urbain, nta cumba c’ubushakakashatsi kihari, ibitabo bihari na vyo ntibijanye n’ibihe tugezemwo. Abavyeyi basaba ko amafaranga batanga y’ibitabo yo kurwaho. – Vyanditswe na Nzorubananya Ferigisi
Ku bwa sabunogera Porosuperi arongoye iryo shure, amafaranga y’ivyumba vy’ubushashatsi hamwe n’ay’ibitabo bayashira kuri konte y’ubushikiranganji bw’amashure yisumbuye. Avuga ko ku mwaka ku mwaka umunyeshure ariha amafaranga 2000, yo kugura ibitabo hamwe n’ibikoresho vyo muvyumba vy’ubushakashatsi. Avuga kandi ko ishure ata cumba c’ubushakashatsi rifise kandi abanyeshure bagikenera mu vyirwa vya Chimie na Physique. Ibitabo bike ishuri rifise ntibijanye n’ivyo abanyeshure bakeneye. Ati: “Ivyinshi muri vyo ni ivyarungitswe mu mfashanyo igihugu gihabwa n’ibindi bihugu bifitaniye amasezerano , ivyo na vyo ntibihuye n’inyigisho zitangwa hano mu Burundi.” Uwo muyobozi arongera akamenyesha ko kubera ubukene bw’ibitabo, ibitabo vy’abigisha babifotoza kugira bibakwire. Asaba ko ayo mafaranga atangwa yokoresherezwa ku mashure . Agira ati: ”Umuyobozi yokorana n’inama y’abavyeyi, umurwi ujejwe kuraba ikoreshwa ry’ayo mahera hamwe n’abigisha mu bijanye no gukoresha ayo mafaranga.”

Ni ugufata abanyeshure bose co kimwe

Umwigisha wo kuri iryo shure avuga ko bo ata n’itara bafise ryo kwimenyererezako mu gihe hari ayandi mashure afise ibikoresho bikwiye. Agira ati: ”Ako ni nk’akarenganyo kuko abanyeshure bose umwaka uheze bakora ikibazo kimwe . Nti bashobora kuronka amanota amwe kuko bataba bize co kimwe.” Umuvyeyi umwe atashatse kwivuga izina, asaba ko ayo mahera y’ibikoresho bitigera bigurwa yo futwa kuko uko akoreshwa kutazwi. Yongera akavuga ko ayo mahera yibwe aho guteza imbere ubumenyi bw’abanyeshure. Yasavye amashirahamwe yitaho kurwanya igiturire ko yogira amatohoza y’iyo ayo mafaranga yatojwe imyaka myinshi yaroye. Abandi bavyeyi basaba ubushikiranganji bw’amashure yisumbuye gutanga umuco kw’ikoreshwa ry’ayo mafaranga. Basaba ko ayo mafaranga yoza arakoresherezwa ku mashure yatorejweko. Aheraheza avuga ati: “Ivyo bizotuma amashure ashobora kwigurira ibikoresho vy’ivyumba vy’ubushakashatsi hamwe n’ibitabo.”

Amasezerano y'abayagira kur'urubuga ngurukanabumenyi rwa IWACU

Ivyiyumviro n'ibivugirwa hano ntibitegerezwa kurenga amategeko y'umubano mwiza. Mu bibujijwe kwandikira hano, harimwo amajambo y'amacakubiri afatiye ku bwoko, ibitsina, ukwemera kujanye n'idini, gutyozanya canke gutukana, amajambo ahamagarira gucanamwo, canke aza atanga amakuru ajanye n'ubuzima bwihereranye bwa muntu. Ikibujijwe kandi ni ugukoresha amasanamu canke ivyandikwa vy'abandi udatomoye isoko yavyo.
Iwacu ntizotiriganya mu gufuta icanditswe cose coza kirenga kuri ano masezerano, canke ivyanditswe bisubiwemwo, bitanzwe bitajanye n'inkuru vyandikiweko, bihayagiza ibidandazwa canke bidashingiye ku kwubahana hagati y'abahurira hano. Icanyuma : intererano izogirwa mu ndome nkuru izofutwa vuba.

Kwongerako iciyumviro

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *