Rugombo-Cibitoke: Cogerco n’abarimyi ntibacana uwaka

Ku bw’abirimizi bo muri komine Rugombo, ihinguriro ry’ipampa(Cogerco) rishaka kwihagira amatongo yabo kugira rihatere ipampa.-Vyanditswe na Jagisoni Bahati

KImwe mu bikamyo vya Cogerco ©Iwacu

KImwe mu bikamyo vya Cogerco ©Iwacu

« Ni abajejwe intwaro batwizeye baraduha iyo mirima .» Bivugwa n’abarimyi. Uko babibona, kubakura mu matongo bisigura kutubahiriza ivy’abandi. Bemeza kuba bamaze imyaka irenga 30 bayakoreramwo. Nk’uko babandanya babivuga, Cogerco ngo nta coyituma ibirukana. Vyongeye, bamenyesha yuko bafise ivyemeza bahawe n’abajejwe intwaro muri komine Rugombo. Barahakana ko Cogerco ibategeka kurima ipampa yonyene.
Kubw’umuyobozi w’indimo muri iryo hinguriro ry’ipampa, Ntirandekura Ritimoni, imbere y’ukubakura mu matongo, ubuyobozi, abajejwe intwaro n’igiporisi baratunganije amanama y’uguhimiriza abanyagihugu.
Amenyesha yuko abarimyi bananiranye bazohanwa hakurikijwe amategeko.

Amasezerano y'abayagira kur'urubuga ngurukanabumenyi rwa IWACU

Ivyiyumviro n'ibivugirwa hano ntibitegerezwa kurenga amategeko y'umubano mwiza. Mu bibujijwe kwandikira hano, harimwo amajambo y'amacakubiri afatiye ku bwoko, ibitsina, ukwemera kujanye n'idini, gutyozanya canke gutukana, amajambo ahamagarira gucanamwo, canke aza atanga amakuru ajanye n'ubuzima bwihereranye bwa muntu. Ikibujijwe kandi ni ugukoresha amasanamu canke ivyandikwa vy'abandi udatomoye isoko yavyo.
Iwacu ntizotiriganya mu gufuta icanditswe cose coza kirenga kuri ano masezerano, canke ivyanditswe bisubiwemwo, bitanzwe bitajanye n'inkuru vyandikiweko, bihayagiza ibidandazwa canke bidashingiye ku kwubahana hagati y'abahurira hano. Icanyuma : intererano izogirwa mu ndome nkuru izofutwa vuba.

Kwongerako iciyumviro

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *