Nyarusange : imirima y’imboga, umuti w’ugufungura nabi

Mu guhangana n’ukwaga kw’amatongo, abarimyi bo muri komine Nyarusange bariko barimenyereza gutunganya imirima y’imboga.-Vyanditswe na Manirakiza Yohani-Noweri

Umurimyi ariko yerekana imboga ziteye igomwe ©/Iwacu

Umurimyi ariko yerekana imboga ziteye igomwe ©/Iwacu

« Ntitukigura imboga canke ibitunguru. Tubisoroma mu mirima y’imboga yacu, tugaca tuziganya amahera twasohoye. » Barekebavuge Fabiyano ni we yikeza ari mu murima w’igipimo. Mu ntumbero y’ugufungura neza, n’ukwiteza imbere mu bijanye n’ubutunzi, abarimyi 21 baragiye hamwe kugira bige ubuhinga bw’ugutunganya imirima y’imboga. Kubera ubumenyi buke bw’abarimyi, bahisemwo kwiga kworora imboga kugira baze babirangurire iwabo.

« Ico nzi co ni uko hari abipfuza kumera nkatwe. Vyongeye, ababanyi banje baramaze kunsaba ko nobigisha.” Ni Barekebavuge Fabiyano abandanya avuga. Kubwa Geraze Manirambona, umurimyi, mu bihe bimwe bimwe nko hagati y’iyimbura n’irindi, imiryango ibandanya yihereza imboga.

Rumwe rumara zibiri

Nshimirimana Deziderata aravuga akamaro k’imboga:” Iyo mfise amashu mu murima wanje sindazwa ishinga n’ivyo abana barya nikera. Mpfa kuba mfise ibijumbu canke ikiro c’ubugari.” Kugira uronke amavuta ugurisha ibitunguru bitukura 10 gusa. Arongera ko akamenyesha ko imirima yimboga yatumye ukubaho neza kw’imiryango kwiyongera.

Mbonihankuye Marigarita amenyesha yuko abarimyi baronse inyigisho bashobora kubera akarorero abandi bidatevye. Arabandanya ati: « Si nkigira ingorane z’ukubura ibikoresho vy’ishure vy’abana. Ngurishije amakaroti n’intore ndaziganya amafaranga ari hagati y’amafaranga 2000 n’ 3000. »

Nayo Nezerwe Lina Inesi, w’ishirahamwe OGENA atanga inyigisho ku barimyi, ubwo buhinga burashoboye kurwanya inzara. Intumbero y’ubwo buhinga bw’uburimyi ni iyo gufasha imiryango yo mu mitumba ikenye kugira yame ironka ivyunyunyu mu gihe cose c’irima.Kubwa Nezerwe kandi, bituma harwanywa indwara zituruka k’ugufungura nabi kw’ibibondo.

Amasezerano y'abayagira kur'urubuga ngurukanabumenyi rwa IWACU

Ivyiyumviro n'ibivugirwa hano ntibitegerezwa kurenga amategeko y'umubano mwiza. Mu bibujijwe kwandikira hano, harimwo amajambo y'amacakubiri afatiye ku bwoko, ibitsina, ukwemera kujanye n'idini, gutyozanya canke gutukana, amajambo ahamagarira gucanamwo, canke aza atanga amakuru ajanye n'ubuzima bwihereranye bwa muntu. Ikibujijwe kandi ni ugukoresha amasanamu canke ivyandikwa vy'abandi udatomoye isoko yavyo.
Iwacu ntizotiriganya mu gufuta icanditswe cose coza kirenga kuri ano masezerano, canke ivyanditswe bisubiwemwo, bitanzwe bitajanye n'inkuru vyandikiweko, bihayagiza ibidandazwa canke bidashingiye ku kwubahana hagati y'abahurira hano. Icanyuma : intererano izogirwa mu ndome nkuru izofutwa vuba.

Kwongerako iciyumviro

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *