« Ni ukwama barikanuye »

Mu gihe hamaze imisi havugwa abantu bahungubanya umutekano. Buramatari w’intara ya Gitega aratanga ivyakozwe kugira habungwabungwe umutekano. Asaba abanyagihugu kwama barikanuye.Vyanditswe na Kwizera Emeri

 Sindayihebura Sirivesiteri, Buramatari w’intara ya Gitega ©Iwacu

Sindayihebura Sirivesiteri, Buramatari w’intara ya Gitega ©Iwacu

Inkuru z’umutekano muke arazi ko zihari. « Ego ni vyo mu bice bimwe bimwe vy’igihugu baravuga ko babonye abantu bambaye ibikoti birebire. » Ku bwa Sindayihebura Sirivesiteri buramatari w’intara ya Gitega, mu gihe c’amatora, abarundi benshi barakunda gutera ubwoba abantu kugira bacike ivutu. Ico asaba abanyagigu rero ni ukwama barikanuye kugira ngo ntihagire umuntu aza kubasamaza.

Uwuramutswa intara yuko ibiriko birakorwa ari ibikorwa vya misi yose. Akabandanya agira ati : « Ubwa mbere n’uguteramira amahoro n’umutekano. Ku mitumba yose harashizweho amakomite y’umutekano arimwo bose, hanyuma umunyagihu na we ni ugutanga inkuru. Uwo biketse bakamwandika bagaheza, bagakwirikira ku musi ku musi uko umutekano wabo wifashe. »

Naho biri uko…

Umutekano i Gitega si wose. Hirya no hino haribonekeza amabi menshi.Ku musozi Nyakibingo muri Komine Gitega, zone yo mu mitumba, hari ubusuma bw’ibitungwa bukomeye. Ababizi cane n’aborozi b’impene.Bavuga ko kenshi baheruka bayizirika bagiye gucura bagasanga aho yari iri hasigaye ikiziriko. Barahiga ko uwo bazofata bazomwihanira. Umukuru wa zone avuga yuko ibintu vyoba vyunyuwe n’abapfunguwe kubera ikigongwe c’umukuru w’igihugu baheruka gusubizwa ubwigenge. Ikigo Humura c’ i Gitega kirashinga intahe.

Ico kigo cakiriye abahohotewe bashika 337 mu mezi atatu yonyene aheze. Harimwo abapfasoni 291 n’abagabo 46. Ni ibiharuro duhabwa n‘umushingwabikorwa w’ikigo Muganga Nzeyimana Siriviya. Ku ndwi yaraye irangiye hari abantu barenga 5O bariye uburozi mu buriro bumwe buri muri karatiye Karera ya kabiri. Idosiye y’uwikekwa kuba yasize uburozi bwica mu bifungurwa ikaba igeze muri parake ya Gitega.

Amasezerano y'abayagira kur'urubuga ngurukanabumenyi rwa IWACU

Ivyiyumviro n'ibivugirwa hano ntibitegerezwa kurenga amategeko y'umubano mwiza. Mu bibujijwe kwandikira hano, harimwo amajambo y'amacakubiri afatiye ku bwoko, ibitsina, ukwemera kujanye n'idini, gutyozanya canke gutukana, amajambo ahamagarira gucanamwo, canke aza atanga amakuru ajanye n'ubuzima bwihereranye bwa muntu. Ikibujijwe kandi ni ugukoresha amasanamu canke ivyandikwa vy'abandi udatomoye isoko yavyo.
Iwacu ntizotiriganya mu gufuta icanditswe cose coza kirenga kuri ano masezerano, canke ivyanditswe bisubiwemwo, bitanzwe bitajanye n'inkuru vyandikiweko, bihayagiza ibidandazwa canke bidashingiye ku kwubahana hagati y'abahurira hano. Icanyuma : intererano izogirwa mu ndome nkuru izofutwa vuba.

Kwongerako iciyumviro

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *