Ni intambwe ishimishije

Aracari muto, ivyo amaze gushika ko arabishima, bikaba ari na vyo bizomutera intege kugira arangure vyinshi vyiza mu mwuga wiwe wo kuririmba – Vyanditswe na Gatavu Daniyera

 Matabaro Patient: «Natanguye kuririmba mfise imyaka itanu.» ©Iwacu

Matabaro Patient: «Natanguye kuririmba mfise imyaka itanu.» ©Iwacu

Matabaro Patient, aheruka gutsinda ihiganwa ryitiriwe “Primusic” ryatunganijwe n’ishirahamwe Brarundi.Uwo musore, yavukiye mu Nyakabiga ya 3, kw’ibarabara rya 14 mu mwaka w’1992. Matabaro ni imfura mu muryango w’abana batanu, akaba yiga muri kaminuza y’umuco mu mwaka wa mbere mu gisata co gutumatumanako. Yatanguye kuririmba afise imyaka itanu mw’isengero rya FECABU. Yaririmba mu murwi w’abana bita “Sunday school”. Ivyo kuririmba ntiyabigarukirije aho. Afise imyaka 12, yahavuye yinjira mu murwi w’abaririmvyi muri iryo shengero nyene bita “Chorale des ados”. Mu mwaka w’2006 baragize umurwi w’abasore indwi bise “best friend of God”. Matabaro kuva akiri umwana muto yamye akunda kuririmba cane ndetse na nyina wiwe yari yaramubariye ko azoba umuririmvyi akomeye.
Ahejeje amashure y’isumbuye, aho turi mu mwaka w’2011, Matabaro yaciye atangura kuja kuririmba mu birabo, bimwe bita “karaok”. Ivyo yavyiyumviriye kugira ashobore kuza araronka amafaranga yo kwibeshaho. Yatanguye kuririmbira mu birabo vya: La vigne, Havana , Archipel, ndetse no hagati mu gihugu nk’i Ngozi. Matabaro avuga ko igihe yatangura kuja kuririmba mu birabo baciye bamwirukana muri korare yo kw’ishengero kandi ko vyamubabaje cane.

Nabigize nko kugeza

Mu mwaka w’2012, ishirahamwe rya Brarudi ryatunganije ihiganwa na we Matabaro araryitaba. ”Muri iryo higanwa rya Primusic 2012, naronse ikibanza ca gatatu ntahukana imiriyoni 2 n’ibihumbi 500. Sinari ndavyiteze kuko ntari bwamenyekane.” Uwo ni Matabaro. Avuga ko ivyo vyamuteye intege , bigatuma aja no mw’ihigahiganwa rya Primusic 2013.Uwo muririmvyi ati: “Ncumva ko arije natahukanye itsinzi ya Primusic 2013,nagize umunezero mwinshi gushika n’aho ndira.”
Ati ayo mafaranga si ayo kuryoherwamwo. Ayafitiye umugambi ukomeye aho azogira icumba bahinyanyuriramwo indirimbo bita “studio”, ayandi akazobandanya ariha amashure.

Amasezerano y'abayagira kur'urubuga ngurukanabumenyi rwa IWACU

Ivyiyumviro n'ibivugirwa hano ntibitegerezwa kurenga amategeko y'umubano mwiza. Mu bibujijwe kwandikira hano, harimwo amajambo y'amacakubiri afatiye ku bwoko, ibitsina, ukwemera kujanye n'idini, gutyozanya canke gutukana, amajambo ahamagarira gucanamwo, canke aza atanga amakuru ajanye n'ubuzima bwihereranye bwa muntu. Ikibujijwe kandi ni ugukoresha amasanamu canke ivyandikwa vy'abandi udatomoye isoko yavyo.
Iwacu ntizotiriganya mu gufuta icanditswe cose coza kirenga kuri ano masezerano, canke ivyanditswe bisubiwemwo, bitanzwe bitajanye n'inkuru vyandikiweko, bihayagiza ibidandazwa canke bidashingiye ku kwubahana hagati y'abahurira hano. Icanyuma : intererano izogirwa mu ndome nkuru izofutwa vuba.

Kwongerako iciyumviro

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *