Muri Gitega haramenyshejwe uko imirwi Ceci izojaho

Amadosiye ashikirizwa Cepi arungitswe n’abaserukira imigambwe, amashengero, amashirahamwe adakiranira ivyicaro vya Poritike n’amashengero . Vyamenyekanye ku wa 20 Gitugutu.-Vyanditswe na Kwizera Emeri

  Abitavye inama y’ugusigura ingene Ceci zizojaho ©Iwacu

Abitavye inama y’ugusigura ingene Ceci zizojaho ©Iwacu

Patiri Ntukamazina Dominiko Diriyano, umukuru w’umurwi wigenga utegura amatora ku rwego rw’intara(Cepi) i Gitega. Ku vyerekeye mashirahamwe adakiranira ivyicaro vya poritike uwo mukuru wa Cepi amenyesha yuko ritegerezwa kuba rikorera mw’ikomine ritanzemwo uwuhiganwa kandi rizwi n’intara. Akaba kandi asaba abasitanteri kubaha urutonde rw’amashirahamwe akorera mu makomine yabo.

Ibiranga uwutorwa muri Ceci ni ugukunda igihugu, gutunganiriza bose, kubaha n’ukubahiriza amategeko, gukorera ku mugaragaro. Hari kandi gukoresha neza uburyo rusangi, kwitwararika imirimo ajejwe n’ibindi nk’ivyo. Ibiboneka vyosuzumwa nk’uko yabandanije abishikiriza ni ukuba Umurundi arekuriwe gutora, kugira urupapuro rw’umutsindo rwa D4, Kuba uri imvukira canke ukorera muri iyo komine, kuba utari mu nzego ndongozi z’umugambwe.

Kuba warigeze mu mirwi itegura amatora bikaba bikaba bitanga amahirwe kurusha.
Idosiye na yo itegerezwa kubamwo umwidondoro w’uwuhiganwa, ubwoko n’igitsina hamwe n’igopi y’urupapuro rw’umutsindo rwerekana ivyo yize hatibagiwe n’iy’ikarata karangamuntu.

Boshikiriza amadosiye Gute ?

« Idosiye zizanwa n’uwo aserukira za nzego twadondagura ku rwego rw’intara canke uwundi yatumye, bikaza mw’ibahasha yugaye » N’ivyo bivurwa na Dominiko Diriyano. Ikiringo c’ugushikana amadosiye naco ntikirenga imisi itatatu. Aho hakaba hatazorenga ku wa 22 Gitugutu isaha 11 n’iminota mirongo itatu z’umugoroba.
Ikindi yamenyesheje ni uko urutonde ruzoba rugizwe n’abantu bane kw’ikomine kw’ikomine, hisunzwe kuroranya ubwoko n’ibitsina.

Cepi na yo ikaba ari yo yiga ayo madosiye yatanzwe, igaheza ikagena umurwi yisunze ko ataho wegamiye. Ihejeje kuyihweza ica isohora ingingo igena abagize Ceci intonde z’abatowe zigaca zimanikwa kuri Cepi no ku makomine yose. Imasi itatu iheze Cepi ica itumako abo vyega kumenyeshwa abatowe.
Cepi-Gitega imenyesha yuko kuva igenekerezo rya 31Gitugutu gushika ku rya gatatu Munyonyo ingingo ntabanduka igena ama Ceci izoba yafashwe.

Amasezerano y'abayagira kur'urubuga ngurukanabumenyi rwa IWACU

Ivyiyumviro n'ibivugirwa hano ntibitegerezwa kurenga amategeko y'umubano mwiza. Mu bibujijwe kwandikira hano, harimwo amajambo y'amacakubiri afatiye ku bwoko, ibitsina, ukwemera kujanye n'idini, gutyozanya canke gutukana, amajambo ahamagarira gucanamwo, canke aza atanga amakuru ajanye n'ubuzima bwihereranye bwa muntu. Ikibujijwe kandi ni ugukoresha amasanamu canke ivyandikwa vy'abandi udatomoye isoko yavyo.
Iwacu ntizotiriganya mu gufuta icanditswe cose coza kirenga kuri ano masezerano, canke ivyanditswe bisubiwemwo, bitanzwe bitajanye n'inkuru vyandikiweko, bihayagiza ibidandazwa canke bidashingiye ku kwubahana hagati y'abahurira hano. Icanyuma : intererano izogirwa mu ndome nkuru izofutwa vuba.

Kwongerako iciyumviro

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *