Kwinonora imitsi mu kivunga vyarahagaritswe

Ubuyobozi bw’igisagara ca Bujumbura bwarafashe ingingo yo guhagarika ukwinonora imitsi mu kivunga ku minsi ya gatandatu, mu mwanya w’ibikorwa rusangi. – Vyanditswe na Vyizigiro Jimi Erevisi

Saidi Juma

Sayidi Juma arongoye igisagara ca Bujumbura ©Iwacu

Mu gihe igenekerezo rya 8 Ntwarante imisore yagirizwa kuba yariko itegura imyiyerekano mu mugambwe Msd yafashwe iriko yinonora imitsi. Ivyo bishitse kandi mu gihe ku munsi wa gatandatu bigaragara yuko abatari bake baba bariko baranonora imitsi basivye muri ivyo bikorwa, kuko hari ababona yuko vyoba ari ivy’umugambwe uri ku butegetsi. Abandi basiba babona yuko bitunganijwe nabi.
Mu ngingo inomero 53 yo kuwa 18 Ntwarante 2014, umukuru w’igisagara ca Bujumbura yamenyesheje ko ukwinonora imitsi mu kivunga bizohora bikorerwa mu bibanza bizwi, na ho nyene vyabanje gusabirwa uruhusha.
Mw’ikete bwashize ahabona, ubuyobozi bw’igisagara ca Bujumbura bumenyesha ko abinonora imitsi mu kivunga bimaze kuboneka ko baca baboneraho akaryo ko guhungabanya umutekano w’igihugu. Ivyo bakabikora babicishije mu manama. Inyuma y’aho inama nkuru y’umutekano isabiye ubuyobozi bw’igisagara ca Bujumbura ko bwotunganya ingene ukwinonora imitsi mu kivunga bikorwa, ingingo yafashwe ni uko bizohora bibera mu bibanza bizwi, kandi ababishaka bakabanza kubisabira uruhusha.

Ivyo bibanza ni ibihe?

Urwo rwandiko rwarerekanye neza ibibanza vyemewe n’amategeko. Ibibanza bigiye gukorerwamwo imyimenyerezo yo kwinonora imitsi mu kivunga  ni  ibi bikwirikira: aho bita kuri Jardin Public, ku bibuga vy’umupira vy’ikambi y’igisirikare ya Muha, mu Kamenge kw’ishure ryisumbuye rya ETS, ku kibuga kiri mu Kibenga muri komine Kinindo, ku kibuga c’umupira w’amaguru ca IPA mw’i Rohero, aho bita kuri Tempête mw’i Rohero, ku kibuga c’umupira ca PSR muri komine Buyenzi, ku kibuga c’umupira w’amaguru kiri ahegereye ishure ryisumbuye rya LP Ngagara, hamwe no ku kibuga c’umupira w’amaguru kiri mu Buyenzi.
Abashaka kwinonora imitsi muri ivyo bibanza vyashikirijwe n’ubuyobozi bw’igisagara ca Bujumbura bakazotegerezwa kubisabira uruhusha.

Abinonora imitsi ntibavyakiriye neza

Bamwe mu bakunda kwinonora imitsi bariyamiriza iyo ngingo. M.N, ati:  «None ko umuntu yahora aja kwinonora imitsi bivanye n’ingene atunganya umwanya wiwe, ubu rero tugiye gusaba uruhusha imbere yo kugenda? »
Abandi na bo bamenyesha yuko reta idakwiye gufatira abantu mu kivunga kuko hari benshi bagiye kugwa mu mporero.
K.A , na we ati: «Uretse yuko nonora imitsi kubera nabitegetswe na muganga, jewe nsanzwe ndi mu murwi munini winonora imitsi. Si ukwinonora imitsi gusa, uwo murwi uratuma tumenyana, twunga ubucuti ndetse tugafashanya mu bihe vyiza na bibi bishika mu buzima bwacu.» Yarangije amenyesha yuko iyo ngingo y’ubuyobozi bw’igisagara ca Bujumbura ije kubanigira mu menshi.

Amasezerano y'abayagira kur'urubuga ngurukanabumenyi rwa IWACU

Ivyiyumviro n'ibivugirwa hano ntibitegerezwa kurenga amategeko y'umubano mwiza. Mu bibujijwe kwandikira hano, harimwo amajambo y'amacakubiri afatiye ku bwoko, ibitsina, ukwemera kujanye n'idini, gutyozanya canke gutukana, amajambo ahamagarira gucanamwo, canke aza atanga amakuru ajanye n'ubuzima bwihereranye bwa muntu. Ikibujijwe kandi ni ugukoresha amasanamu canke ivyandikwa vy'abandi udatomoye isoko yavyo.
Iwacu ntizotiriganya mu gufuta icanditswe cose coza kirenga kuri ano masezerano, canke ivyanditswe bisubiwemwo, bitanzwe bitajanye n'inkuru vyandikiweko, bihayagiza ibidandazwa canke bidashingiye ku kwubahana hagati y'abahurira hano. Icanyuma : intererano izogirwa mu ndome nkuru izofutwa vuba.

Kwongerako iciyumviro

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *