Kuvuza imiti y’ikirundi

Nta wuca umugani atumvise kandi ico utazi ukibarirwa n’uwakibonye.

Icapa c’aho badandariza imiti y’ikirundi i Gitega ©Iwacu

Icapa c’aho badandariza imiti y’ikirundi i Gitega ©Iwacu

Na jewe iki kiganiro ngira ndabashikirize gishimikiye kuvyo nagiye ndabura ku bavuzi barigenze canke mu kubaza barya banda imiti mu kaguriro, kanatsinda nyokuru avyara data na mawe yanyibarutse hari imwimwe baturaze. Musanzwe muziko kuva na kera na rindi, imbere y’umuzo w’abazungu, basokuru baravura indwara zimwe zimwe zigakira bakoresheje imiti y’ikirundi. Baravura indwara z’abana hamwe n’iz’abakuze.
Baravura iz’abana nk’ukwuzura inda, kuyamira, igisahuzi n’iyo hejuru. Ico gihe umugahasha, umuyungubira, umubagabaga, tinyabakwe, umukizikizi, umusasa, umuhengerihengeri, n’iyindi
Baravura ibinyoro bakoresheje akanyamapfundo n’icanda. Mukuvura Kwashi bakoresha umurandaranda, n’imbonerakure hamwe n’inkonjoro.Ibiturika navyo babivuza umukubarwa n’umukizikizi.Iyo hateye ibihushi barakoresha isesabirego n’umugombe.
Indwara z’ugucibwamwo bakoresha ikiramata, akanyamapfundo, umusasa n’umunyamabuye.Aho hambere iyo hateye indwara z’amaso baca bikora kw’ishwemu, ikinyami n’akarura. Hari n’indwara zikarira abana gusa bavura neza cane. Akarorero n’inkyo umwana yanka kwonka canke gufungura baca bamuramiza umuti ukozwe mw’itovu.Iyo yagumbije naho bakoresha igifurifuri, ikira c’inzovu umubebe n’umugoti. Umuravumba, igicuncu n’insogo navyo babikoresha cane cane mu kuvura inkorora.Ikirimi naco cavurwa hakoreshejwe umugombe n’ipiripiri mu gihe iyo ari agasama bakavuza ikinga n’ikizimya muriro. Indwara y’ubugendakanwa iyo yadutse, bayivura bakoresheje ishwemu.

Indwara z’abakenyezi zozo bazivura ukwazo

Umugore ahura imfungurwa zimwe zimwe igihe yibungenze canke akazitwaririza, bamuha umuti witwa buganga canke umweza. Umugore aribwa mu nda yibungenze, bamuvuza umuhotora , umukizikizi, umugomera, umutake, umwunzi, umugimbu, umuhangahanga n’umusengesenge. Uwucibwamwo yibungenze bamuha umuhotora n’umukuzanyana.
Umugore nawe arwaye irekwe , kuyorwa , kwisinzirirako , gucekuka mu maso no kubura inguvu bamuha umufumbegete. Iyo ababara agiye mu butinyanka bamuha umweza , umubirizi, umutongotongo n’umunyankuru. Iyo bashaka kugarura inda yagiye bakoresha isesabirego n’umuhombo.
Intavyara bayiha umuyungubira ,n’umuvuvu, urubura n’igishushantama .Umukenyezi yakurikiza atevye iyo yipfuza kunyarutsa bamuha umusasankuzo n’umuhangahanga. Uwatinya kuvyara amahasa bamuha umuti witwa ngabo imwe na gise kimwe. Hanyuma uwashaka guhindura, akarorero yahora avyara abahungu agashaka abakobwa bamuha umugarikabiganza n’umunemberi.
Biracaza, nzobongerako iyindi miti n’indwara ivura mu kiganiro kizoza.

Amasezerano y'abayagira kur'urubuga ngurukanabumenyi rwa IWACU

Ivyiyumviro n'ibivugirwa hano ntibitegerezwa kurenga amategeko y'umubano mwiza. Mu bibujijwe kwandikira hano, harimwo amajambo y'amacakubiri afatiye ku bwoko, ibitsina, ukwemera kujanye n'idini, gutyozanya canke gutukana, amajambo ahamagarira gucanamwo, canke aza atanga amakuru ajanye n'ubuzima bwihereranye bwa muntu. Ikibujijwe kandi ni ugukoresha amasanamu canke ivyandikwa vy'abandi udatomoye isoko yavyo.
Iwacu ntizotiriganya mu gufuta icanditswe cose coza kirenga kuri ano masezerano, canke ivyanditswe bisubiwemwo, bitanzwe bitajanye n'inkuru vyandikiweko, bihayagiza ibidandazwa canke bidashingiye ku kwubahana hagati y'abahurira hano. Icanyuma : intererano izogirwa mu ndome nkuru izofutwa vuba.

Kwongerako iciyumviro

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *