Kirundo : harakenewe ihimiriza mu kurwanya iforode

Urudandazwa rwa magendu mu Kirundo si agaseseshwarumuri. Mu makomine ya Ntega, Kirundo na Bugabira, abanyagihugu bavuga ko hakenewe inyigisho zikundisha gutanga ikori. – Vyanditswe na Ngendakumana Firipo

Buramatari wa Kirundo avuga ko abakozi ba Obr bafise uruhara mu rudandazwa rwa magendu ©Iwacu

Buramatari wa Kirundo avuga ko abakozi ba Obr bafise uruhara mu rudandazwa rwa magendu ©Iwacu

«Bigenda bite ngo hakorwe iforode urwaruka n’abaporisi bama barakizura ijoro n’umutaga?», umukozi wa reta aribaza. Arongera: «Ni kuko igiporisi n’abanyagihugu babifisemwo uruhara.» Abakozi ba reta (harimwo buramatari), abaporisi n’abanyagihugu twabajije bemeza ko ataco bazi ku ngingo itegekanya ibice 10 kw’ijana vy’agaciro k’iforode ifashwe, agahabwa uwabiranze. Igiteye ubwoba ni uko ku Ntega, bamwe mu banyagihugu bakenye baremeza yuko badashobora kudoma urutoke ku bidandazwa vya magendu kuko mu bihe vy’ubukene, abadandaza barabagurana ivyo bakeneye.

«Ntidufise inkuru zikwiye ku vyo Obr ikora»

Ivyo ni ivyemezwa na Nzigamasabo Reveriyano atwara intara ya Kirundo. Kuri ako gashirukabute k’ibice 10 kw’ijana baha uwatanze inkuru, arahakana ko atarigera yumva uwayaronse. «Ariko harafashwe amatoni 10 y’isukari yatunzwe agatoke.» Akandi karorero atanga ni igiti c’umuvyi. «Ubu ko amafaranga agurishijwe umuvyi ashirwa kw’ikonte ya reta, ni nde bazoyaha ko haheze umwaka?» Ati Obr ntiyabimenyesheje abantu. Avuga ko igiporisi cokora uko gishoboye kuko ababijabukana bugara amakamyo n’ubuhinga (plomb) kugira igiporisi ntikibisuzume. Ariko akavuga ko bigoye gucunga umupaka wose ubahuza n’Urwanda.

Basaba iki ?

Buramatari ko hoshirwa muri Cohoha igiporsisi co mu mazi gifise ubwato bunyaruka. Asaba kandi ko mu Kirundo hoshirwa ibiro vyo gusuzumiramwo ivyinjira, ikibazo kimaze gushikirizwa kabiri umukuru w’igihugu. Akibaza nimba kubona ibidandazwa bica mu Kirundo ari bike cotuma hataja ivyo biro, narirya ibidandazwa vyinshi bica muri iyo ntara imber yo gushika aho na bo baheza bakabigurira. Ati abadandaza barinda kugira ibirometero 150 baja kurangura i Ngozi canke mu Kayanza. Akibaza bituma bamwe bahitamwo iforode.

Ikigo Obr kiratanga umuco

Ndayizeye Godansi ati kuba igiporisi kitazi inkaratasi zisabwa abatwara ibintu ni agahaze  ©Iwacu

Ndayizeye Godansi ati kuba igiporisi kitazi inkaratasi zisabwa abatwara ibintu ni agahaze ©Iwacu

Ndayizeye Godansi, umukomiseri ajejwe ivy’igendereza n’amatohoza muri Obr, ku vyerekeye kutamenya ingingo itanga ibice 10 kw’ijana uwatunze agatoke ibidandazwa, aratanga umuco. Avuga ko iyo ngingo n’ayandi mategeko akoreshwa muri Afirika y’ubuseruko mu kurwanya iforode, azwi ahanini n’ibisata vya Obr biyashira mu ngiro. Ariko ngo ubuyobozi bujejwe kumenyesha amakuru buhora buja guhimiriza mu gihugu hagati n’iyo ngingo bakayisigura.
Ati uwatanze inkuru arandikira mw’ibanga umukomiseri mukuru amusaba ko yoyarihwa, ariko bikorwa na bake (hagati ya 10 na 15). Abikora atarengeje ukwezi.
Ndayizeye aremeza ko kuba igiporisi kitazi inkaratasi zisabwa abunguruza ibintu muri Afirika y’ubuseruko ari agahaze. Bategekanya kuzozikwiragiza mu giporisi, mu bajejwe iperereza no mu giporisi kirwanya ibiturire. Na zo zirya ntsinga bugaza amakamyo mu gutwara ibidandazwa vya magendu, avuga ko zose zizwi muri Obr, ati ni haba hari amakamyo yugaye yaharenganye abirenzeko ni uko harimwo uruhara rw’abakozi ba Obr. Ngo ntavyo baramenyeshwa kandi ntibavyihanganira. Ku giporisi co mu mazi cokorera mu biyaga vyo mu buraruko avuga ko ari nkenerwa ko n’amato akenewe muri Tanganyika. Ariko ngo igihugu kirakenye nticogura ayo mato.
Avuga ko atahura imyidogo y’abadandaza barinda kuja i Ngozi no mu Kayanza, ariko akavuga ko itegeko batorica iruhande. Rivuga ko ari ibidandazwa bitarenza amadorari 500 mu kubijabukana umupaka, bishobora kurihirwa ku mupaka. Atari uko mu gihugu hagati bibera mu Kayanza, i Gitega n’i Makamba.

Amasezerano y'abayagira kur'urubuga ngurukanabumenyi rwa IWACU

Ivyiyumviro n'ibivugirwa hano ntibitegerezwa kurenga amategeko y'umubano mwiza. Mu bibujijwe kwandikira hano, harimwo amajambo y'amacakubiri afatiye ku bwoko, ibitsina, ukwemera kujanye n'idini, gutyozanya canke gutukana, amajambo ahamagarira gucanamwo, canke aza atanga amakuru ajanye n'ubuzima bwihereranye bwa muntu. Ikibujijwe kandi ni ugukoresha amasanamu canke ivyandikwa vy'abandi udatomoye isoko yavyo.
Iwacu ntizotiriganya mu gufuta icanditswe cose coza kirenga kuri ano masezerano, canke ivyanditswe bisubiwemwo, bitanzwe bitajanye n'inkuru vyandikiweko, bihayagiza ibidandazwa canke bidashingiye ku kwubahana hagati y'abahurira hano. Icanyuma : intererano izogirwa mu ndome nkuru izofutwa vuba.

Kwongerako iciyumviro

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *