Kayanza/Ishure ryisumbuye rya Musema : «vyose ni poritike!»

Hari icuka kibi hagati y’abarerwa, abigisha bamwe bamwe n’ubuyobozi. Aho ni kw’ishure ryisumbuye rya Musema muri komine Butaganzwa. Inyuma yavyo ni poritike. – Vyanditswe na Bukeyeneza Arumeri-Jiriberi

Irembo ry’ishure rikuru rya Musema. ©Iwacu

Irembo ry’ishure rikuru rya Musema. ©Iwacu

C.H, umunyeshure wo kw’ishure ryisumbuye rya Musema, avuga ko yarenganijwe: «Mu gice ca mbere twafashwe tuvuye hanze tudafise uruhusha turi umurwi, ariko nahanywe jenyene.» Igituma? «Imigenderanire ni mibi hagati yanje n’uwujejwe indero, anyagiriza ko ndi mu kibiri.» U.P. yigisha kuri iryo shure mu mwaka uheze. Avuga yuko aho haziye amashure shingiro, yaciye yimurwa be n’abandi munani bakorana, baja kw’ishure rya komine rya Mufumya. Aho ngo hari ibirometero 10 uva i Musema ahari imihana yabo. Arongera ati: “Ivyo bafatiyeko mu kwimura abigisha ntitwabimenyeshejwe. Ariko ubirabiye hafi, abadahuza ivyiyumviro n’umugambwe uri ku butegetsi ni bo bahereyeko.” Abatari bake mu bo twayaze baremeza yuko hari abanyeshure bananiwe ku mwaka uheze, bari bafise amanita yo guhitira kuri iryo shure, ariko ntibabemereye. Ico bazize ngo ni abanyeshure bagorana ni ukuvuga abansi muri poritike.

Ubuyobozi burabibeshuza

Ndikumana Firipo, umuyobozi w’ishure ryisumbuye rya Musema, yishura yuko ivyo vyose ari ugukoreshwa mu vya poritike ata kindi. Arongera ati: «Kuva ntanguye kuyobora ino shure, haciye imyaka ibiri, nta kirego nk’ico ndigera ndonka kandi hama haba amanama y’abanyeshure, ay’abigisha n’ay’abavyeyi.» Ikindi avuga ni uko ishure rifise agasandugu bashiramwo ivyiyumviro, ariko ngo ntawurabivugamwo.Ku vyo guhindurira abigisha biciye mu vya poritike, aratanga umuco: «Icafatirwako harabwa abigiye ivyo kwigisha n’abafise inkaratasi z’umutsindo za D7. Amazina yose yavuzwe na yo ari muri uwo murwi.»

Ivyo si bishasha

Kubona poritike yivanga mu ndero kw’ishure ryisumbuye rya Musema si ivy’ejo. Nk’uko abo twahasanze bavyemeza, ngo kugira ubitahure neza wohera mu 2007, kuva aho Mbonabuca Tanazi yashika kurongora iryo shure, ubu arongoye intara ya Kayanza. Ngo ico gihe haciye hinjira icuka kibi mu banyeshure, bicamwo imirwi ibiri: abo mu mugambwe uri ku butegetsi, mbere bamwe ntibatinya kubita imbonerakure, abandi na bo bashigikiye imigambwe itavuga rumwe n’uwuri ku butegetsi. Ivyo ngo vyahamaze imyaka. Mu 2013, nkuko babandanya batwiganira, vyarunyutse: «Abanyeshure bo muri Cndd-Fdd barigaragaje hose, mu buryamo, mu mashure, hanze,… bamwe mbere baranakubiswe na bo abarezi babona»,ni ko babandanije batubwira. Nk’uko abo bantu twahasanze babandanya batuyagira, ngo ivyo kugira biturure bizovana n’uko abigisha batari bake, bashavujwe n’iyo ngendo ibishe, bazova hasi bagahagarika ibikorwa vyose.

Ico mwiyumvira
  1. Dr KANDIKANDI

    iRYO NI IBARA MU BURUNDI, Reka kwica Burundi bwejo. Nkamwe murongoye amashure hamwe nabigisha, mwtegerezwa kuba akarorero kaigisha amacakubiri. Twavuga kera ngo ayubwoko yazanywe nabazungu, ayimigambwe nayo ariko azanwa na nde? Ikubite agashi twubake igihugu cacu kitagira amacukubiri ayariyo yose.

Amasezerano y'abayagira kur'urubuga ngurukanabumenyi rwa IWACU

Ivyiyumviro n'ibivugirwa hano ntibitegerezwa kurenga amategeko y'umubano mwiza. Mu bibujijwe kwandikira hano, harimwo amajambo y'amacakubiri afatiye ku bwoko, ibitsina, ukwemera kujanye n'idini, gutyozanya canke gutukana, amajambo ahamagarira gucanamwo, canke aza atanga amakuru ajanye n'ubuzima bwihereranye bwa muntu. Ikibujijwe kandi ni ugukoresha amasanamu canke ivyandikwa vy'abandi udatomoye isoko yavyo.
Iwacu ntizotiriganya mu gufuta icanditswe cose coza kirenga kuri ano masezerano, canke ivyanditswe bisubiwemwo, bitanzwe bitajanye n'inkuru vyandikiweko, bihayagiza ibidandazwa canke bidashingiye ku kwubahana hagati y'abahurira hano. Icanyuma : intererano izogirwa mu ndome nkuru izofutwa vuba.

Kwongerako iciyumviro

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *