Kaminuza y’Uburundi yahaye ikibanza ikirundi n’igiswahiri

Kaminuza y’Uburundi igiye gutanguza igisata cigisha ikirundi n’igiswahiri mu ntumbero yo gushigikira umugambi w’igihugu w’ishure shingiro. – Vyanditswe na Bayaga Manyusi

Ndoricimpa Simeho: «Ico gisata kigiye gutangurana n’umwaka w’ishure w’2013 ushira 2014 » ©Iwacu

Ndoricimpa Simeho: «Ico gisata kigiye gutangurana n’umwaka w’ishure w’2013 ushira 2014 » ©Iwacu

Abanyeshure bashika kw’120 ni bo bashizwe mu gisata gishasha kigiye kwigisha indimi z’ikirundi n’igiswahiri. Ico gisata cashizweho ngo hashobore kuboneka abigisha bazofasha muri wa mugambi w’igihugu wo kugira ishure shingiro. Ndoricimpa Simeho, akorera mu gisata co kumenyesha amakuru muri Kaminuza y’Uburundi, avuga ati : «Ico gisata kigiye gutangurana n’umwaka w’ishure w’2013 ushira 2014, kizokwigisha abazofasha mu kwigisha mu mashure shingiro kuko hasanzwe hatangwayo ivyigwa vy’ikirundi n’igiswahiri.» Ku kibazo c’uko coba kije gusubirira igisata cahora cigisha indimi n’amayagwa vyo muri Afirika, hahora higishwa ikirundi n’igiswahiri, Ndoricimpa avuga yuko muri kaminuza hari vyinshi vyagiye birahinduka inyuma yaho hatangurijwe intonde nshasha z’ivyigwa mu makaminuza yo mu gihugu, ivyo bise BMD. Atanga akarorero ko mu gisata gitegura abigisha (Institut de laPédagogie Appliquée, IPA), aho bahora biga icongereza n’ikirundi ubu bahigira icongereza gusa. Arongera ati : «Twabonye ikirundi kitakiri muri ico gisata kandi hakenewe abazoja kucigisha, ni kwo gushiraho igisata caco». Ikindi amenyesha ni uko iyo kaminuza yafatiye ku yandi makaminuza asanzwe akoresha umugambi wa BMD ngo kuko biguma bikenewe.

Vyoba vyariteguriwe ?

Ku vyerekeye imyiteguro, Ndoricimpa amenyesha yuko amasomero ateguye, ivyigwa bizotangwa vyaramaze gushirwa ku ntonde (ivyigwa 19 mu mwaka wa mbere), eka n’abigisha bazotanga ivyo vyigwa barakwiye. Aha rero akaboneraho gusaba abanyeshure bagiye kuzokwiga muri ico gisata ko bokwirikirana neza ivyo vyigwa kuko bazoba bafise amahirwe ko bazoba babaye aba mbere bahawe ubwo bumenyi. Aha akongerako yuko muri kino gihe Uburundi busanzwe buri mu muryango w’ibihugu vyo muri Afirika y’ubuseruko, abo bashobora no kuharonkera akazi. Ati muri uwo muryango, barashira imbere uburenganzira bw’ukwidegemvya kw’abantu, ibintu n’ubuzi. Ati ushoboye gukoresha igiswahiri, urashobora kuja gukorera mu bihugu nk’Ubuganda, Tanzaniya, Kenya, ndetse no mu muryango wose wa Afirika y’Ubuseruko. Ngo abo bashizwe muri ico gisata rero bociga ata bwoba kuko bazoba bafise amahirwe menshi. Ico biteze kuri ico gisata gishasha rero ngo ni ukuronka abigisha babinonosoye bazofasha ishirwa mu ngiro ry’umugambi wa reta werekeye ishure shingiro. Mukamenya uko Kaminuza y’Uburundi iheruka gukwiza imyaka 50 itanga ubumenyi, ikaba ifise ibigo bitanu bitandukanye, haba mu gisagara ca Bujumbura canke mu ntara ya Gitega.

Amasezerano y'abayagira kur'urubuga ngurukanabumenyi rwa IWACU

Ivyiyumviro n'ibivugirwa hano ntibitegerezwa kurenga amategeko y'umubano mwiza. Mu bibujijwe kwandikira hano, harimwo amajambo y'amacakubiri afatiye ku bwoko, ibitsina, ukwemera kujanye n'idini, gutyozanya canke gutukana, amajambo ahamagarira gucanamwo, canke aza atanga amakuru ajanye n'ubuzima bwihereranye bwa muntu. Ikibujijwe kandi ni ugukoresha amasanamu canke ivyandikwa vy'abandi udatomoye isoko yavyo.
Iwacu ntizotiriganya mu gufuta icanditswe cose coza kirenga kuri ano masezerano, canke ivyanditswe bisubiwemwo, bitanzwe bitajanye n'inkuru vyandikiweko, bihayagiza ibidandazwa canke bidashingiye ku kwubahana hagati y'abahurira hano. Icanyuma : intererano izogirwa mu ndome nkuru izofutwa vuba.

Kwongerako iciyumviro

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *