Kaminuza y’Uburundi : ubuserukizi bushasha bw’abanyeshure ntibuhumuriza bose

Umuyobozi wa kaminuza y’Uburundi yaragenye umunyeshure mu mabanga yo guserukira no kurongora ishirahamwe rihurikiyemwo abanyeshure FER. – Vyanditswe na Vyizigiro Jimi Erevisi

Ernest Nzambimana

Nzambimana Renesito yagenywe kurongora ishirahamwe ry’abanyeshure bo muri kaminuza y’Uburundi ©Iwacu

Nkuko vyemezwa n’abanyeshure bo muri iyo kaminuza, ivyo bibaye mu gihe abanyeshure bari basigaye basenyera ku mugozi umwe bose mu gusaba isubirwamwo ry’ingingo zimwe zimwe ziriko zirafatwa muri iyo kaminuza zitaborohereza. « N’abari banse amatora ko aba bari basigaye badusaba ikigongwe batubwira ngo tuyatunganye vuba kandi ababishaka bose bitoze », ivyo vyemezwa n’umwe muri bo yiga mu gisata c’indimi.
Nzambimana Renesito ni we yagenywe kurongora ishirahamwe ry’abanyeshure FER. Uwo munyeshure si mushasha muri ayo mabanga kuko, ikiringo ciwe co gutwara iryo shirahamwe yari yagisozereye kuwa 23 Mukakaro 2013. Kukaba nkako ni we yari arongoye iryo shirahamwe mu mwaka w’ishure wa 2011 ushira uw’2012.
Mw’ikete Hakiza Gasitoni, umukuru wa kaminuza y’Uburundi, yandikiye uwo munyeshure Nzambimana Renesito, yamusavye ko yoshiraho abo bahora bakorana kugira babandanye baserukira iryo shirahamwe, ndetse ubwo buyobozi bukamwemerera ko buzomufata mu mugongo. Ubwo buyobozi bwagiriyeko bugabisha abo bose bogerageza guhungabanya umutekano ko bazohanwa bikomeye.

Abarerwa ntibashimye iyo ngingo

Uwo yagenywe bagenziwe bari bamaze kumwiyamiriza. Uyu mwaka nyene, abanyeshure bo muri kaminuza y’Uburundi bari biyamirije izina rya Nzambimana Renesito mu kibanza c’abashaka kwitoza ngo barongore iryo shirahamwe. Amatora yahavuye asiba, abanyeshure bakaba baciye bamara amezi indwi badafise uwubaserukira kubera ingorane z’amoko n’imigambwe zariko ziratera induru nyishi mu buserukizi bw’abanyeshure bo muri kaminuza y’Uburundi. Muri ico gihe nyene, umuyobozi wa kaminuza y’Uburundi Hakiza Gasitoni yari yamenyesheje ko atazokwigera yemeza umunyeshure n’umwe mu gihe cose abanyeshure bazoba bataritorera ababarongora ku mugaragaro. Ukwo kwivuguruza gusa n’ukwarambiye abo barerwa.
Ku ruhande rwabo, bavuga ko iyo ngingo y’umuyobozi wa kaminuza y’Uburundi yerekana neza ko ubwo buyobozi bwivanga mu bikorwa vy’iryo shirahamwe ry’abanyeshure. Abanyeshure babona ko ivyo ari ibishaka gucanishamwo abanyeshure hamwe no kubasamaza kugira bibagire ivyo bariko barasaba nk’isubirwamwo ry’ivyerekeye agafashanyo abo banyeshure bahora baronka. Umwe mu banyeshure baserukira abandi yiga mu gisata c’uburimyi ati: « Iyo ngingo y’umuyobozi mukuru wa kaminuza ntituyitahura na gato. Ntitwumva ukuntu yanse yuko twitunganiriza amatora nk’uko amategeko abiturekurira kandi tugashira imbere abanyeshure tuba twagomwe twebwe ubwacu.»
Mw’ikete abaserukira abandi banyeshure muri kaminuza y’Uburundi banditse, bariyamiriza ingendo y’umuyobozi wa kaminuza y’Uburundi, bagasaba bagenzi babo gufatana mu nda ntibemere kujanwa na bamwe mu bayobozi bashaka gukoresha bamwe mu banyeshure, kugira babacemwo imice. Bibutsa ko umuyobozi wa kaminuza ata bubasha na bumwe afise bwo gutora uwuserukira abanyeshure.

Amasezerano y'abayagira kur'urubuga ngurukanabumenyi rwa IWACU

Ivyiyumviro n'ibivugirwa hano ntibitegerezwa kurenga amategeko y'umubano mwiza. Mu bibujijwe kwandikira hano, harimwo amajambo y'amacakubiri afatiye ku bwoko, ibitsina, ukwemera kujanye n'idini, gutyozanya canke gutukana, amajambo ahamagarira gucanamwo, canke aza atanga amakuru ajanye n'ubuzima bwihereranye bwa muntu. Ikibujijwe kandi ni ugukoresha amasanamu canke ivyandikwa vy'abandi udatomoye isoko yavyo.
Iwacu ntizotiriganya mu gufuta icanditswe cose coza kirenga kuri ano masezerano, canke ivyanditswe bisubiwemwo, bitanzwe bitajanye n'inkuru vyandikiweko, bihayagiza ibidandazwa canke bidashingiye ku kwubahana hagati y'abahurira hano. Icanyuma : intererano izogirwa mu ndome nkuru izofutwa vuba.

Kwongerako iciyumviro

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *