Kaminuza y’Uburundi : abanyeshure ntibarota biyandikisha

Abanyeshure baserukira abandi bo muri kaminuza y’Uburundi na kaminuza nderabigisha ENS bararahira bakarengwa ko batarota biyandikisha kw’igenekerezo ya 24 nk’uko bari babisabwe n’umuyobozi wa kaminuza. – Vyanditswe na Vyizigiro Jimi Erevisi

Gaston Hakiza

Hakiza Gasitoni, umuyobozi wa kaminuza y’Uburundi ©Iwacu

Abanyeshure bo muri kaminuza y’Uburundi hamwe n’abiga mw’ishure nderabigisha ENS baheruka kwirukanwa,bari basabwe kugaruka kwiyandikisha itariki 24 Ntwarante. Bacirukanwa bavuga yuko bazoza kwiyandikisha hanyuma bagaca basubira kubandanya iyo yegereyegere.
Kuri uyu wa gatatu, barandikiye abavyeyi. Abo abanyeshure baheruka kurungikwa mu mihana iwabo mu kiringo c’iminsi cumi, babicishije ku banyeshure baserukira abandi muri kaminuza y’Uburundi na kaminuza nderabigisha ENS, basavye abavyeyi ko boba bararondera udukorwa two kwiteza imbere boba baraha abana bakore mu kurindira ko ikibazo cabo gitorerwa umuti. Muri urwo rwandiko, basaba abavyeyi kandi kutaroha abana babo mu gisagara. Basaba abanyeshure gutenyenya barindire inyishu umukuru w’igihugu abishura bivanye n’amarira n’amaganya abo bana bamushikirije.
Ku bw’abo banyeshure, akamo katewe n’umuyobozi wa kaminuza y’Uburundi ko bosubira kw’ishure bakiyandikisha gushasha ntaho gafatiye, kuko ikibazo kimurengeye kanatsinda ngo si we yabarungitse, si we rero yobahamagara ahubwo ni umushikiranganji w’amashure ya kaminuza n’ubushakashatsi.

Baragabishije bagenzi babo bashaka gukoreshwa n’ubutegetsi

Mu gihe abanyeshure batanu bahora baserukira ivy’imfatakibanza abandi bomuri kaminuza y’Uburundi birukanywe, benewabo basaba ko barenganijwe kandi ko amategeko yokwirikizwa. Abo banyeshure babandanya bamenyesha ko bateye ivyatsi abanyeshure bashaka gukoreshwa mu guhamba ibibazo vya benewabo bishimikije imigambwe. Abatungwa urutoke ni cane cane abari mu mugambwe uri ku butegetsi Cndd-Fdd. Abavugwa cane abanyeshure bagirizwa kuba bariko bahenda abandi. Abo na bo boba bariko batera ubwoba abandi ko bategerezwa gutonda ku munsi wa mbere, bongera barondera abokwigira abanyeshure ku munsi wa mbere kugira berekane ko akamo katewe kitabwe.
Urwo rwandiko rwateweko igikumu n’abanyeshure baserukira abandi bagera ku 269, muri abo 229 ni abo muri kaminuza y’Uburundi hamwe na 40 bo muri kaminuza nderabigisha ENS.
Ku bw’umuyobozi wa kaminuza y’Uburundi Hakiza Gasitoni, yari yamaze guhamagarira abo banyeshure kwitaba akamo ko gutonda ishure ku munsi wa mbere. Uwo muyobozi yaragabishije abanyeshure bose ko mu gihe batokwitaba ako kamo bozofatirwa ingingo zikomeye.

Amasezerano y'abayagira kur'urubuga ngurukanabumenyi rwa IWACU

Ivyiyumviro n'ibivugirwa hano ntibitegerezwa kurenga amategeko y'umubano mwiza. Mu bibujijwe kwandikira hano, harimwo amajambo y'amacakubiri afatiye ku bwoko, ibitsina, ukwemera kujanye n'idini, gutyozanya canke gutukana, amajambo ahamagarira gucanamwo, canke aza atanga amakuru ajanye n'ubuzima bwihereranye bwa muntu. Ikibujijwe kandi ni ugukoresha amasanamu canke ivyandikwa vy'abandi udatomoye isoko yavyo.
Iwacu ntizotiriganya mu gufuta icanditswe cose coza kirenga kuri ano masezerano, canke ivyanditswe bisubiwemwo, bitanzwe bitajanye n'inkuru vyandikiweko, bihayagiza ibidandazwa canke bidashingiye ku kwubahana hagati y'abahurira hano. Icanyuma : intererano izogirwa mu ndome nkuru izofutwa vuba.

Kwongerako iciyumviro

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *