Itangazo ry’Ikinyamakuru Iwacu : inkuru yarahinduriwe intumbero

Haraheze iminsi ibimenyeshamakuru bimwe bimwe vya hano iwacu bija birahindagura uko vyishakiye insiguro y’inkuru yaciye mu kinyamakuru Iwacu. Iyo nkuru yerekana ukugene abamenyeshamakuru bacu bahatswe kugwa mu mutego w’abantu bavuga yuko bafise inkuru ku bigize iminsi bivugwa vyerekeye imyimenyerezo ya gisirikare yoba ihabwa Imbonerakure mu gihugu ca Kongo.

Abo bantu rero mu kutujuragiza, ku mvo zitayoberanye, mu minsi iheze barungitse abantu baja kurementanya amakuru ku bimenyeshamakuru. Nta kindi barondera atari uguta mu mutego ivyo bimenyeshamakuru ngo bihave bitakaza umwizero ku basanzwe ari abanywanyi bavyo.

Ayo mayeri agayitse ni yo abamenyeshamakuru b’ikinyamakuru Iwacu bashatse kugaragaza mu nkuru bise «L’information piège » (Inkuru irimwo umutego), yasohotse mu kinyamakuru N°274 co ku wa 6 Ruheshi 2014.
Biratandukanye rero n’ivyo ibimenyeshamakuru bimwe bimwe vyirigwa birakwiragiza n’akanyamuneza kenshi, bifatiye kuri iyo nkuru. Ikinyamakuru Iwacu nticigeze kibeshuza igikorwa ca Petero Karaveri Mbonimpa.

Vyongeye, Ikinyamakuru Iwacu ntikibeshuje izindi nkuru zose catanze ku bijanye n’urwaruka rw’Abarundi ruvugwa ko rwoba ruri mu buseruko bw’igihugu ca Kongo. Aho na ho kiramaze gusohora inkuru zishika zine kandi kirazemanga zose.

Ikinyamakuru Iwacu kirababazwa no kubona hari bagenzi bacu bo mu bimenyeshamakuru bimwe bimwe bahindura intumbero y’iyo nkuru n’ibigirankana, bakabigira urwitwazo mu guhinyuza igikorwa ca Petero Karaveri Mbonimpa, asanzwe yubahwa n’ikinyamakuru Iwacu. Kimaze no kumutora incuro zitatu zose mu bantu 50 bafasha igihugu gutera imbere.

Ku bivugwa yuko hoba hari urwaruka rw’abarundi ruri mu gihugu ca Kongo, Ikinyamakuru Iwacu, co kimwe n’ibindi bimenyeshamakuru vyigenga n’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike, cipfuza yuko hoba amatohoza mpuzamakungu hagatangwa umuco kuri ico kibazo.

Mu kurangiza, ikinyamakuru Iwacu hamwe n’abandi basemerera haba mu gihugu canke mu makungu, kiributsa yuko ikibanza ca Mbonimpa kitari mu buroko, nyabuna ni ico kurwanira agateka ka zina muntu.

Bujumbura, ku wa 16 Ruheshi 2014
Ku bw’ikinyamakuru Iwacu

Antoine Kaburahe- Umuyobozi

 

Ivyo mwiyumvira
  1. saidi bigirimana

    nagomba ndababaze mwanka kuzira ukuri?none nimba mwebwe mwaratohoje kuri iyo nkuru nibibi kubitumenyesha?je kuruhande rwiwanje je naranezerewe cane kandi naciye mbona yuko mufise abamenyeshamakuru bavyigiye,hama mbonimpa nimba yaradutse baramuhenda avuga inkuru nkirya atatohoje ivyo nivyiwiwe.

  2. Kamariyagwe

    Mu numero imwe muzo mwasohoye hari aho muvugako mwatohoje neza mukanarungika abanyamakuru banyu ku rubuga.None namwe mwarabeshe?Canke bavuze ivyo muza mwatohoje?Duhe umuco!

Amasezerano y'abayagira kur'urubuga ngurukanabumenyi rwa IWACU

Ivyiyumviro n'ibivugirwa hano ntibitegerezwa kurenga amategeko y'umubano mwiza. Mu bibujijwe kwandikira hano, harimwo amajambo y'amacakubiri afatiye ku bwoko, ibitsina, ukwemera kujanye n'idini, gutyozanya canke gutukana, amajambo ahamagarira gucanamwo, canke aza atanga amakuru ajanye n'ubuzima bwihereranye bwa muntu. Ikibujijwe kandi ni ugukoresha amasanamu canke ivyandikwa vy'abandi udatomoye isoko yavyo.
Iwacu ntizotiriganya mu gufuta icanditswe cose coza kirenga kuri ano masezerano, canke ivyanditswe bisubiwemwo, bitanzwe bitajanye n'inkuru vyandikiweko, bihayagiza ibidandazwa canke bidashingiye ku kwubahana hagati y'abahurira hano. Icanyuma : intererano izogirwa mu ndome nkuru izofutwa vuba.

Kwongerako iciyumviro

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *