Ishure ridakumira abagendana ubumuga

Ishure ry’intango rya Kanyosha ya 3 ritanga indero idakumira abagendana ubumuga. Abana bagendana ubumuga bahiga barakenguruka. – Vyanditswe na Bayaga Manyusi

Mbeshiminwe

Mbeshiminwe Mariserina : «Ubu turashima ko aba bana bavuye mu rufuri.» ©Iwacu

Ishure rya Kanyosha ya 3 rimaze imyaka ine ritanguye kwakira abagendana ubumuga butandukanye. Ubu rifise abagendana ubumuga bangana 87 bagizwe n’abahungu 48 n’abakobwa 39. Harimwo abafise ingorane zijanye n’ukuvuga, iz’amaso n’izamatwi, abafise ubumuga buboneka ku mubiri n’ubundi bumuga butandukanye.

Manirakiza Everine amugaye ukuboko kw’ukubamfu. Yiga mu mwaka wa gatatu akagira imyaka 15. Avuga ko kuva ashitse kuri iryo shure yumva amahoro. «Nahora niga mw’i Rango mu Kayanza abandi banyeshure bakaguma banshengerera. Ariko hano nta ngorane mfise», ni ko abivuga. Ahanura abandi bana ko boza barubaha abana bagendana ubumuga. Eka na Mugisha Emerine, umwana bigana w’imyaka 9 afise inyonzo, avuga ko yavuye kw’ishure rya Kanyosha ya mbere kuko abo bigana bamugora aca aza ngaho.
Ndayishimiye Sherife, yiga mu mwaka wa gatanu akagira imyaka 17. Amugaye amaboko n’ukuguru. Arashima yuko abagendana ubumuga badakumirwa kuri iryo shure, abicishije mu kavyino. Ati: «Kera baradukumira ukamenga ntituri abana nk’abandi, ariko ubu turidegemvya.»

«Dutanga indero idakumira » 

Mbeshiminwe Mariserina, umuyobozi w’iryo shure, ati: «Aha dutanga indero idakumira, ahandi bene aba bana baca babarungika mu bigo vyakira abana bafise ubumuga gusa.» Avuga yuko ishure ari ahantu umwana yiyumva nko mu muryango, na we umwana ahashitse araheza akanezerwa. Abivuga yisunze yuko akenshi abana bagendana ubumuga bahora banyegezwa n’abavyeyi, ntibandikishwe haba mu bitabu vy’abavutse canke mu mashure. Ngo n’amazina babita usanga abakumira kuko afatiye ku bumuga bwabo: Kamuga, Kajisho, Rutwe, Wakenya, Mwarabu, Cewusi, Bubu( umuragi),… Ati indero idakumira iratandukanye na bene ayo mazina. Mbeshiminwe ati: «Ubu turashima ko aba bana bavuye mu rufuri. Hari abariko baragororwa kuko bafise aho babasanga. N’abavyeyi babo barahimbawe.»
Uwo muyobozi avuga ko iryo riri mu mashure yatowe ubwa mbere ngo yakire bene abo bana. Ahandi ni Ishure rya Mirango ya mbere, aho bita kuri Foreyami , ku Mushasha (Gitega), Giheta ya mbere na Makebuko ya mbere. Amenyesha yuko ishirahamwe ryitaho abagendana ubumuga (Handicap International) ribafasha mu bitari bike. Ngo haratanzwe inyigisho ku bantu baca mu mihana baraba bene abo bana boba banyegejwe, bagahimiriza abavyeyi ngo babajane kw’ishure.

Abigisha barahawe inyigisho

Umupfasoni Mbeshiminwe amenyesha yuko kwigisha abana barimwo abagendana ubumuga bitoroshe, ari na co gituma abigisha kumwe n’abayobozi babanje kuronswa inyigisho. Barize uburyo bakira bene abo bana kuva bakiza kwiyandikisha, bashitse mw’ishure hamwe no gutegura abo bigana ngo ntibabakumire. Bariga uburyo bashobora kubigisha n’uburyo bwo kubabaza. Ariko cane cane bariga ukugene babamenyereza abandi bana kugirango na bo nyene ubwabo ntibagume bikumira. N’iryo shure ryubatswe ku buryo bworohereza abafise ubumuga butandukanye, baba abagendera ku dutebe banyonga canke abatabona.

Amasezerano y'abayagira kur'urubuga ngurukanabumenyi rwa IWACU

Ivyiyumviro n'ibivugirwa hano ntibitegerezwa kurenga amategeko y'umubano mwiza. Mu bibujijwe kwandikira hano, harimwo amajambo y'amacakubiri afatiye ku bwoko, ibitsina, ukwemera kujanye n'idini, gutyozanya canke gutukana, amajambo ahamagarira gucanamwo, canke aza atanga amakuru ajanye n'ubuzima bwihereranye bwa muntu. Ikibujijwe kandi ni ugukoresha amasanamu canke ivyandikwa vy'abandi udatomoye isoko yavyo.
Iwacu ntizotiriganya mu gufuta icanditswe cose coza kirenga kuri ano masezerano, canke ivyanditswe bisubiwemwo, bitanzwe bitajanye n'inkuru vyandikiweko, bihayagiza ibidandazwa canke bidashingiye ku kwubahana hagati y'abahurira hano. Icanyuma : intererano izogirwa mu ndome nkuru izofutwa vuba.

Kwongerako iciyumviro

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *