Isegenya yarahitanye abantu n’ibintu mu buraruko bwa Bujumbura

Abantu barenga 60 barahitanywe n’isegenya, abatari bake barakomereka n’amazu menshi arasenyuka. Abacitse kw’icumu bakeneye gitabara. – Vyanditswe na Bayaga Manyusi

Imashini zikura amabuye yazanywe n’amazi mw’ibarabara ©Iwacu

Imashini zikura amabuye yazanywe n’amazi mw’ibarabara ©Iwacu

Imvura y’isegenya yaguye mw’ijoro ryo ku wa 9 Ruhuhuma yasize ikoze ibara mu makaratiye y’uburaruko bw’igisagara ca Bujumbura, n’igice bihana urubibe co mu makomine ya Isare na Mutimbuzi. Abantu baba muri iyo micungararo bagiye babona amazi abashwaramwo. Ayo mazi yari umurengera kandi yahitana ico abonye cose: abantu, amazu, imiduga, eka nta na kimwe yagera umutwe. Aho twahashika ku musi wa mbere mu gatondo, twasanze abanyagihugu batekewe n’ubwoba kuko batashobora gutegera ivyaraye bibaye. Umutama umwe twasanze mu Gatunguru ati: «Naho nabereyeho nta bintu nk’ibi nari bwigere mbona!» Muri ico gihe ibarabara riduga i Bugarama ntiryarengana kuko ryari ryuzuyemwo ibitandara vy’amabuye, ibimashini n’amabeni vyariko biragerageza kubikura mw’ibarabara. Utereje amaso hepfo y’ibarabara, wabona abantu benshi barimwo abaporisi bo mu gisata kijejwe ivyerekeye impanuka, abasirikare, abo mu muryango utabara imbabare mu Burundi (Croix-Rouge) n’abanyagihugu benshi. Aho rero bariko barondera abantu boba bahitanywe n’ico kiza.

Abatari bake baraguye muri iryo segenya

Ntivyari vyoroshe kumenya igitigiri c’abantu bahitanywe n’ico caduka kuko hirya no hino baguma batora ibiziga vy’abahitanywe na co. Ndagijimana Manweri, ni umwe mu bahahekuriwe abana batanu, aratwiganira ivyamushikiye: “Amazi yaduze ku kibambazi c’inzu yanje nk’isaha zibiri n’igice. Nsohoye umuryango ngo duhunge, nteruye abana babiri ntegwa n’igiti biranka yuko nigwanira, abana baranyiyaka amazi aca arabatwara. Umukenyezi na we yakijijwe no kwifadikiza igiti, umwana w’amezi icenda yari ahetse, amazi aramumwambura. Abana bane babatoye bapfuye, uwa gatanu acikanira kwa muganga.” Abo bana rero ngo bagiye barabatoratora aho basheshwe kure na kure ku rubibe rwa Gatunguru na Mirango. Akaba yari afise abana batandatu, imfura ifise imyaka icenda yari yajanywe kwa muganga, se ntiyari bwamenye uko ubuzima bwiwe bwifashe. Uwo muvyeyi co kimwe n’abandi benshi bari babuze ayo bacira n’ayo bamira. Abaporisi hamwe n’abo mu muryango utabara imbabare Croix-Rouge baguma begeranya abitavye Imana, naho bitari vyoroshe kubatora kubera urushanga n’isenyerezi vyaturutse kuri ico kiza. Ibiziga bimwe vyatwarwa mu buruhukiro bw’ibitaro bitandukanye, ibindi vyegeranirizwa uruhande rumwe. Mu gihe twariko turandika iyi nkuru, ibiharuro twahawe na Manirakiza Regisi avugira ururyango Croix-Rouge, ni 69 bapfuye, 182 bakomeretse, amazu arenga 3000 yasambutse n’abantu barenga ibihumbi 12 batagira aho bakika umusaya.

Ivyahatikiriye ntibigira uko bingana

Ku kiraro ca Nyabagere mu Kamenge ©Iwacu

Ku kiraro ca Nyabagere mu Kamenge ©Iwacu

Uretse abantu bahasize ubuzima, abahakomerekeye, amazu yasenyutse, n’abatagira, hari ibindi vyononekaye. Ibarabara riduga i Bugarama ryarimburutse ku mpande zose mbere hari imanga zirenza imetero zibiri z’uburebure, rishobora guhera ngaho rigasiduka hatagize igikorwa vuba. Ibiti bitwara intsinga z’umuyagankuba mu kibanza kizokwubakwamwo ingoro y’umukuru w’igihugu vyararandutse. Intsinga zaracikaguritse, izindi zaratwawe n’ayo mazi. Ico kibanza cuzuyemwo ibitandara vy’amabuye binini cane, biboneka yuko vyavuye mu misozi ihanamiye ico kiyaya. Intsinga zaca mu kuzimu z’umuhora mushasha wo gutumatumanako (fibre optique) zarazutse ziratwarwa, ntiwomenya n’uko zahigeze. Ikindi cahasinzikariye ni amabomba y’amazi ari haruguru y’iryo barabara hamwe n’imiringoti yamanura ayo mazi mu gisagara. Imirima yoyo ntiwomeya yuko yahigeze hepfo y’ibarabara.

N’amakomine yo mu gisagara ntiyasigaye

Aho bari ku maziko y’abahitanywe n’ivyago ©Iwacu

Aho bari ku maziko y’abahitanywe n’ivyago ©Iwacu

Ushitse ku kiraro c’uruzi Nyabagere kuri iryo barabara nyene, wasanga huzuye ibiti vy’ibigazi n’ibindi vyazanywe n’uruzi. Urwo ruzi rwarasheshe amazi na yo yihereza amabarabara n’imihana. Imihana itari mike n’amazu badandarizamwo vyari vyatewe n’amazi. Abantu baraye bahagaze, wasanga bariko barasohora ayo mazi, ivyo mu nzu vyatose kandi vyuzuye ivyondo. Isoko ya Kamenge yoyo yarahasinzikariye ku buryo abajejwe intwaro babaye barafata ingingo yo kuyugara. Ivyo babigize ngo ntihagire abikika mu kiza mu gihe amazi yari yayiteye ibitari bike bigasanzara. Yagiye kwugururwa igihe c’isaha y’umunani ariko ibidandazwa bitari bike vyari vyononekaye.
Muri komine Buterere amazu aharurwa mu bihumbi yarononekaye, amazi yari ibidengeri. Abantu bari babuze ayo bacira n’ayo bamira kuko ibintu vyari vyayangaye. Ushitse mu Carama wabona amabarabara yuzuye ibiyaga vy’amazi. Imihana yaho yari yatewe n’amazi, abantu bariko baragerageza kuyakura mu mazu. Abanyagihugu bo mu Kajaga bagiye babona ibidengeri vy’amazi bibatera mu mazu no mu mirima. Mbere kugera ku musi wa gatatu vyaribonekeza ko aguma agwira. Abantu batari bake bakaba barataye imihana yabo barahunga.

Reta yarifadikanije n’abagize ivyago

Ayo mahano amaze gushikira abo banyagihugu, abatari bake bo mu nzego z’igihugu barabaserutseko. Ndetse na reta yaciye yiyemeza guhambisha abahitanywe n’iyo segenya kuri uyo musi nyene. Ibiziga vyari bimaze kwegeranywa baciye baja kubifuba mw’itongo ry’abapfuye ryo ku Mutara ya mbere, muri zone Maramvya iri muri komine Mutimbuzi yo mu ntara ya Bujumbura. Muri ico kiringo abatari bake mu barongoye inzego nkuru z’igihugu bari bahashitse. Aha twovuga nk’umukuru w’igihugu n’icegera ciwe ca kabiri, abarongoye inama nshingamateka na nkenguzamateka hamwe n’abashikiranganji batari bake n’abashingamateka bamwe bamwe. Bamwe mu baserukira ibihugu vyabo mu Burundi bari baje gufata mu mugongo abo bahuye n’ivyago. Igisabisho co gusabira abo bahisi cari kirongowe na patiri mukuru wa paruwase ya Muzinda. Buramatari w’intara ya Bujumbura, mw’ijambo ryiwe, yamenyesheje yuko buca bashinga ikomite ishinzwe gukurikirana ibibazo vy’abashikiwe n’ako kaga. Umukuru w’igihugu, Nkurunziza Petero, yamenyesheje yuko reta izokwama hafi abasigaye mu vyo ishoboye. Ibaronderere aho bakika umusaya, abakomeretse na bo ibavuze. Yasavye ababishoboye gufasha. Abo bantu ubu barubakiwe amahema babamwo kandi n’abagiraneza baratanguye kubagarukirako. Ariko ivyo bakeneye ni vyinshi kuko ata na kimwe basigaranye.

Hari abagize ico babivugako

Amahema yubakiwe abasigaye batagira aho baba ©Iwacu

Amahema yubakiwe abasigaye batagira aho baba ©Iwacu

Abanyagihugu batari bake vyarabateye ubwoba gushika n’aho hari abibaza yuko vyoba ari ibihe vya nyuma, ibimenyetso vy’umuhero. Musenyeri Ruberintwari Anatori, arongoye vikariya ya Bujumbura, avuga yuko Yezu yaje kw’isi ahasanga ingorane ariko ngo ntiyagiye azikuyeho. Ngo igikomeye ni uko abantu bokwigumya, bakirinda gutanako imyikomo ngo ni abatwara canke abandi. Ahubwo ngo bofatana mu nda bagafashanya. Ati mu buzima bw’umukirisu umusaraba wamaho.
Umugenzi w’ibidukikije, Mbonerane Aruberi, amenyesha yuko izo ari ingaruka z’uko bacukura amabuye ku misozi uko bishakiye. Ati hakwiye kubaho amategeko abigenga. Asaba abajejwe gutunganya ibisagara ko bogira intumbero ngenderwako y’igisagara ca Bujumbura.

Amasezerano y'abayagira kur'urubuga ngurukanabumenyi rwa IWACU

Ivyiyumviro n'ibivugirwa hano ntibitegerezwa kurenga amategeko y'umubano mwiza. Mu bibujijwe kwandikira hano, harimwo amajambo y'amacakubiri afatiye ku bwoko, ibitsina, ukwemera kujanye n'idini, gutyozanya canke gutukana, amajambo ahamagarira gucanamwo, canke aza atanga amakuru ajanye n'ubuzima bwihereranye bwa muntu. Ikibujijwe kandi ni ugukoresha amasanamu canke ivyandikwa vy'abandi udatomoye isoko yavyo.
Iwacu ntizotiriganya mu gufuta icanditswe cose coza kirenga kuri ano masezerano, canke ivyanditswe bisubiwemwo, bitanzwe bitajanye n'inkuru vyandikiweko, bihayagiza ibidandazwa canke bidashingiye ku kwubahana hagati y'abahurira hano. Icanyuma : intererano izogirwa mu ndome nkuru izofutwa vuba.

Kwongerako iciyumviro

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *