Isanganya ryatumwe n’ugukora akazi nabi

Ugukigitanira vya ngombwa vy’imodokari hagati y’abaporisi n’umudereva ni vyo vyabaye inkwezi y’ugutembagara kw’imodokari yuzuye ingenzi. Hari kuri uyu wa 5 Munyonyo kw’ibarabara Gitega₋Karusi.Vyanditswe na Ndayisenga Farasisiko

Imodokari yaguye mu muserege ©Iwacu

Imodokari yaguye mu muserege ©Iwacu

Aho habereye isanganya ni kw’ibarabara Gitega₋Karusi, nko ku metero 500 uva ku mahwane y’amabarabara Gitega₋Karusi na Gitega₋Ngozi. Aho twahashika,twasanze imodokari yo mu bwoko bwa Probox ihengamiye ku nkengera z’iryo barabara, abantu batari bake na bo bayishengereye, imyidogo ari nanzi. Nk’uko twavyiganiwe na bamwe mu ngenzi zari muri iyo modokari yatemvye, iyo modokari yava mu gisagara ca Gitega igana mu ntara ya Karusi.

Igeze ku masanganzira y’irija i Karusi n’irija i Ngozi, iyo modokari yarahagaraye ahasanzwe hari ibariyeri y’abaporisi bagenzura uruja n’uruza. Abo na bo baragenzuye iyo ngedeshwa nkuko basanzwe babikora, baranasaba umudereva ivya ngombwa vyayo, uno na we arabitanga. Abaporisi baravyihweje, barangije barabimusubiza banamuha n’uburenganzira bwo kubandanya urugendo rwiwe.

Bisubiyeko…

Inyuma y’akanya gato cane, abaporisi babiri b’aho nyene kw’ibariyeri ryo ku masanganzira ni ho bafata ipikipiki baraheza boma inyuma ya modokari , bayihagarika imaze kugenda nk’urugendo rw’imetero 500. Nkuko ngenzi zibandanya zibitwganira , ihagarikwa ry’iyo modokari ntiryoroshe kuko umudereva yabanje kwica amatwi havuga amafirimbi y’abo baporisi bamukurikira.

N’umudereva ubwiwe arabishingako intahe. Agira ati: »Iyo moto ica inca ku ruhande, baguma bampagarika bambwira ngo hagarara hagarara nanje nguma ndiko ndamanuka , mbonye vyakomeye baguma bansatira ndaheza ndahagarara. » Ndayikengurutse Jediyo umudereva w’iyo modokari arongera ati: »Ndamera nk’uhagarara yamara imodoka ntiyari ipanguye, yari ikirimwo igitesi,nguma mponyoye kw’ifire . »Yamara n’ubundi ibintu ntivyahavuye vyoroha, impari zarakomeje nk’uko Riyazimana Erike ,umwe mu bari bungurujwe muri iyo modokari. Agira ati: »Umuporisi umwe aca araza ati zana impapuro(amadokima) , umudereva na we ati jewe bankontoroye.Umuporisi aca aja kumanura amadokima hejuru , umudereva aramwankira. »Iyo ngenzi yavyiboneye irongera iti: »Wa muporisi aca yugurura umuryango akwega umudereva amuta hanze ashikura n’urupfunguruzo rw’imodokari. »Nkuko tubandanya tuvyiganirwa na bamwe mu ngenzi,iyo modokari yaciye imandagara ata mudereva yamara ingenzi zo ziri muri yo.

Ntiyagenze akanya kanini kuko yaciye itembagarira mu muserege uri ku nkengera z’iryo barabara Gitega ₋Karusi, aho yagwiriye uruhande rw’umudereva.Uruhagarara rwahavuye rurushiriza, abaporisi barahangana n’abanyagihugu bari aho. Ingenzi ziti duhatswe kwicwa na mwebwe abaporisi, umudereva nawe ati ingendeshwa yanje ntimugenda mutayindishe. Ntivyatevye intwazangabo yari ihagarariye ibikorwa vyo kugenzura uruja n’uruza kw’ibarabara Gitega₋Karusi yahavuye abimenyeshwa. Uno na we aca atumako inyamiramabi kugira itohoze ku vyari bihejeje kuba, kandi ikaba yarahishikiye kandi twamwisangiyeho.

Umudereva yokwitwara

Intwazangabo yari irongoye ibikorwa vy’uruja n’uruza kuri iryo barabara, ku vyo twari duhejeje kubwirwa, ntiyashimye kugira vyinshi ibivugako.Yamara imenyesha ko idashima ugukoresha inguvu ku mpande zose, ikananegura kubona umudereva yarananye guhagarara no gutanga vya ngombwa. Nayo ko abo baporisi babiri bohabwa ibihano bakanariha ivyononekaye, iyo ntwazangabo ishima gusaba umudereva kwitura ubutungane kugira yagirizanye n’abo baporisi.
Twobamenyesha ko muri iryo sanganya ata muntu yapfuye canke ngo akomereke yamara imodokari yo yarononekaye ku gice c’imbere.

Amasezerano y'abayagira kur'urubuga ngurukanabumenyi rwa IWACU

Ivyiyumviro n'ibivugirwa hano ntibitegerezwa kurenga amategeko y'umubano mwiza. Mu bibujijwe kwandikira hano, harimwo amajambo y'amacakubiri afatiye ku bwoko, ibitsina, ukwemera kujanye n'idini, gutyozanya canke gutukana, amajambo ahamagarira gucanamwo, canke aza atanga amakuru ajanye n'ubuzima bwihereranye bwa muntu. Ikibujijwe kandi ni ugukoresha amasanamu canke ivyandikwa vy'abandi udatomoye isoko yavyo.
Iwacu ntizotiriganya mu gufuta icanditswe cose coza kirenga kuri ano masezerano, canke ivyanditswe bisubiwemwo, bitanzwe bitajanye n'inkuru vyandikiweko, bihayagiza ibidandazwa canke bidashingiye ku kwubahana hagati y'abahurira hano. Icanyuma : intererano izogirwa mu ndome nkuru izofutwa vuba.

Kwongerako iciyumviro

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *