Irakoze Hope yaraye ateye iteka Uburundi

Umuririmvyi w’umurundi Irakoze Hope ni we yatahukanye agashimwe k’imiriyoni hafi 100 z’amarundi mw’ihiganwa ry’ikinyobwa Tusker muri Kenya ryahuje ibihugu 6. – Vyanditswe na Vyizigiro Jimi Erevisi

Irakoze Hope ariko araririmba ©Iwacu

Irakoze Hope ariko araririmba ©Iwacu

Ico gihangange mu muziki ntitwagisanze imuhira. Twamusanze mw’ihoteri aho yashikiye avuye muri Kenya. Tumubajije igituma ari aho yishuye atwenga kandi yicishije bugufi ati: « Abaserukira ishirahamwe Tusker hano mu Burundi ni bo banyakiririye ngaha imbere y’uko nsubira mu Rwanda aho nsanzwe nkorera imirimo ya misi yose.»
Naho uwo muririmvyi akundwa cane mu bihugu nk’Urwanda canke Sudani y’epfo, aha mu Burundi si benshi bari bamuzi.

Umuririmvyi Hope ni inde ?

Irakoze Hope yavutse mu 1988 muri komine Bwiza. Se wiwe ni umurundi ariko nyina wiwe ni umunyekongokazi. Ubwana bwiwe bwose ntiyabumaze hano mu Burundi: « Kubera imvo z’akazi, mfise imyaka 12 abavyeyi baciye baja gukora mu gihugu ca Seychelles aho twaciye tujana. Nagarutse nca nja mu Rwanda aho nashitse ndirimba muri Serena Hotel i Kigari.»
Yaciye aboneraho akaryo ko kubeshuza ibihuha vyavuzwe cane ko atari umurundi: «Jewe ndi umurundi kandi i Bujumbura narahamaze umwanya munini imbere yuko nja gukorera mu gihugu c’Urwanda, kandi data ni umurundi.» Uwo muririmvyi azwi cane kw’izina rya Hope, hano mu Burundi abari bamuzi bamumenyeye mu murwi uririmba indirimbo zo gutazira Imana witwa Divine Glory.
Yize amashure ajanye n’ivy’ubudandaji. Mu gihugu c’Ubuganda yaragiye kunonosora ibijanye no guhinyanyura amajwi. Asanzwe avuza neza ibicurarangisho vy’umuziki nk’igitari hamwe n’inanga ndetse akaba asanzwe avyigisha mu kigo c’impfuvyi mu Rwanda.
Gukora neza umuziki ni yo ndoto yiwe ya mbere: « Indoto yanje kuva nkiri muto, kwari ukuririmba kandi ngashika kure nkangana n’ibindi bihangange kw’isi mu muziki.»
Irakoze Hope ni umwana agira kane mu muryango w’abana icumi, kandi aracari umusore.

Umuririmvyi Kidumu ni we yamwubahuye

Mu mwaka w’2013 ni ho yiyumvira kuja mu mahiganwa mpuzamakungu. Igihe umuririmvyi Nimbona Jean Pierre azwi kw’izina rya Kidumu aje kugirira igiteramo mu Rwanda hanyuma Hope akamufasha, yaciye amubwira yuko afise impano n’ubuhinga budasanzwe mu muziki kandi ko yotangura vuba kwiyandikisha mu mahiganwa ahuza ibihugu vyo muri Afirika y’ubuseruko. Hope ati:  «Ubwa mbere nari niyumviriye kuja mw’ihiganwa ry’umuziki ryariko ribera mu Buganda, hanyuma ndabimenya ntevye abandi bamaze guheza kwiyandikisha.»
Abagenzi biwe bo mu Rwanda bari bazi ingene aririmba baciye bamuhanura kwiyandikisha mw’ihiganwa rya Tusker ryo muri Kenya. Amaze gushikayo yasanze hari abandi baririmvyi bamaze kumenyekana cane kandi bakomeye, akaba atigeze yibaza yuko ashobora gutahukana ikibanza ca mbere: « Narabona ko nshobora kuba nk’uwa kabiri canke uwa gatatu.»
Hageze ko batora uwabaye uwa mbere, abarundi ntibantoye ari benshi ahubwo nagize amahirwe yo gutorwa n’abandi bakunzi bo mu bindi bihugu cane cane nka Sudani y’epfo: « Abantoye benshi babaye abagore n’abakobwa.»

Hari ubuhinga yakoresheje? ni ubuhe ?

Hope ati: «Iyo uri mw’ihiganwa ukagira amahirwe yo kubona abo muhiganwa aho badateye imbere uca nawe ufatira aho nyene ugaca ubikora neza kubasumvya.» Uwo muririmvyi abaye umunyamafaranga akiri muto, amenyesha kandi yuko gutsinda ihiganwa bisaba vyinshi. « Nagerageje kuraba yuko ndiko ndaryohera abariko barankwirikirana nkaraba n’ivyo bakunda. Hanyuma naho nkaraba neza ivyuma bifata amasanamu kugira ivyo nkora vyose biboneke kandi n’amajwi y’indirimbo yumvikane neza.» Aribuka kandi yuko ariko arategura iryo higanwa yaryama amasaha 4 gusa ku musi.
Ubu ariko arakora urukurikirane rw’indirimbo ziwe ruzosohoka mu kwezi kwa Ntwarante. Afashwe mu mugongo n’ishirahamwe mpuzamakungu mu guhinyanyura umuziki ryitwa Sonny, Hope agiye kuririmbana n’ibindi bihangange mu muziki muri kano karere. Aho twovuga nka Red Sun, Ali Kiba,Jaguar hamwe n’abandi.
Tumubajije ico azokoza ayo mafaranga yaronse yababa imiriyoni 100, Hop yishura ati: “Nzorangura imigambi y’iterambere hanyuma nteze imbere umuziki wanje.” Yahanuye abandi baririmvyi b’abarundi ko umuziki uwukoze neza ushobora kugutunga. Ati: “Bakwiye guhindura bakareka kuririmba mu kirundi gusa ariko bijukire igiswahiri n’icongereza kugira ubutumwa bwabo bushike mu bihugu vyose vya Afirika y’ubuseruko na bo bahiganwe n’abandi.”

Amasezerano y'abayagira kur'urubuga ngurukanabumenyi rwa IWACU

Ivyiyumviro n'ibivugirwa hano ntibitegerezwa kurenga amategeko y'umubano mwiza. Mu bibujijwe kwandikira hano, harimwo amajambo y'amacakubiri afatiye ku bwoko, ibitsina, ukwemera kujanye n'idini, gutyozanya canke gutukana, amajambo ahamagarira gucanamwo, canke aza atanga amakuru ajanye n'ubuzima bwihereranye bwa muntu. Ikibujijwe kandi ni ugukoresha amasanamu canke ivyandikwa vy'abandi udatomoye isoko yavyo.
Iwacu ntizotiriganya mu gufuta icanditswe cose coza kirenga kuri ano masezerano, canke ivyanditswe bisubiwemwo, bitanzwe bitajanye n'inkuru vyandikiweko, bihayagiza ibidandazwa canke bidashingiye ku kwubahana hagati y'abahurira hano. Icanyuma : intererano izogirwa mu ndome nkuru izofutwa vuba.

Kwongerako iciyumviro

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *