Inzuzi zimwe zimwe zica mu gisagara ca Bujumbura zirabangamiye inyubakwa

Amwe mu mazu yubatswe hafi y’inzuzi zica mu gisagara ca Bujumbura arageramiwe. Abanyagihugu baho bafise ubwoba. Abajejwe gutunganya igisagara bavuga yuko hubatswe ata ruhusha. – Vyanditswe na Bayaga Manyusi

Isengero igeramiwe

Urusengero rugeramiwe n’uruzi Nyabagere ©Iwacu

Ushitse aho uruzi Nyabagere ruca muri komine Gihosha, hagati y’amakaratiye ya Nyabagere na Taba, usanga inkombe zarwo zagiye zirasidagurika, zisidukira mu ruzi gushika n’aho rwiyagurira. Amazu ahegereye usanga yegereye inkombe cane gushika aho ata n’igice c’imetero usanga gitandukanya inkombe z’uruzi n’amazu. Hari n’ayamaze kwerekana ibimenyetso vy’ukubomoka. Urwo ruzi rurabandanya no muri komine ya Kamenge kandi na ho nyene ni nk’aho mbere, rugenda ruriyagurira inkombe. Abantu barwegereye baragerageje gutera ibiti ku nkengera zarwo ariko vyabaye ivy’ubusa kubera yuko mu gihe c’imvura urwo ruzi rukunda kwuzura, no gusesa rugasesa, bigatuma inkombe zarwo ziza ziratwarwa. Ushitse ahari ishengero ry’aba «Emanweri » riri ku nkengera z’urwo ruzi, hafi y’ikiraro co kw’ikaburimbi riduga i Bugarama, ubona urwo rusengero rusa n’uruhagaze mu kirere. Umushinge wo kw’ikeri ryegereye uruzi waramaze kumanuka mu ruzi, mbere n’abantu baratinya guhagarara iruhande yaho kuko harateye impungenge cane. Amazu ari hakurya na yo nyene ni kwo kw’uko, ari ku makombokombo. Ushitse hepfo ku kiraro co kw’isoko ya Kamenge, usanga inkombe zarasidutse ziratwarwa, mbere n’imiringoti ya Rejidezo yarataye ikibanza. Eka n’iyo ubandanije umanukana inkengera zarwo biribonekeza yuko rutera rwegereza amazu ahegereye.

Ntahangwa yo ni gute?

Ishure Mutanga sud

Ishure nshingiro ryo ku Mutanga Sud riri ku manga ©Iwacu

Witegereje ku nkengera z’uruzi Ntahangwa, aho ruca hagati ya Mugoboka na Gihosha, urabona yuko ibintu bitagiye kworoha. Inkombe zibomoka ku rugero ruteye ubwoba narirya hasanzwe hahanamiwe n’imisozi itemba. Ivyo bisongwa n’amazu yahubatswe hadakurikijwe amategeko agenga itunganywa ry’ibisagara. Nta mabarabara ahari. Abantu baguma bakura amabuye muri urwo ruzi ata nkomanzi. Umanutse ahari ishure nshingiro ryo muri karatiye ya Mutanga Sud, uratangara: uruzi rwarasitaguye inkombe gushika n’aho rushikira inyubakwa z’iryo shure. Imanga yarinjiye musi y’izo nyubakwa ku buryo hari igice cazo kitagikoreshwa. Nta gisigaye ngo na zo zishike mu ruzi. Ikindi giteye amakenga ni uko hegereye ikibuga c’ishure, abanyeshure bagashobora gukorokera mu manga nini ihegereye. Kubera yuko habandanya habomoka, umuntu ntiyobura amakenga yuko hashobora guhitana abana boba bariko barahakinira.
Umupfasoni wo muri karatiye Gikungu, hafi y’urwo ruzi yatumenyesheje yuko mu kwubaka batarinda gusaba uruhusha abajejwe gutunganya igisagara. Ngo umuntu yigurira na mweneho agaca yubaka. Aremeza n’uko abatari bake batarinda no kwandikisha ibibanza vyabo. Kukaba nkako, aho hantu ntihanatunganijwe ku buryo bw’igisagara. Ivyerekeye itegeko rigenga amazi ribuza kwubaka hafi y’uruzi ngo ntaryo bazi. Bakavuga rero yuko bafise ubwoba ko bazohava batwarwa hamwe horwa imvura nyinshi yuzuza uruzi. Ku bwa Nkurunziza Fabirisi, akora mu buyobozi bwo gutunganya ibisagara, amenyesha yuko abantu bo muri iyo micungararo bubaka binyegeje, ngo n’abatware bo hasi barabifisemwo uruhara. Ico bagiye gukora ngo ni uguhimiriza abantu bamenye akamaro ko kwubaka hisunzwe ibisabwa.

Ico mwiyumvira
  1. Kingirisi

    Noen ga yemwe naho muvuga ngo (titre) inzuzi zirabangamiye amazu, mwumva atari abantu n-amazuyabo vyatanguye kubangamira inzusi ? Jewe muri za 1980 nari muri Kaminuza, aho kwa Bwanashamba hepfo ya Mutanga na Nyakabiga, no mu rushana Ntahangwa twayijabuka n-amaguru ! Aho batanguye kurima no kwubaka iruhande yayo, baropora amabuye n-umusenyi niho ibintu vyatanguriye kuyangara ! Kanyosha ko kari akagezi nayo Nyabagere nta n-uwayibona !
    Tutikebutse imbere si heza namba !

Amasezerano y'abayagira kur'urubuga ngurukanabumenyi rwa IWACU

Ivyiyumviro n'ibivugirwa hano ntibitegerezwa kurenga amategeko y'umubano mwiza. Mu bibujijwe kwandikira hano, harimwo amajambo y'amacakubiri afatiye ku bwoko, ibitsina, ukwemera kujanye n'idini, gutyozanya canke gutukana, amajambo ahamagarira gucanamwo, canke aza atanga amakuru ajanye n'ubuzima bwihereranye bwa muntu. Ikibujijwe kandi ni ugukoresha amasanamu canke ivyandikwa vy'abandi udatomoye isoko yavyo.
Iwacu ntizotiriganya mu gufuta icanditswe cose coza kirenga kuri ano masezerano, canke ivyanditswe bisubiwemwo, bitanzwe bitajanye n'inkuru vyandikiweko, bihayagiza ibidandazwa canke bidashingiye ku kwubahana hagati y'abahurira hano. Icanyuma : intererano izogirwa mu ndome nkuru izofutwa vuba.

Kwongerako iciyumviro

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *