Inzu yazize akaborerwe

Mw’ijoro ry’uwa 11 Munyonyo aho hari umugabo wo ku mutumba Higiro muri komine ya Gitega yatashe yahaze kanyanga araheza yituririrako inzu.Umugore wiwe n’abana basigaye mu busa.Vyanditswe na Ndayisenga Farasisiko

Mbibo yicaye imbere y'inzu yaturiye ata n'agahuzu afise mu bitugu ©Iwacu

Mbibo yicaye imbere y’inzu yaturiye ata n’agahuzu afise mu bitugu ©Iwacu

“Ni je nayidometse , nagize ishavu rirerire bivanze n’inzoga twarimwo nyene. » Uyo ni umugabo batazira Mbibo yiyemerera neza ko yaturiye inzu yiwe abanamwo n’umugore n’abana batatu. Mbibo aratahura neza ico yakoze kandi aranazirikana inkwezi y’amarere y’akaga yikwegeye ubwiwe. Aho twishikira ahasigaye hari umusaka w’iyahora yitwa inzu,nyene uwo musaka, twamusanganye ibimaramare vyinshi. Mw’ipataro gusa, ata n’agashati mu bitugu,intege nke zibonekeza. Mbibo twamusanganye igipawa ariko arayora ibirundo vy’umunyota. Hirya gatoyi, hari umugore yifumbereje yicaranye n’utwana 3 ku musaya w’inzu isanzwe iri nko ku metero 20 y’ahahora uburaro bwiwe. Uyo mupfasoni ni muka Mbibo. Ni na we yatwiganiye neza na neza ingene inzu yiwe yaturiwe.

Umugore yarakubiswe

N’amosozi mu maso,uyo muvyeyi agira ati: « Ejo ni ho umugabo wanje yataha asanga duhejeje kurya, aca atangura kwigenzea kuri tuno twana ngo ntituvoma amazi, ngo ntaco dukora.» Nyina w’abana atwiganira ko yashimye kuvugira abo yatereye igise, kuko bamufasha muri twinshi na cane cane nk’ubu asanzwe akuriwe. Agira ati: « Niho namubarira nti umwana akora ico ashoboye, nti nk’iyo ndamubariye nti mpekera umwana nk’ubu ntafise aho ndamutubikira aba akoze. » Inyuma y’iyo nyishu ni ho uyo mukenyezi yabona ay’imbwa yaboneye ku mugezi. N’aha aravyigana: « Aca ahera ngaho anyomagura. Ni ho rero nakoma induru,ababanyi baraza barantabara. »

Ababanyi barahashitse baratabara uyo muvyeyi, Mbibo na we bahitamwo kumuboha kuko muri iryo joro ngo ntaco yibanga. Ababanyi baramusavye ko yobemerera kudasubira gukubita umugore ngo bamubohore uyo na we ashima kuguma abatuka. Ni ho rero baca bitahira bamusize ku kiziriko. Yamara basiga babwiye umugore ko yoraba ko amanyama yamuheranya agaheza agahamagara abaja kumubohora. Ntihaheze akanya kanini, induru ya Mbibo ntivyakunze ko ababanyi bayihanganira, ni ko kuza kumubohora. Baraje baramubohora yamara umugore we ashima gukinjura aja kwiyakira indaro kwa sebukwe asanzwe aba nko ku metero 20.

Mbibo yarituririye inzu yiwe

Ababanyi bapfuye gukura akarenge, Mbibo araheza afata inzu ayiha umuriro maze arihungira. Muka Mbibo ntiyatevye kubona ko urusago rwiwe ruriko ruraka, yamara yabibonye akaba kamaze kuba, na rirya iyo nzu yari isakajwe ubwatsi.N’aha arabitwiganira: »Mpejeje gusasa ngira ndyamike umwana ncisha amaso mu rugi gurtya ndaba hirya mbona haratamanzuye. Ni ho naca nsohoka nsanga inzu yamaze gutwaza. »
Umuryango wa Mbibo usigaye mu bukene budasanzwe kuko ata kinini bashoboye kurokora nkuko tuvyiganirwa kandi n’umupfasoni wiwe. Agira ati: « Twarokoye inzugi n’agahene nari mbikiye umuntu gusa.” Kukaba nkako, aho twahishikira twariboneye neza inkono zitari nke zifutswe n’ibirundo vy’iminyota,vyumvikana ko n’ibirimwo vyahatikiriye.
Muri izo ngorane zose, uyo mukenyezi nta gifasha. N’umuryango wa sebukwe umuhaye indaro biboneka ko utanguye kumusiganirako. Igihe twahishikira sebukwe yaratwiganiye ico umuryango wari uhejeje gushinga kubw’iyo nzu yari yaraye ihiye.Yagize ati : « Abaryango bashinze ko uyu muhungu wanje ata muntu n’umwe amuha indaro, aguma muri iyi nzu nyene gushika ayisakaye. Uyu mupfasoni na we akaraba aho asembera, akaza arasuma aho asembereye. »
Mwomenya ko uyo mugabo nyene guturira inzu, abandanya yidegemvya nk’uko tubimenyeshwa n’amakuru dukura mu bajejwe intwaro muri zone ya Gitega yo mu mitumba.

Amasezerano y'abayagira kur'urubuga ngurukanabumenyi rwa IWACU

Ivyiyumviro n'ibivugirwa hano ntibitegerezwa kurenga amategeko y'umubano mwiza. Mu bibujijwe kwandikira hano, harimwo amajambo y'amacakubiri afatiye ku bwoko, ibitsina, ukwemera kujanye n'idini, gutyozanya canke gutukana, amajambo ahamagarira gucanamwo, canke aza atanga amakuru ajanye n'ubuzima bwihereranye bwa muntu. Ikibujijwe kandi ni ugukoresha amasanamu canke ivyandikwa vy'abandi udatomoye isoko yavyo.
Iwacu ntizotiriganya mu gufuta icanditswe cose coza kirenga kuri ano masezerano, canke ivyanditswe bisubiwemwo, bitanzwe bitajanye n'inkuru vyandikiweko, bihayagiza ibidandazwa canke bidashingiye ku kwubahana hagati y'abahurira hano. Icanyuma : intererano izogirwa mu ndome nkuru izofutwa vuba.

Kwongerako iciyumviro

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *