Inganishwa ry’imishahara: impinga iracari ndende

Ku wa 17 Gitugutu,mu gihe abigisha bo muri komine ya Gitega bahimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe umwigisha,umushingamateka Karerwa Mo Mamo yasavye abigisha kuba barashima ivyo bafise.-Vyanditswe na Ndayisenga Farasisiko

Karerwa Mo Mamo icegera ca mbere c’umukuru w’inama nshingamateka yahoze ari umwigisha ©Iwacu

Karerwa Mo Mamo icegera ca mbere c’umukuru w’inama nshingamateka yahoze ari umwigisha ©Iwacu

Mu birori vyari vyatewe iteka n’abashingamateka babiri batowe muri iyo ntara,icegera ca mbere c’umukuru w’inama nshingamateka, umwe muri abo, yarashikirije ijambo kw’izina ry’abashingamateka batowe mu ntara ya GITEGA .

Ku kibazo c’inganishwa ry’imishahara, icegera ca mbere c’umukuru w’Inama nshingamateka yarashimangiye ko boba barashima uko basanzwe bafashwe kuko hari ibihugu bimwe bimwe bidahemba abigisha,aha agatanga akarorero k’igihugu ca Rebuburika iharanira demokarasi ya Kongo cahora citwa Zayire.Yagize ati: »Ndazi amareta menshi,jewe narabaye i Kongo, murabizi ,iyo abavyeyi batiyungunganije ntibahembwa… »Yaribukije kandi abari aho ko uburyo bw’igihugu ari buke ko kandi impamvu isanzwe izwi.Yagize ati: »Erega igihugu cacu murazi iyo caje kiva ».Yamara akaba atatomoye aho hantu igihugu caje kiva. Kuri ico kibazo nyene ,umupfasoni Karerwa atumirira abigisha kurindira bihanganye ,akabibutsa amajambo dusanga muri Bibiriya mu gitabo ca Yeremiya avuga ati: »Ikintu cose ni umwanya waco…hariho umwanya w’ukurima hakaba n’umwanya w’ukwimbura ».

Ku ngorane zitadukanye zari zihejeje gushikirizwa n’uwaserukiye amashirahamwe y’abigisha,icegera ca mbere c’umukuru w’Inama nshingamateka agira ati: »Abobibwirwa si twebwe abashingamateka canke abakenguzamateka muri rusangi b’aha mu ntara ya Gitega kuko mubizi neza ko imbere yo kuba abashingamateka canke ibindi twari abigisha…turazi ingorane zanyu … ntaco tutazokora kiraba umwigisha ariko ntituvuze ngo tuzobishobora « .Mw’ijambo ryiwe rero yarerekanye ko umuruho n’ ingorane zihanze abigisha atari inkuru mbarirano kuri we kandi ko abigendeza ku mutima.Uwo mushingamateka ati : »Asanga ari ingorane , asanga ari amabavu , jewe ndabifise ku mutima. ».Yarongeye ati: »Ukwigisha si akazi ukwigisha ni ibanga »

Yarakariye uwaserukiye abigisha

Mu gihe uwaserukiye abigisha yari yasavye abo aserukira ko bosubira kuza barishuza Reta ivyerekeye inganishwa ry’imishahara, umushingamateka Karerwa Mo Mamo yarakariye cane uyo muserukizi w’abigisha. Amutunze ijisho mu ruhande rwiwe aho bari bicaranye ,agira ati: »Urababwira ko kakunaniye bace baza kwiyishuriza « . Araheza aja ku bigisha ati: »Muragume mukanuye nyene muze muramubaza. »Yamara akaba atabatumiriye kuza barabaza abashingamateka basanzwe baserukira abarundi bose.

Naho biri uko, yaremereye abigisha bari aho ko azobavugira nk’abandi banyagihugu asanzwe aserukira.Yagize ati: »Sinzi uwavuze ngo imbere ni heza,imbere ni heza nanje ndabisubiyemwo tuzobavugira tubaserukire uko bimeze tuze turabibabwira »
Mwomenya ko umunsi mpuzamakungu wahariwe umwigisha usanzwe uhimbazwa kw’igenekerezo rya 5 Gitugutu .Uyu mwaka icivugo kikaba cagira giti: »Abigisha ni bo rupfunguruzo rwa kazoza keza k’isi. »

Amasezerano y'abayagira kur'urubuga ngurukanabumenyi rwa IWACU

Ivyiyumviro n'ibivugirwa hano ntibitegerezwa kurenga amategeko y'umubano mwiza. Mu bibujijwe kwandikira hano, harimwo amajambo y'amacakubiri afatiye ku bwoko, ibitsina, ukwemera kujanye n'idini, gutyozanya canke gutukana, amajambo ahamagarira gucanamwo, canke aza atanga amakuru ajanye n'ubuzima bwihereranye bwa muntu. Ikibujijwe kandi ni ugukoresha amasanamu canke ivyandikwa vy'abandi udatomoye isoko yavyo.
Iwacu ntizotiriganya mu gufuta icanditswe cose coza kirenga kuri ano masezerano, canke ivyanditswe bisubiwemwo, bitanzwe bitajanye n'inkuru vyandikiweko, bihayagiza ibidandazwa canke bidashingiye ku kwubahana hagati y'abahurira hano. Icanyuma : intererano izogirwa mu ndome nkuru izofutwa vuba.

Kwongerako iciyumviro

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *