Indwi yahariwe ubutungane kuri Manirumva Renesito

Imyaka 5 irarumanye icegera c’umukuru wa OLUCOME, Manirumva Renesito agandaguwe bunyamaswa, amashirahamwe yiyemeje gusaba ubutungane ku rupfu rwiwe amenyesha ko batazocika inkokora, mpaka ibihangange bivugwa birengutse mu butungane. – Vyanditswe na Vyizigiro Jimi Erevisi

Pacifique

Nininahazwe Pasifike : « Tuzotunganya urugendo rw’amahoro dusaba ko hoba ubutungane kuri Manirumva Renesito. » ©Iwacu

Kw’igenekerezo rya 2 Ndamukiza , mu gihe imyaka 5 yarisigaje indwi imwe gusa ngo ikwire Manirumva Renesito agandaguwe, amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike yaratanze ikiganiro kubamenyeshamakuru. Kuva icegera c’umukuru wa OLUCOME agandaguwe bunyamaswa kw’igenekerezo rya 8 rishira irya 9 Ndamukiza 2009, amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike ntiyahengeshanije gusaba ko ubutungane bwokora.Ivyo babikora kugirango abamwishe bamenyekane. Nk’uko bivugwa na Nininahazwe Pasifike yaserukiye amashirahamwe ariko asaba ubutungane ku rupfu rwa Manirumva, Sentare nkuru y’igihugu na sentare ntahinyuzwa zaciye zihutira guhuma amaso amakungu, mu gucira urubanza abantu batigeze banavugwa mu matohoza yakozwe.
Reta y’Uburundi yarasavye igiporisi kidasanzwe FBI co muri Amerika kuza gufasha mu matohoza yurwo rupfu. Muri ayo mashirahamwe baratangazwa n’ingene ubutungane bwihutiye kuburanisha urubanza, kandi butaratumako ibihangange vyo mu giporisi hamwe no mw’igendereza vyavuzwe ko boba bafise uruhara mu rupfu rwa Manirumva. Nininahazwe Pasifike ati : « Bamwe mubagirizwa bakwiye kugirwako amatohoza twobabwira ni nk’umukuru w’ibiro bikuru vy’igendereza Jenerari Nshimirimana Dorufu, uwari icegera c’umuyobozi mukuru w’igiporisi Jenerari Ndirakobuca Gerevasi, batazira « Ndakugarika », hamwe n’uwari arongoye igiporisi mu karere k’uburengero Nikiza Dawidi. » Abo bose nta n’umwe yigeze atumwako kugira yumvirizwe, n’ibimenyetso ADN vy’abo bategetsi vyari vyasabwe ntivyigeze bikorwa. Muri ayo mashirahamwe ariko aharanira kumenya ukuri kubagandaguye Manirumva bakamenyesha ko inkozi z’ikibi zisigaye zirusha inguvu ubutungane.

Ubutungane busabwa kwikubita agashi…

N’aho benshi mubari bavuzwe nk’ivyabona vy’urupfu rwa Manirumva Renesito bagandaguwe, abandi bakabura irengero ryabo, ayo mashirahamwe asaba ko sentare ntahinyuzwa, ari naho urubanza rugeze itokorera ku rubanza sentare nkuru y’igihugu hamwe na sentare isubiramwo imanza zari zaciye, kuko zitigeze zikorera ku bimenyetso vy’igiporisi FBI, kandi ari Reta y’Uburundi yari yatumyeko abo bahinga mvamakungu. Nk’uko vyashikirijwe na Petero Karaveri Mbonimpa, arongoye APRODH, rimwe mu mashirahamwe ariko aharanira kumenya ukuri ku rupfu rwa Manirumva, bitebe bitebuke ukuri kuzomenyekana, kuko abiyita ibihangange uno munsi, siko bizokwama, kuko ibihe biha ibindi.
Muri iyi ndwi yahariwe gusaba ubutungane ku rupfu rwa Manirumva Renesito, harategekanijwe ibiganiro ku kibazo c’ukudahana ivyaha mu Burundi, ivyo bikorwa bikazosozerwa n’urugendo rw’amahoro ruzokorwa ku genekerezo rya 9 Ndamukiza 2014, bibuka imyaka 5 izoba , icegera c’umukuru w’ishirahamwe OLUCOME agandagurwa bunyamaswa mw’ijoro ryo kuwa 8 Ndamukiza 2009, rishira iryo kuwa 9. Nininahazwe Pasifike ati :  «  Tuzokwandikira umukuru w’igisagara nkuko amategeko abisaba, tumubwire yuko tuzotunganya urugendo rw’amahoro dusaba ko hoba ubutungane kuri Manirumva Renesito. »

Amasezerano y'abayagira kur'urubuga ngurukanabumenyi rwa IWACU

Ivyiyumviro n'ibivugirwa hano ntibitegerezwa kurenga amategeko y'umubano mwiza. Mu bibujijwe kwandikira hano, harimwo amajambo y'amacakubiri afatiye ku bwoko, ibitsina, ukwemera kujanye n'idini, gutyozanya canke gutukana, amajambo ahamagarira gucanamwo, canke aza atanga amakuru ajanye n'ubuzima bwihereranye bwa muntu. Ikibujijwe kandi ni ugukoresha amasanamu canke ivyandikwa vy'abandi udatomoye isoko yavyo.
Iwacu ntizotiriganya mu gufuta icanditswe cose coza kirenga kuri ano masezerano, canke ivyanditswe bisubiwemwo, bitanzwe bitajanye n'inkuru vyandikiweko, bihayagiza ibidandazwa canke bidashingiye ku kwubahana hagati y'abahurira hano. Icanyuma : intererano izogirwa mu ndome nkuru izofutwa vuba.

Kwongerako iciyumviro

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *