Indwara y’ubukangwe igiye gucika umugani

Umukuru w’umugambi ujejwe gukinga indwara z’ivyaduka hakoreshejwe incanco, aremeza yuko mu Burundi barwanije ubukangwe gushika ku rugero rw’ibice 99 kw’ijana. Indwara y’ubukangwe ikaba iri mu ndwara za mbere zikarira abana bari musi y’imyaka 5. – Vyanditswe na Vyizigiro Jimi Erevisi

Rufyikri

Rufyikiri Gerevazi icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu ©Iwacu

Si agaseseshwarumuri indwara z’ubukangwe, agasama, ugucibwamwo, canke izifatiye mw’ihemero zibangamiye abana bari musi y’imyaka itanu. Izo ndwara zirahitana abatari bake na cane cane muri Afirika yo hagati. Ibihugu bihurikiye muri ako karere vyaragiye hamwe kugira bitorere inyishu ico kibazo.
Kw’ igenekerezo rya 24 Ruhuhuma, abaserukiye ibihugu 10 vyo muri Afirika yo hagati bakoraniye mu Burundi, mu nama yatunganijwe n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bufadikanije n’amashirahamwe mpuzamakungu nka OMS na Unicef.

Intumbero y’iryo huriro ni iyihe ?

Mw’ijambo ryo kwugurura ivyo bikorwa, icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu, Rufyikiri Gerevazi yamenyesheje ko urucanco ruri mu nyishu za mbere za nkenerwa mu gukingira abana bari musi y’imyaka 5, babangamirwa cane n’indwara y’ubukangwe n’agasama. Yaribukije kandi ko urucanco ruri mu migambi nyamukuru y’ikimpumbi, ijanye n’iterambere mu gisata c’amagara y’abantu.
Intumbero ya mbere y’iyo nama ikaba yari ukugira barabire hamwe aho umugambi wo gukingira abana indwara y’ubukangwe hakoreshejwe incanco ugeze. Intumbero ya kabiri ni iy’uko mu mwaka 2020 indwara y’agasama yoba itacibonekeza muri kano karere. Ivyo mu kubishikako biyemeje gukingira abana bose indwara y’agasama, yo gucibwamwo n’izifatira mu bihimba vy’ihemero zose.
Muganga Maronko Bonifasi arongoye umugambi w’igihugu ujejwe incanco, PEV na we yamenyesheje ko mu Burundi igikorwa co gucandaga kigeze ku ntambwe ishimishije mu gukingira indwara y’ubukangwe naho indwara y’agasama, indwara ya rudadaza ifata cane cane ku bavyeyi zicibonekeza mu mice imwe imwe mu Burundi. Yarongeye ati: « Gushika ubu indwara y’ubukangwe yararwanijwe gushika ku rugero rw’ibice 99 kw’ijana. »

Harabeshujwe ibihuha

Ku vyari bimaze imisi bivugwa ko ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu kw’isi OMS ryoba rigire rihagarike gutanga imfashanyo yahora itangwa mu gisata kiraba ivy’incanco mu Burundi, muganga Maronko yarabibeshuje. Yavuze yuko OMS yasavye reta y’Uburundi kwongereza uburyo yahora ishira mu gisata kiraba ivy’incanco, ari na ho yaciye itanga amafaranga agera ku muriyaridi umwe n’imiriyoni 127 y’amafaranga y’amarundi. Na vyo ku bijanye n’ishirwa mu ngiro ry’incanco mu Burundi, hakaba harizwe imigambi yerekeye Uburundi, ibice bigera kuri 80 kw’ijana bikaba vyarashizwe mu ngiro.
Mu Burundi haherutse no kwemererwa gutanguzwa icese incanco zikinga kanseri iciye mu bwinjiriro bw’igitereko bw’abapfasoni, urwo rucanco rukazotangura gukoreshwa mu mwaka w’2015. Ivyo bikorwa vyari vyitabwe n’abavuzi bavuye mu bihugu cumi vya Afirika yo hagati.

Amasezerano y'abayagira kur'urubuga ngurukanabumenyi rwa IWACU

Ivyiyumviro n'ibivugirwa hano ntibitegerezwa kurenga amategeko y'umubano mwiza. Mu bibujijwe kwandikira hano, harimwo amajambo y'amacakubiri afatiye ku bwoko, ibitsina, ukwemera kujanye n'idini, gutyozanya canke gutukana, amajambo ahamagarira gucanamwo, canke aza atanga amakuru ajanye n'ubuzima bwihereranye bwa muntu. Ikibujijwe kandi ni ugukoresha amasanamu canke ivyandikwa vy'abandi udatomoye isoko yavyo.
Iwacu ntizotiriganya mu gufuta icanditswe cose coza kirenga kuri ano masezerano, canke ivyanditswe bisubiwemwo, bitanzwe bitajanye n'inkuru vyandikiweko, bihayagiza ibidandazwa canke bidashingiye ku kwubahana hagati y'abahurira hano. Icanyuma : intererano izogirwa mu ndome nkuru izofutwa vuba.

Kwongerako iciyumviro

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *