Imvyino zibamara ubunebwe iyo baduza idari ry’inzu

Abubaka inzu iyo hageze kuduza idari batera indirimbo zirimwo amajambo ateye isoni. Abariko barayiduza ngo bituma bagira inguvu ntibumve uburuhe. Umwigisha wo muri kaminuza na we ngo naho hambere ni ko vyari bimeze. – Vyanditswe na Gatavu Daniyera

Inzu iri mu bwubako ©Iwacu

Inzu iri mu bwubako ©Iwacu

Isaha y’umunani y’umuhingamo, umurwi w’abafundi bariko baraduza inzu iri hagati muri karatiye ya Rohero bariko baravyina. Imvyino zirimwo umudiho uryoheye ugutwi, ariko amajambo arimwo ateye isoni. Nduwimana Fororiberi, umwe mubariko baraduza iyo nzu aratwiganira igituma batera imvyino iyo hageze kuduza idari canke kugira ibeto. Agira iti: “Izi mvyino dutera tuzita urukato, amajambo dukoresha nta mbabariramatwi dushiramwo. Akenshi turoresha ku bihimba vy’irondoka, amabanga mpuzabitsina n’ibindi biteye isoni nyene. Igituma rero dukoresha ayo majambo ni uko duheza tugaca tugira morare, hama igikorwa turiko turakora tugaca tukirangiza ningoga ata n’uburuhe twumvise. Uri mu rukato ushobora gukora umusi wose ata buruhe wumvise.” Uwo musore avuga ko aho bagiye gukora hose bategerezwa gutera urukato.

Duhitamwo guheba akazi

Niyomwungere Emanweri bakorana na Nduwimana, avuga ko iyo hageze ko bagira ibeto canke idari aryoherwa cane kuko akunda cane indirimbo bavyina. Uwo musore avuga ati: “Twarigeze kuba turiko turubaka inzu ku kirimba c’umukuru w’igihugu, hageze ko tugira ibeto dutanguye kuvyina baratubuza na twe duca duhitamwo guheba. Iyo nzu yari nini cane vyasaba ko twubaka ijoro n’umurango. Twaciye duheba hanyuma bazana abandi, abo bazanye na bo nyene barababuza kuvyina hanyuma baca barigira. Hagiye kubandanya abantu bazanye ku ncuro ya gatatu babemereye kuvyina babona kubandanya.” Ahubakwa inzu hose baratera izo mvyino iyo bababujije bahitamwo guheba akazi.

Ivyo bavyina nta soni bibatera

Nduwimana avuga ko iyo hageze igikorwa co kubetona hariho ababa bafise igikorwa co gutera imvyino gusa. Abo batora ngo baba babizeye kuko baba babaterera neza. Ku bwiwe, imvyino batera zirateye isoni nta nyigisho zitanga, ico zibafasha ni ugukora banyarutsa akazi. Agira ati: ”Tuzitera ata soni bidutera kuko twaramenyereye, abahita na bo nta wumva ivyo turiko turavuga kuko abavyina baranyarutsa amajambo bavuga atari uwumvirije umwanya munini ntibumva amajambo tuvuga.”

Ntahomvukiye  Hirari umwigisha muri kaminuza ©Iwacu

Ntahomvukiye Hirari umwigisha muri kaminuza ©Iwacu

Ntahomvukiye Hirari, umwigisha wo muri kaminuza , avuga ko ivyo kuvyina mu gihe abantu bariko barakora vyamyeho. Agira ati aba kera barafashanya ku gikorwa ico ari co cose akaba ari na co caranga abarundi. Uwo mwigisha avuga ko iyo umuntu yaba afise ikivi aduza yatumira ababanyi hamwe n’incuti n’abagenzi bakaza kumufasha kurima. Muri ico gihe rero, kuko baba barima ahantu hanini cane, mu kwiyobagiza uburuhe baca batera imvyino bagakora bariko baravyina. Izo mvyino bazita “indengo”, zikaba zafasha bene gukora igikorwa gukurikira umudiho w’ico akora bagaheza bakiyobagiza uburuhe. Ntahomvukiye avuga ko no mu kwubaka aho hambere batera imvyino, izo na zo ngo zikaba zarimwo amajambo atagira inkikiro: “ Igituma batakikira ni uko haba ari hagati y’urunganwe, nta batama canke abatware baba barimwo, ikindi na co baba ari abahungu gusa, igitsina gore nticajamwo kuko bavuga ngo inzu ica ibomoka. Ico biyubara ni ukuvuga amajambo atyoza abandi, ibidahuye n’ubutegetsi muri rusangi batera imvyino zitagira inkurikizi kuri bo.”
Aheraheza avuga ko uwatera imvyino ataba ari uwo ari we wese, ngo yaba ari umuntu azi kuvyina akamenya no guhinguriramwo uruvyino. Ngo iyo hagize uwutera atabizi baramuzivya ngo ahore ntabononere.

Amasezerano y'abayagira kur'urubuga ngurukanabumenyi rwa IWACU

Ivyiyumviro n'ibivugirwa hano ntibitegerezwa kurenga amategeko y'umubano mwiza. Mu bibujijwe kwandikira hano, harimwo amajambo y'amacakubiri afatiye ku bwoko, ibitsina, ukwemera kujanye n'idini, gutyozanya canke gutukana, amajambo ahamagarira gucanamwo, canke aza atanga amakuru ajanye n'ubuzima bwihereranye bwa muntu. Ikibujijwe kandi ni ugukoresha amasanamu canke ivyandikwa vy'abandi udatomoye isoko yavyo.
Iwacu ntizotiriganya mu gufuta icanditswe cose coza kirenga kuri ano masezerano, canke ivyanditswe bisubiwemwo, bitanzwe bitajanye n'inkuru vyandikiweko, bihayagiza ibidandazwa canke bidashingiye ku kwubahana hagati y'abahurira hano. Icanyuma : intererano izogirwa mu ndome nkuru izofutwa vuba.

Kwongerako iciyumviro

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *