Impapuro ndangamatongo zirafasha mu kuyakingira

Inyuma y’aho hagiriyeho ingoro z’amatongo mu makomine, bamwe mu batanga imfashanyo barakuyemwo karenge. Ariko hari abajejwe intwaro bashoboye kubandanya uwo mugambi. Urunani rw’ibimenyeshamakuru vyandika vya Reta n’ivy’abigenga rwarashitse mu makomine ya Nyabitsinda, Bukirasazi na Marangara – Vyanditswe na Bayaga Manyusi

Nizigiyimana Benoite: ”Komine yaciye ifata mu minwe uwo mugambi.” ©Iwacu

Nizigiyimana Benoite: ”Komine yaciye ifata mu minwe uwo mugambi.” ©Iwacu

Abantu barenga ibihumbi bine baramaze gusaba impapuro ndangamatongo mu ngoro y’amatongo yo muri komine Nyabitsinda mu ntara ya Ruyigi. Ivyo vyemezwa na Nikobigira Bonezimu, umukuru w’ingoro y’amatongo yo muri iyo komine. Nikobigira akemeza rero ko ivyo biharuro biduzwa n’uko ibice birenga 95 kw’ijana vy’abantu baba muri iyo komine baje bava mu zindi ntara. Kwandikisha amatongo rero bakayaronkera inkaratasi ziyaranga, ngo ni akaryo keza ko gukingira ayo baba baraguze. Naho uwo mugambi wo kwandikisha amatongo witabwa neza muri iyo komine, igisata c’ababirigi CTB cahora kibibafashamwo carahagaritse amasezerano na komine Nyabitsinda kandi kitanayiteguje. Ariko komine aha yo, yaciye ifata mu minwe ico kibazo kugira uwo mugambi ubandanye.

Ibiciro vyo kwandikisha amatongo vyaradugijwe

Nikobigira amenyesha yuko inama mpanuzwajambo ya komine Nyabitsinda ibonye abahora bafasha muri uwo mugambi bahagaritse, yaciye ikorana ica ifata ingingo ko amahera bahora bariha mu kwandikisha amatongo aduzwa incuro zitatu. Agira ati: «Yavuye ku mafaranga 50 kuri are imwe ashirwa kw’150. Kwari ukugira ngo haboneke ayafasha mu bikenerwa, haba mu guhemba abakozi canke kugura ibikoresho bikenerwa.»  Uwo arongoye iyo ngoro y’amatongo akemeza rero ko iyo ngingo yatumye hatozwa amafaranga menshi kuko abantu benshi bandikisha amatongo manini manini, ashobora no gushikana amahegitara 100. Mu gukinga ibiturire bishobora kuba muri ico gikorwa, harugurujwe ikonte n°XQ 25 muri posita, aho abashaka kwandikisha amatongo yabo bashira amafaranga. Ikindi Nikobigira yemeza ni uko hari abantu batandatu bamaze kuronswa ingurane na coopec yo ngaho i Nyabitsinda berekanye impapuro ndangamatono, kandi atawurinze kubahagararira.

Ubutegetsi bwa komine bwaciye bufata mu minwe ikibazo

Nizigiyimana Benoite arongoye komine Nyabitsinda aremeza ibivugwa na Nikobigira. Amenyesha ko iyo komine yaciye ifata mu minwe uwo mugambi imaze kubona ko CTB yahora iyifasha ikuyemwo akarenge. Abakozi bakora muri ico gisata ni komine ibahemba co kimwe n’abandi bakozi ba komine. Uwo musitanteri avuga ko amatongo ya komine atandikishwa ariko ko bayashingira akarimbi.
Ku bwa Nduwimana Rafaheri w’i Kibere muri komine Bukirasazi mu ntara ya Gitega avuga ko impapuro ndangamatongo zikinga impanuka zituruka ku matongo. Mpfekurera Erasito w’i Bukirasazi na we, ati uburyo bwo kwandikisha amatongo ntibugoye yaba uwuje wenyene canke abaje bagize umurwi. Abandi banyagihugu twasanze ku ngoro y’amatongo y’i Bukirasazi bemeza ko amafaranga basabwa mu kwandikisha amatongo atavuna. Nyandwi Remejiyo, icegera c’uwurongoye ingoro y’amatongo ya komine Bukirasazi, amenyesha ko amafaranga barihisha ababitura ahindagurika bivanye n’uburinganire bw’itongo. Ahatarenza are zitanu bariha amafaranga 2000, aharenza are 60 na ho batanga ibihumbi 60. Yemeza kandiko hari imitumba bavyitaho kuruta iyindi muri iyo komine.

Abandikishije amatongo bahungukiye vyinshi

Ingoro y’amatongo ya Marangara ©Iwacu

Ingoro y’amatongo ya Marangara ©Iwacu

Muri komine Marangara yo mu ntara ya Ngozi, umugambi wo kwandikisha amatongo ugenda neza. Ku bwa Ndagijimana Simoni, umukozi w’ingoro y’amatongo yo muri iyo komine, ku mituba 34 iyigize icenda yaramaze kwandikisha amatongo kuva mu 2012. Ndemeye Odasi akorera ishirahamwe ritanga ingurane Ucod muri iyo komine, avuga ko urupapuro ndangatongo rwemerwa nk’ingwati mu gutanga ingurane. Abantu 25 ngo baramaze kuronswa ingurane muri ubwo buryo, kandi 15 muri bo baramaze kuyishura. Kuri Ntwari Rejisi arongoye urwego nshingwantwaro rwa Coopec ngaho, ngo urwo rupapuro ruraja mu bindi vyemezo bagatanga ingurane, hakaba n’uwumwishinga. Kamangaza Duwarudo arongoye sentare y’intango ya Marangara, ngo kwandikisha amatongo vyaragabanuye imanza zija muri sentare. Mu 2005 ngo imanza nk’izo zari 139 mu gihe muri Myandagaro 2013 zari 62.

Amasezerano y'abayagira kur'urubuga ngurukanabumenyi rwa IWACU

Ivyiyumviro n'ibivugirwa hano ntibitegerezwa kurenga amategeko y'umubano mwiza. Mu bibujijwe kwandikira hano, harimwo amajambo y'amacakubiri afatiye ku bwoko, ibitsina, ukwemera kujanye n'idini, gutyozanya canke gutukana, amajambo ahamagarira gucanamwo, canke aza atanga amakuru ajanye n'ubuzima bwihereranye bwa muntu. Ikibujijwe kandi ni ugukoresha amasanamu canke ivyandikwa vy'abandi udatomoye isoko yavyo.
Iwacu ntizotiriganya mu gufuta icanditswe cose coza kirenga kuri ano masezerano, canke ivyanditswe bisubiwemwo, bitanzwe bitajanye n'inkuru vyandikiweko, bihayagiza ibidandazwa canke bidashingiye ku kwubahana hagati y'abahurira hano. Icanyuma : intererano izogirwa mu ndome nkuru izofutwa vuba.

Kwongerako iciyumviro

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *