Ikoreshwa rya karangamuntu nshasha muri Afirika y’ubuseruko

Mu bihugu bimwe bimwe vyo muri Afirika y’ubuseruko, karangamuntu ikora nk’urupapuro rw’inzira. Mu Burundi abanyagihugu bariko baratanga imyidondoro ngo baronswe karangamuntu nshasha. – VYanditswe na Bayaga Manyusi

Ngerageze

Ngerageze Dewusi: “Iyo karata karangamuntu irashobora no kuragwa uruvyaro” ©Iwacu

Kuva muri Nzero uno mwaka, mu bihugu vya Kenya, Ubuganda n’Urwanda, abanyagihugu baho barakoresha ukuri kwamye ikarata karangamuntu nshasha. Iyo karata ibatuma barengana neza ku mbibe zihuza ivyo bihugu ata rundi rukaratasi rw’inzira barinze kwerekana. Bamwe mu banyagihugu baturuka muri ivyo bihugu bitatu barashima akarusho bahabwa n’iyo karata karangamuntu nshasha. Umunyagihugu aturuka mu Rwanda, akaba akorera muri komine Buyenzi yo mu gisagara ca Bujumbura, arashima akamaro k’ikoreshwa ry’iyo karata: «Iyo ushatse gufata urugendo uzinduka wigira. Nta mwanya bigutesha uja kurondera inkaratasi ku bajejwe uruja n’uruza.» Arongera agashima ko iyo karangamuntu idata ikiringo c’ikoreshwa co kimwe n’urukaratasi rw’inzira rusanzwe rukoreshwa. Ariko rero afise amakenga ko izorohereza abakoze amakosa bashaka kuja mu kindi gihugu narirya abanyagihugu bazoba bazifise bose. Kandi ngo igisata kiraba uruja n’uruza kizohatakariza kuko cahora cungukira kw’itangwa ry’inkaratasi z’inzira.
Uwundi munyarwanda asanzwe aba mu gihugu ciwe yatumenyesheje yuko kuva iyo karangamuntu itanguye gukoreshwa, ugiye ku mipaka ivyo bihugu bihana wibonera akarusho kuko abantu barengana ukuri kwamye bayikoresheje. Ngo ntibagitakaza umwanya wabo barondera urukaratasi rw’inzira kandi n’igiciro c’iyo karata ngo ni gito ugereranije n’ic’igitabo c’inzira.

Mu Burundi ho vyifashe gute?

Ngerageze Dwusi, umuhuzabikorwa mu gisata c’ubuhinga mu mugambi wo gutanga indangamuntu nshasha, amenyesha ko ico gikorwa camaze gutangura. Ngo abarenga ibihumbi 37 baramaze gutanga imyidondoro yabo kugirango bazohabwe iyo karata nshasha. Ivyo ngo babitanguriye mu makomine y’igisagara ca Bujumbura mu ntumbero yo kuraba ingorane nyamukuru bohura no kumenya umuti bozitorera. Ati bisaba abahinga bafotora n’ibikoresho bitandukanye. Ngo mu ngorane nyamukuru harimwo yuko ivyuma bikunda gusha hamwe n’ikena ry’umuyagankuba ku makomine. Imashini zirakunda guterwa n’imigera ariko ngo abashinwa, bo bene gutanga ivyo bikoresho, baca bazikora biciye ku muhora ngurukanabumenyi. Ku bijanye n’ibikoresho, Ngerageze amenyesha yuko ubwa mbere amakomine yo mu gisagara ca Bujumbura yari afise ibisabwa vyose mbere n’ibirengako. Ubu ngo hari ibiri mu nzira biza, bizoba bikwiye ku makomine yose yo mu gihugu hagati. Aho rero ngo guhera mu mpera za Nzero 2014, amakomine yose azotanguza ivyo bikorwa. N’ahatagira umuyagankuba ngo bazoronswa imashini ziwutanga. Aboneraho akaryo ko gusaba yuko vuba bobamenyesha amakomine adafise umuyagankuba. Ico rero go ni igikorwa c’abajejwe intwaro kuko wewe akora bwa muhinga.

Mbega iyo karata iteye ite?

Mu biranga umwidondoro uri kuri yo, hari ibiboneka inyuma n’ivyo ubona ubanje kuyishira mu mashini ibijejwe. Inyuma haboneka amazina ya mweneyo, igitsina, aho aturuka, itariki y’amavuka n’ikiringo izomara. Aha akavuga ko ku bayisavye bafise hagati y’imyaka 16 na 25, imara imyaka 10. Abayisavye bari hagati ya 26 na 45 bayihindura inyuma y’imyaka 20, nayo guhera ku myaka irenga 45 barayigumana ubuzima bwose. Ivyo ngo ni kubera uko umuntu akura hari ibigenda birahindagurika. Iyo karata ngo izofasha kurenga imbibe z’ibihugu biri muri Afirika y’ubuseruko. Ngo ishobora no kuragwa uruvyaro kuko abashaka bazoshirako inkaratasi ndangatongo, impapuro z’umutsindo, n’ibindi. Uwufise ivyo yongeramwo canke akurako, ngo azoja kw’ikomine imwegereye kuko ivyo bikoresho bizoca bihabwa amakomine.

Amasezerano y'abayagira kur'urubuga ngurukanabumenyi rwa IWACU

Ivyiyumviro n'ibivugirwa hano ntibitegerezwa kurenga amategeko y'umubano mwiza. Mu bibujijwe kwandikira hano, harimwo amajambo y'amacakubiri afatiye ku bwoko, ibitsina, ukwemera kujanye n'idini, gutyozanya canke gutukana, amajambo ahamagarira gucanamwo, canke aza atanga amakuru ajanye n'ubuzima bwihereranye bwa muntu. Ikibujijwe kandi ni ugukoresha amasanamu canke ivyandikwa vy'abandi udatomoye isoko yavyo.
Iwacu ntizotiriganya mu gufuta icanditswe cose coza kirenga kuri ano masezerano, canke ivyanditswe bisubiwemwo, bitanzwe bitajanye n'inkuru vyandikiweko, bihayagiza ibidandazwa canke bidashingiye ku kwubahana hagati y'abahurira hano. Icanyuma : intererano izogirwa mu ndome nkuru izofutwa vuba.

Kwongerako iciyumviro

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *