Ikigo ndangakaranga c’i Bujumbura ni icirore c’akaranga n’ibidukikije

Kuva uyumwaka ibihigu bigize umuryango w’ibihugu vya Afirika y’ubuseruko bizotangura gukoresha urupapuro rumwe rw’inzira ku ngenzi zose. Uburundi burafise iratiro riteye igomwe bushobora kwerekana. – Vyanditswe na Vyizigiro Jimi Erevisi

Jango

Ingwe bita Jango iri mu kigo c’iratiro ry’i Bujumbura ©Iwacu

Iryo ratiro ry’imico kama n’ibinyabuzima ryubatswe mu 1977 i Bujumbura, ni ikibanza c’iratiro kibereye ijisho ririmwo ibiranga akaranga hamwe n’akahise udasize inyuma ibinyabuzima. Iryo ratiro riri muri komine Rohero hafi y’iradiyo na tereviziyo vy’igihugu RTNB.
Ucinjira muri iryo rat

iro hari abantu batari bake bakira ingenzi kandi bazifasha mu kuzitembereza muri ico kigo kuko si gito. Abarundi n’abanyamahanga ntibariha amafaranga angana. Umurundi akuze ariha 2000 vy’amarundi umwana na we akariha 1000. Umunyamahanga akuze ariha 5000 umwana na we akariha 2000 vy’amarundi. Ariko abanyarwanda, abaganda, abanyakenya n’abanyetanzaniya bariha co kimwe n’abarundi.

Hari ubwoko bw’ibikoko ibihe ?

Ucinjira ushikira mu kibanza cororewemwo ingona. Hari ingona 8 ariko imwe imwe yose iribana mu kazu kayo aho usangamwo ikinogo c’amazi n’ikindi kibanza kirimwo umusenyi. Ingona zimwe zikuze baragiye barazitorera amazina y’ubuhizi nk’ay’abantu. Akaroreo ni nk’iyitwa Patirisi ifise imyaka 16, Juriyeta ifise imyaka 28, Rakosita ifise imyaka 38 na Jire ifise imyaka 48. Izo ngona zose ntizifise ubwoko bumwe. Izifise iminwa migufi hamwe n’ibikaragashi vyinshi zavuye mu kiyaga Tanganyika, kandi ngo ntizikaze cane. Hari izindi zavuye mu ruzi Rusizi ntonto, z’iminwa isongoye cane kandi zitagira ibikaragashi abazijejwe bamenyesha yuko zikaze cane.
Hafi yaho hari ikibanza kirimwo inkende zitatu zibereye ijisho uziraba ingene zitambatamba. Ikindi gitangaje muri ico kigo ni igikoko abatari bake bumva kivugwa mu migani gusa. Ni ingwe nini imaze imyaka 6 y’amavuka kandi ngo ifungura ibiro 6 vy’inyama ku musi. Mu kuyigaburira baza barasimba umusi umwe umwe nkuko babitegetswe n’abahinga b’amagara y’ibikoko.
Ikindi kibanza kibereye ijisho ni ikirimwo inzoka. Hari inzoka z’incarwatsi, incira, impinira, imvuvyi, ibisenyankwi, isato kandi ziteye igomwe kuraba kuko abantu benshi bazizi ku mazina gusa. Hafi yaho hari ahatungiwe imbeba benshi bita ngo ni iz’ikizungu kandi ni izo kugaburira ivyo bikoko iyo hagize ingenzi ishaka kumenya ingene bifungura. Ibindi bikoko bihari ni imamfu, ingeregere, impongo, inzobe n’ ibinyamasyo. Hari n’inyoni zitandukanye nk’inuma, inkanga hamwe n’inyoni zitwa turako. Uriko urasohoka ico kibanza uhereza ahororewe amafi matomato kandi adahuta araboneka mu kiyaga Tanganyika kuko ngo aba hasi cane.

Mu bijanye n’akaranga harangwayo iki ?

Muri iryo ratiro hari ibintu vyishi vyabajwe n’abahinga b’ababarundi mu tugenegene. Bimwe ni ibisharizo vy’ubwoko bwinshi vyo mu mazu canke mu biro, ibindi na vyo biboneka yuko ari ibikinisho vy’abana. Ibicapo, ivyabajwe mu biti canke ibibumbano ni vyo biri mu tuzu dushika 20 turi muri ico kigo.
Inyuma y’utwo tuzu hari iyindi nzu nini irimwo ivyakera. Aho twovuga nk’ibikoresho vyo mu nzu vya kera, inkoko, intaro, impindu. Hari amasuka ya kera, inderuzo, imivuba, indaha, inzamba, insyo n’ibindi. Hari n’amashusho yereka ivya kera n’abatware bo mu myaka y’1900.

Iryo ratiro rirakeneye gufatwa mu mugongo

Sindayihebura Furujensi, icegera c’uwujejwe ico kigo, aremeza yuko baronka kenshi ingenzi mu gihe co muci gusumba mu mvura: “Mu kwezi kwa Gitugutu twaronse ingenzi 476 z’abakuze hamwe n’abana 299. Abanyamahanga bakuze bangana 205 hamwe n’abana 58. Ariko mu ci nko muri Ruheshi abakuze b’abarundi bashika 461 n’abana 561. Abanyamahanga bashitse 242 n’abana 127.”
Sindayihebura avuga yuko iryo ratiro ribayeho kubera ayo mafaranga cinjiza kandi ko ata bandi bantu baragifata mu mugongo kiretse abanyamerika babafashije kwubaka inzu irimwo ivya kera. Amenyesha kandi ko bariko barongereza ibikoko kugirango ingenzi zibe nyishi kandi zinezerwe.

Amasezerano y'abayagira kur'urubuga ngurukanabumenyi rwa IWACU

Ivyiyumviro n'ibivugirwa hano ntibitegerezwa kurenga amategeko y'umubano mwiza. Mu bibujijwe kwandikira hano, harimwo amajambo y'amacakubiri afatiye ku bwoko, ibitsina, ukwemera kujanye n'idini, gutyozanya canke gutukana, amajambo ahamagarira gucanamwo, canke aza atanga amakuru ajanye n'ubuzima bwihereranye bwa muntu. Ikibujijwe kandi ni ugukoresha amasanamu canke ivyandikwa vy'abandi udatomoye isoko yavyo.
Iwacu ntizotiriganya mu gufuta icanditswe cose coza kirenga kuri ano masezerano, canke ivyanditswe bisubiwemwo, bitanzwe bitajanye n'inkuru vyandikiweko, bihayagiza ibidandazwa canke bidashingiye ku kwubahana hagati y'abahurira hano. Icanyuma : intererano izogirwa mu ndome nkuru izofutwa vuba.

Kwongerako iciyumviro

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *