Ikigo «Mariya arafasha » kiritayeho abana bo mw’ibarabara

Abana bo mw’ibarabara 109 ni bo bakurikiranwa n’ikigo “Mariya arafasha”. Abo bana barashima ubuzima babayemwo muri kino gihe. – Vyanditswe na Bayaga Manyusi

Ntukamazina Visenti: ”Dutanga indero runtu n’indero rukirisu.” ©Iwacu

Ntukamazina Visenti: ”Dutanga indero runtu n’indero rukirisu.” ©Iwacu

Ushitse ku musozi Gikungu muri komine Gihosha ahari ikigo “Mariya arafasha”, uhasanga abana baharerewe. Ivyo bakenera mu buzima bwa misi yose vyarategekanijwe. Abana bataha muri ico kigo basanzwe barashizwe mw’ishure nk’abandi bana, eka hari n’umwigisha twasanze ariko abigisha gucapa igihe twahashika. Abana bamwe bari kw’ishure abandi bariko baritegura kugendayo. Bamwe muri abo bana twayaze barashima ubuzima babayemwo muri ico kigo.
Nshimirimana Aruno, ni umwe muri abo bana, avuga ko afise imyaka 13 kandi ava muri komine Cibitoke. Uwo mwana avuga ko bavukana ari umunani kandi ko se yagiye bakiri bato n’ubu batarasubira kumukubita ijisho. Arongera ati: “Naciye ngenda mw’ibarabara kuko muhira ubuzima butari bworoshe na gatoya. Vyari bigoye kuronka ivyo dufungura.”
Bamutoye mw’ibarabara
Nshimirimana arabandanya ati: “Abakorera hano muri iki kigo ni bo bankuye aho narara mw’ibarabara muri karitiye aziyatike. Aha turafungura, tukaryama, bakatwambika kandi no kwiga turiga. Jewe niga mu mwaka wa kabiri kw’ishure ritoya ryo mu Gikungu kandi abo ngaha ni bo baturihira amahera.” Uwo mwana ngo yiyumva neza kuba ari muri ico kigo. Ati nzoguma hano gushika mpeze amashure kugira ngo nze mfashe umuvyeyi wanje n’abo tuvukana.
Marabe Ereve, uwundi mwana arerewe muri ico kigo, na we avuga ko afise imyaka 13 akaba yavuye mu Kinama kandi yahoze aba mw’ibarabara. Yemeza ko se wiwe yitavye Imana nyina wiwe aca aja kwabirwa ahandi. Ubu bavukana ari munani ariko uwo basangiye abavyeyi bose ni umwe. Ati nahora ntunzwe no gutoratora amakara maze amahera avuyemwo nkayafungura mw’ijoro. Ngo vyarashika agashira abo muhira bagasabikanya. Yemeza kandi ko aho yaba wari nk’umwuga: “Aho twaba twafungura ari uko mushikanje yagiye kunobera amakara.”

“Ubuzima bwarahindutse…”

Abana baba mu kigo “Mariya arafasha”  ©Iwacu

Abana baba mu kigo “Mariya arafasha” ©Iwacu

Marabe amenyesha ko yashitse muri ico kigo mu 2012 ubu akaba yiga kw’ishure ritoya rya Gikungu mu mwaka wa kabiri. Avuga ko ubuzima butandukanye n’ubwa kera: “Hano turakora isuku, turafungura kandi twambara neza. Turaryohewe no kuba ngaha kandi turavyishimira.” Uwo mwana arongera ati: ”Turashimiye n’abadukuye mw’ibarabara tutibagiye na patiri Maruhukiro yafashike iki kigo, umukama aze yame amuja imbere.” Kuri we rero ngo hamwe yoheza kwiga yipfuza kuba umupatiri kandi akazoshinga irerero rifasha abana babayeho nabi.
Ntukamazina Visenti, umuyobozi w’ico kigo, avuga ko ikigo “Mariya arafasha” kiri mu mugambi “Gira izina”. Ngo catanguye mu mwaka w’2007, bakaba bafasha abana bo mw’ibarabara bitarakunda ko basubira iwabo kugirango na bo babandanye ubuzima. Agira ati: «Dutora abana bafise hagati y’imyaka indwi na cumi n’ine. Kugira baze ngaha turaba ko ata handi bashobora kuja, haba ku ncuti canke mu yindi miryango.» Akavuga rero ko abana 109 ari bo bafasha muri kino gihe, ababa ngaho ni 24 gusa abandi babafashiriza mu miryango itandukanye batahamwo. Mu vyo babafasha harimwo cane cane kubaha indero runtu hamwe no kubaha ibindi vya nkenerwa, haba gufungura, kwambara, kuryama, kwiga, muri make babafasha kugira uburaro n’uburamuko.

Arashima intambwe bashitseko

Ntukamazina ati: “Novuga ko ibikorwa bidushimisha. Turafise uwuheza uno mwaka kw’ishure rikuru ry’imyuga ry’i Bubanza. Sinshima ko dufise abo dufasha benshi, ahubwo n’aho yoba umwe avuye mu buzima bubi agahinduka umuntu kandi w’umwizigirwa ni vyiza.” Ati dutanga indero runtu n’indero rukirisu kandi umwe wese aja mw’idini yiyumvamwo. Ngo bafise intambamyi zijanye n’uburyo kuko bakenye ababafata mu mugongo. Ku baba mu miryango, iyo babahaye agafashanyo bituma abo babana baja mw’ibarabara ngo na bo bafashwe, eka n’abavyeyi ngo ntibaratahura neza ibanga ryo kurera.

Amasezerano y'abayagira kur'urubuga ngurukanabumenyi rwa IWACU

Ivyiyumviro n'ibivugirwa hano ntibitegerezwa kurenga amategeko y'umubano mwiza. Mu bibujijwe kwandikira hano, harimwo amajambo y'amacakubiri afatiye ku bwoko, ibitsina, ukwemera kujanye n'idini, gutyozanya canke gutukana, amajambo ahamagarira gucanamwo, canke aza atanga amakuru ajanye n'ubuzima bwihereranye bwa muntu. Ikibujijwe kandi ni ugukoresha amasanamu canke ivyandikwa vy'abandi udatomoye isoko yavyo.
Iwacu ntizotiriganya mu gufuta icanditswe cose coza kirenga kuri ano masezerano, canke ivyanditswe bisubiwemwo, bitanzwe bitajanye n'inkuru vyandikiweko, bihayagiza ibidandazwa canke bidashingiye ku kwubahana hagati y'abahurira hano. Icanyuma : intererano izogirwa mu ndome nkuru izofutwa vuba.

Kwongerako iciyumviro

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *