Ikigo kirera abana batumva c’i Gitega

Abavyeyi barashima ibikorwa vy’ikigo kirera abana bagendana ubumuga bw’ukutumva, ariko ubukene bw’ibitabo ni bwo bukibuza gushika kuntumbero yaco.-Vyanditswe na Kwizera Emeri

Bamwe mu bana bagendana ubumuga bahiga ©Iwacu

Bamwe mu bana bagendana ubumuga bahiga ©Iwacu

« Ngerageje kuraba ibintu azi ni vyinshi. Abantu bamwigisha ni abanyabwenge koko. Arazi kwandika ubutumwa na terefone ngendanwa. Eka afise ubumenyi burengeje. » Uwo ni umuvyeyi twasanze ku kigo kirera abana bagendana ubumuga bw’ukutumva.Yatuyagira ukuntu umwana wiwe amugaye yateye imbere mu bwenge. Yarabandanije yemeza ko umwana wiwe ubu azi guteranya ibiharuro akamenya n’amazina y’abo mu muryango bose, agashobora rero kwandika izina n’ugusigura ibiranga umuntu akoresheje ibimenyetso mu gihe abonye ahanditse izina ry’uwo muntu gusa. Nayo ama nomero y’amaterefone y’ababanyi, umuvyeyi amenyesha ko apfa kuyibona aca amenya nyeneyo bidatevye. Uwo muvyeyi yari aherekeje umwana wiwe aturuka muri komine Tangara mu ntara ya Ngozi. Asaba abandi bavyeyi bakigumiza abana bagendena ubumuga mu nzu ku bashira mw’ishure kuko abo bana bashobora kwiteza imbere.

Ibitabu birakenye

Bandora Supesi, umuyobozi w’ico kigo avuga ingorane zitabuze. Avuga ko kubera ubukene buri mu miryago. Abana bamwe batanguye ishure ata bikoresho bazanye. Ariko abagiraneza bakaba babafasha ibikoresho bikaboneka. Eka n’abigisha yemeza ko bakwiye. Ubukene bw’ibitabo ni bwo bubahanze kubera ibitigiri vyinshi nk’uko abandanya abivuga, agatera akamo abagiraneza kwumviriza ijwi ry’Imana bakabafata mu mugongo kuko nk’uko abivuga, abo bana barakeneye kwiga mbere gushika kure.Eka na we nyene atera akamo abavyeyi bafise abana bagendana ubumuga kubanyegurura bakaja mu mashure. Ubukene bw’ibitabu butuma abigisha batoroherwa mu mw’ibango ryabo. Umwigisha umwe wo kuri ico kigo ati: “Turagerageza uko dushobora, ariko ntivyama vyoroshe kubera ubukene bw’ibitabo vy’abanyeshure n’ivy’abigisha.” Uwo mwigisha avuga ko uretse ubumuga bw’ukutavuga, abo bana usanga bafise n’ubundi bumuga bigatuma igikorwa kitoroha.
Iryo shure riramura incabwenge kuko hariho abahize baza bariko barategura igikorwa co kurangiza amashure ya kaminuza.

Amasezerano y'abayagira kur'urubuga ngurukanabumenyi rwa IWACU

Ivyiyumviro n'ibivugirwa hano ntibitegerezwa kurenga amategeko y'umubano mwiza. Mu bibujijwe kwandikira hano, harimwo amajambo y'amacakubiri afatiye ku bwoko, ibitsina, ukwemera kujanye n'idini, gutyozanya canke gutukana, amajambo ahamagarira gucanamwo, canke aza atanga amakuru ajanye n'ubuzima bwihereranye bwa muntu. Ikibujijwe kandi ni ugukoresha amasanamu canke ivyandikwa vy'abandi udatomoye isoko yavyo.
Iwacu ntizotiriganya mu gufuta icanditswe cose coza kirenga kuri ano masezerano, canke ivyanditswe bisubiwemwo, bitanzwe bitajanye n'inkuru vyandikiweko, bihayagiza ibidandazwa canke bidashingiye ku kwubahana hagati y'abahurira hano. Icanyuma : intererano izogirwa mu ndome nkuru izofutwa vuba.

Kwongerako iciyumviro

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *