Ikiganiro batanze coba cerekana ko hari umutekano muke ?

Abashikiranganji bane ba Reta y’Uburundi, uw’intwaro yo hagati mu gihugu uw’ukwivuna abansi, uw’umutekano, n’uw’ubutungane barahaye ikiganiro abamenyeshamakuru. Ibibazo nyamukuru bishuye bijanye n’ingorane ziri mu mugambwe Uprona. -Vyanditswe na Vyizigiro Jimi Erevisi

Ministres

Abashikiranganji b’umutekano, intwaro yo hagati, ubutungane no kwivuna abansi bariko bararemesha ikiganiro ©Iwacu

Kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 17 Ruhuhuma 2014, abashikiranganji bane bari muri reta y’Uburundi baratangiye hamwe ikiganiro. Ikibazo c’isamburwa ry’umugambwe w’Abadasigana Uprona gisa n’aho gihagaritse umutima inzego zitandukanye z’igihugu caragarutse kenshi. Umushikiranganji Nduwimana Duwarudo yarisiguye. Naho yagirizwa n’abakuru b’imigambwe imwe imwe ko ari we aja kw’isonga mu gusambura imigambwe, yamenyesheje ko umugambwe Uprona wamanye ingorane kuva Uburundi bucikukira. Yagize ati: ”Jewe si je nsambura imigambwe kandi nta bubiko bwayo mfise ngo ndayihe abo nshatse. Iyo biba biri uko, ndafise abagenzi noyibahaye.”
Yarongeye arasubira kwibutsa ko, inama yose izotumwako n’abaporona umupfasoni Nibigira Konsiriya atabimenyeshejwe, itazemerwa n’ibizovamwo bitazemerwa kuko uyo mupfasoni ari we aserukira umugambwe wa Rwagasore imbere y’amategeko. Naho uwo mushikiranganji Nduwimana abibona gutyo, umurwi usanzwe urongowe na Nditije Karori, ndetse ari wo urimwo abashingamateka bose ba Uprona, baheruka gufata ingingo yo kwirukana burundu uwo mupfasoni, hamwe n’umushingamateka Niyoyankana Bonavantire na Sindimwo Gasitoni mu mugambwe .

Abashikiranganji b’ukwivuna abansi n’umutekano barahumurije

Ingorane ziri mu mugambwe Uprona zirahagaritse umutima abatari bake. Bamwe n’abandi baravuganga yuko inzego z’umutekano zirimwo ba somambike b’umugambwe Uprona, zishobora kugumuka. Izo nzego zarabeshuje ivyo vyose.
Umushikiranganji w’ukwivuna abansi no gukurikirana abahoze ku rugamba Generari Gaciyubwenge Posiyano, amenyesha ko ivyo ari ibihuhuha. Ku bwiwe inzego z’umutekano ziriko zikora neza, ndetse n’ibivugwa ko hoba hariho abamaze kwumvirizwa mu makambi ya Batayo Para canke mw’ikambi ya Muha ku bijanye n’ukugumuka kw’abasirikare atari vyo. Yasavye yuko abanyamigambwe boja gukorera poritike mu migambwe yabo, kandi ko batohirahira ngo binjire mu nzego z’umutekano ku neza yabo.
Nizigama Gaburiyeri, umushikiranganji w’umutekano w’abanyagihugu, yabanje kwibutsa yuko ata n’umwe ari hejuru y’amategeko. Ubwa kabiri yasavye ko nimba hari umusirikare canke umuporisi yoba yipfuza gukora poritike, yoshikiriza umwambaro, agaheza agakora poritike yipfuza. Ku bijanye n’ikibazo cerekeye bamwe mu baporisi bahohotera abanyagihugu, bagakoresha n’inguvu nk’uko vyibonekeje mu badasigana bari ku Mugumya, Nizigama avuga ko ata wokwagiriza inyamiramabi zose, ko hagiye gukorwa amatohoza.

Umushikiranganji w’ubutungane yitwaje amategeko

Umushikiranganji Barandagiye Pasikari, w’ubutungane ati: ”Umunyagihugu yigenza neza ntatinya ubutungane.” Barandagiye yarabajijwe ipfungwa rya Bamvuginyumvira Ferederiko, icegera c’umukuru w’umugambwe Sahwanya Frodebu akaba yarigeze kuba n’icegera c’umukuru w’igihugu. Yishuye avuga ko ata n’umwe ari hejuru y’amategeko. Ivyo yavyishuye gutwo mu gihe abatari bake baguma biyamiriza ipfungwa ryiwe.

Inyishu batanze ntizashitse ku nyota abamenyeshamakuru bari aho

Naho Nizigama yemeye yuko inzego z’inyamiramabi harimwo abaporisi barenga amategeko, yaramenyesheje yuko urwo rwego rukorera abanyagihugu kandi ko bakwiye kurwubaha.Ku bwiwe inyamiramabi zirigenga: ”Niyoyankana canke Nyabenda ntibashobora guha amategeko igiporisi.”
Umukuru w’insamirizi Bonesha Fm yaragarutse ku bantu barashwe n’inyamiramabi i Businde mu Kayanza canke ikubagurwa ryagiriwe abamenyeshamakuru bariko barashigikira mwenewabo Ruvakuki Hasani. Muhozi Inosa arongoye Tele Renessance yabwiye abari aho yuko abo bashikiranganji bariko bishura nabi ibibazo, kandi ibintu bikomeye. Yababwiye yuko kubona bakoranye ari bane vyerekana yuko hariho ibitariko biragenda neza vyishi mu buzima bw’igihugu. Umushikiranganji Nduwimana yamwishuye yuko ahubwo bagiye hamwe ngo batange umuco.

Amasezerano y'abayagira kur'urubuga ngurukanabumenyi rwa IWACU

Ivyiyumviro n'ibivugirwa hano ntibitegerezwa kurenga amategeko y'umubano mwiza. Mu bibujijwe kwandikira hano, harimwo amajambo y'amacakubiri afatiye ku bwoko, ibitsina, ukwemera kujanye n'idini, gutyozanya canke gutukana, amajambo ahamagarira gucanamwo, canke aza atanga amakuru ajanye n'ubuzima bwihereranye bwa muntu. Ikibujijwe kandi ni ugukoresha amasanamu canke ivyandikwa vy'abandi udatomoye isoko yavyo.
Iwacu ntizotiriganya mu gufuta icanditswe cose coza kirenga kuri ano masezerano, canke ivyanditswe bisubiwemwo, bitanzwe bitajanye n'inkuru vyandikiweko, bihayagiza ibidandazwa canke bidashingiye ku kwubahana hagati y'abahurira hano. Icanyuma : intererano izogirwa mu ndome nkuru izofutwa vuba.

Kwongerako iciyumviro

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *