Igisagara ca Bujumbura : urwaruka rwarababajwe n’abatowe

BRANDING_COLOR KIRUNDI

Mu mwaka w’2010, abitoza barakwiye ibisagara n’imitumba biyamamariza guserukira abayanyagihugu. Ko bemereye vyinshi abanyagihugu, inyuma y’imyaka itanu hahindutse iki ? Ikinyamakuru Iwacu ciyemeje gushikira abanyagihugu bo mu gihugu hagati mu mihingo ya kure, maze bashikirize uko babibonye, n’ico biteze ku matora yo mu 2015. Muri iyi ndwi Iwacu yashitse mu gisagara ca Bujumbura.-Vyanditswe na Ngabire Eriza na Bukeyeneza Arumeri Giriberi

———————————————————————————————————

Ukirengutse mu buraruko bw’igisagara ca Bujumbura, kw’ibarabara rikuru n°1 rijana mu buraruko bw’igihugu handitse ngo « Kaze i Bujumbura. » Nta bendera ry’umugambwe n’umwe ubona kiretse igishusho c’inkona ishanje amababa, kikaba ari ikimenyetso c’umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD. Ico gishusho cibonekeza cane kiri ku kirabo citwa Iwabo w’abantu.

Igice c’igisagara ca Bujubura ©Iwacu

Igice c’igisagara ca Bujubura ©Iwacu

Wigiwe imbere gatoya, ikigaragara gusumba ni ikaratiye nshasha nziza i bubamfu, ariko i buryo hepfo y’ibarabara hari utuzu tudashemeye. Umuntu yirenganira ati : « Ni igisagara c’abakene n’abakire ».
Ibibibishe si muri ubwo budasa bw’amakaratiye gusa, ushitse mu gisagara hagati ahahora isoko nkuru ya Bujumbura hoho wumva agahinda. Ikibanza cahoramwo isoko ubu gisigaye ari umusaka. Ubona ibisigarira vy’amabati yazigiye kuko ahandi ntushobora kuhabona barayizibiye yosen’amabati. Iyo na yo yahiye ku wa 27 Nzero 2013 ku musi w’Imana. Abambuwe n’uwo muriro watumye abasomera barumanga bakaba bita ku biti no ku mabuye kugira baronke icorirenza.

Kuva ico gihe, abakenyezi bahora badandaza imboga n’ivyamwa baciye babidandariza irya n’ino y’ico kibanza. Mugabo rero ntivyoroshe kuko bama bariko basiganwa n’abaporisi bababuragiza mbere kenshi barabasanzariza utwo banze canke bakabitwara.
Uko imisi ihera ni ko mu gisagara ca Bujumbura habura aho imiduga yunguruza abantu ihagarara hakwiye, aho ntituvuze urufatangane rw’imiduga mu mabarabara mu masaha yo gutonda ku mirimo canke kugodoka. Hari benshi biha kugendesha nabi imiduga kandi igiporisi kijejwe uruja n’uruza mu mabarabara kiri aho.
Hari amakaratiye ubona inzu mu kuduga wobeshera ibizinu bifokombotse, harimwo izubatswe ku ma miriyaridi y’amarundi.

Ivyo bafatirako

.Igisagara ca Bujumbura kigizwe n’amakomine 14 : Buterere, Buyenzi, Bwira, Cibitoke, Gihosha, Kamenge, Kanyosha, Kinama, Kinindo, Musaga, Ngagara, Nyakabiga na Rohero.
.Mu Mutora yo mu 2010, mu gisagara ca Bujumbura, abiyandikishije ngo bazotore bangana 297 276.
.Imigambwe itandandatu ni yo yahiganwa mu matora y’abajenama b’amakomine. Mu nyuma imwe muri yo yariyonjoroye muri ayo matora (FNL,MSD, Sahwanya Frodebu na UPD), maze CNDD-FDD na Uprona bati buzire ndabwirire.
.Igisagara ca Bujumbura gifise abashingamateka 6. CNDD-FDD:3, Uprona:2 n’umutwa umwe yabwirizwa kujamwo.

Ivyo abitoza bemereye abanyagihugu

Umushingamateka Buskoza Berenarudo arashimika ati: “Utora nabi ugatwarwa nabi. Ivyo twemereye abanyagihugu vyose bishimikira kuri ico civugo. Twari twemeye guharanira intwaro ibereye haba mu vy’ubutunzi, poritike n’ imibano.Muri make kwari ukurwanya igiturire n’ugharanira ubutungane bwigenga kuri bose.” Arabandanya mbere akavuga ko atari ivyo gusa, nyabuna ngo harimwo kwisunga amasezerano y’amahoro y’i Arusha mu kwubahiriza kugabanganya ubutegetsi hisunzwe ubwoko mu nzego zitandukanye.
Mu bijanye n’imibano, uwo mushingamateka yemeza ko yari yiyemeje gusununura uburyo abasirikare n’ abaporisi bakukurutse babayemwo. Ku bwiwe, ngo ntivyumvikana ingene umuntu yakoreye igihugu iyaka 40 usanga afata ibihumbi 40.
Uwo yahoze ari icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu yari afise n’umwitwarariko w’ukuntu amakaratiye amwe amwe yo mu gisagara ca Bujumbura yabangamirwa n’inkukura. Ati: “Imvura iguye, hari amabarabara atasubira guhita kubera ko atagira imifurege canke adashashemwo amabuye. Twararurwanye kugira ngo kugira bikorwe.”
Umushingamateka Ndikumana Varisito wewe ari mu bwoko bw’Abatwa, ico kibanza yagihawe n’uko ubwoko bwiwe butegerezwa guserukirwa. Ati: “Nashizwe imbere kubera nashikiriza imigambi itomoye.” Arashikiriza bikuru bikuru muri vyo: “Kuba uwuvugira ubwoko bwanje mu nama nshingamateka. Harimwo guharanira ko abasangwabutaka na bo baronka isi ndimwa, gukora ibishoboka vyose kugira ngo abana bacu baje mu mashure nk’abandi. IKindi na co kwari ukugira ngo ibwirizwa nshingiro ritwemerere ibibanza bizwi n’ibwirizwa nshingiro nk’ Abahutu n’Abatutsi mu gisirikare n’igiporisi.”

Ivyaranguwe

Busokoza Berenarudo : « Twarakoze ivyo dushoboye vyose » ©Iwacu

Busokoza Berenarudo : « Twarakoze ivyo dushoboye vyose » ©Iwacu

Umushingamateka wa Uprona ntaca irya n’ino: “Iyo utatsinze amatora, ntivyoroshe ko ushitsa ivyo wemeye. Mu nama nshingamateka twari bake, aho na ho akaba yari amananiza kugira dukore ivyo twemereye abanyagihugu.” Ngo naho biri uko ntivyabujije ko bakora uko bashoboye. Agira ati: “Twarakoze ibishoboka vyose ishure ryisumbuye rya Gihosha rirubakwa riraronka amazi. “
Mu bijanye na poritike, umushingamateka Busokoza arahimbarwa n’ikintu gikomeye. Ati: “Twararahiye turanana,kugeza aho twavuga ko twopfuma tuhagarama turasubiza inyuma integuro y’itegeko ryahindura ibwirizwa nshingiro ryari gutuma umukuru w’igihugu asubira kwitoza ubugira gatatu.”

Turi muri CVR no muri EALA

Ndikumana Varisito ©Iwacu

Ndikumana Varisito ©Iwacu

Ni bimwe mu bihambaye vyashitweko na Ndikumana Varisito. Ati: “Itegeko rigenga wa murwi ujejwe kumenya ukuri no kunywanisha Abarundi riraha ikibanza Abatwa. Twaraserukiwe.” Eka mbere no mu nama nshingamateka y’ibihugu vya Afrika y’Ubuseruko (EALA) iraha ikibanza umutwa. Ikindi uwo mushingamateka amenyesha ni uko ingo z’Abatwa zishika 80 zari zubakanye bidaciye mu mategeko ubu vyagenze neza. Eka mbere ngo baranaronkejwe amatongo yo kurimwamwo. Ico yemeza ko kitakozwe, ngo kwari uguhindura ibwirizwa nshingiro kugira ngo Abatwa baronke ibibanza bikwiye ntivyashobotse. Ati: “Turi bake cane mu nama nshingamateka, iyo tutumvikanye n’abandi bashingamateka, haca haba amatora natwe ataco twishoboje.”

Harashashwe amabuye mu mabarabara

Rimwe mu mabarabara yashashwemwo mabuye ©Iwacu

Rimwe mu mabarabara yashashwemwo mabuye ©Iwacu

Abanyagisagara babibona kumwe. Borisi ku Musaga, Arumeri mu Cibitoke na Musitafa mw’i Rohero bahuriza ku kintu kimwe: “Icahindutse kigaragara mu gisagara ni “ugusasa amabuye mu mabarabara yo mu makaratiye.” Ibisigaye abanyagisagara bavuga ko vyasubiye inyuma.
Umwe ati: “Amazi asigaye akenye muri Bujumbura yose, umuyagankuba wowo ntituvuze, hari n’abazohagarika urudandazwa rwabo kubera kubura umuyagankuba. Umwanda mu gisagara, ubuzima buzimvye…”
Ahubwo ishavu riraniga muri abo banyagihugu kandi ntibarya umnwa. Jidiyo aba mu Gihindi (Quartier asiatique) akaba afise umwuga wo gusudira. Ari mu guta yomoke kubera ubukene bw’umuyagankuba. Ati : « Umuyagankuba nturenza amaha ane ku musi. Uwundi mwanya wose mba nitunye ngaha. Ndi mu guheba nte nomoke. Aho hose mbwirizwa gufungura no kuriha inzu mbamwo. »
Mariya ni umukenyezi akiri muto wo mu Kinama. Nta we nyene ishavu riraniga kubera kubura amazi meza. Aho hose ngo mu 2010 babemerera ibitagenda. N’umubabaro mwinshi ati: “Hafi amabarabara 10 asangaiye ivomo rimwe kandi ritari rusangi. Ibido y’amaritiro 20 tuyigura amafaranga 50.”

Bari bemeye ibitangaza

Mu Kinindo, uwitwa Petero avuga ko abo muri Uprona bari babemereye gukora ibishoboka vyose kugira ngo imigambi y’urwaruka ironke abayiha uburyo kugira ngo harwanywe ubushomeri. Ikindi ni uko bari bemereye abanyagihugu ko bazoza barahura na bo kenshi kugira ngo bavugane uko ibintu vyifashe. Uretse ko batabagirishije iyo mibonano, ngo ntibasubiye no kubakuta ijisho amatora arangiye.
Muri komine ya Bwiza na ho nyene ibintu babibona uko. Hasanzwe harwiriye abantu bakora imyuga mito mito n’iyibayabaye. Uwitwa Harima yahoze ari umudandaza mw’isoko nkuru ya Bujumbura ati: “Ikitubabaje gusumba, abo bashingamateka nyene nta kigoro na gatoya bagira kugira ngo bamenye uko tubayeho kuva isoko ihiye. Ubu OBR iraduhanze idafata nk’abadandariza u kinyegero.” Ibintu rero ngo biri uko mu gihe c’ugusaba amajwi bavuga ko bazokwama baturi hafi kandi ari vyo bashira imbere.

Ivyo bakeneye

Imbere ya vyose haza kurwanya ubushomeri. Kandi ivyo ubisanga mu makomine yose. Muri Bwiza na Buyenzi hasanzwe harwiriye abadandaza bato bato, ishavu bafitiye ikigo OBR riraniga.
Umudandaza yidoga ati : « Ntibitegeretse ukuntu umuntu yogura hanze imodoka ku miriyoni zibiri agaca ayirihira itagisi ingana nk’ayo nyene. » Muri Kinindo, abasemerera ni urwaruka. Aho na ho ngo uretse ko batagira ikigo c’urwaruka, ngo nta n’ibibuga bafise vyo gukinirako. Mu makomine ya Kinama, Cibitoke na Buterere na ho ngo bahanzwe n’ukubura amazi meza.

 

 

.

Amasezerano y'abayagira kur'urubuga ngurukanabumenyi rwa IWACU

Ivyiyumviro n'ibivugirwa hano ntibitegerezwa kurenga amategeko y'umubano mwiza. Mu bibujijwe kwandikira hano, harimwo amajambo y'amacakubiri afatiye ku bwoko, ibitsina, ukwemera kujanye n'idini, gutyozanya canke gutukana, amajambo ahamagarira gucanamwo, canke aza atanga amakuru ajanye n'ubuzima bwihereranye bwa muntu. Ikibujijwe kandi ni ugukoresha amasanamu canke ivyandikwa vy'abandi udatomoye isoko yavyo.
Iwacu ntizotiriganya mu gufuta icanditswe cose coza kirenga kuri ano masezerano, canke ivyanditswe bisubiwemwo, bitanzwe bitajanye n'inkuru vyandikiweko, bihayagiza ibidandazwa canke bidashingiye ku kwubahana hagati y'abahurira hano. Icanyuma : intererano izogirwa mu ndome nkuru izofutwa vuba.

Kwongerako iciyumviro

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *