Igisagara ca Bujumbura kigeze mu matongo yo kurimamwo

Amatongo yegereye igisagara ca Bujumbura yahora yimbuka arageramiwe n’abayubakamwo amazu. Biva kw’igwirirana ry’abantu. Ingaruka zibonekera ku bifungurwa bica bizimba. Umuhinga mw’igwirirana ry’abantu n’iterambere ati bikwiye gutegurwa neza – Vyanditswe na Bayaga Manyusi

Ikibanza cubatswemwo amazu co mu Maramvya ©Iwacu

Ikibanza cubatswemwo amazu co mu Maramvya ©Iwacu

Hari ibibanza vyahora bigenewe uburimyi vyagiye vyubakwamwo amazu kubera ko igisagara ca Bujumbura cagumye caguka. Aha twovuga nka Carama na komine Ngagara mu makaratiye y’icenda n’icumi canke muri zone Maramvya yo muri komine Mutimbuzi yo mu ntara ya Bujumbura. Ivyo bibanza bakibirimamwo wasanga vyimbuka cane kandi bikagirira akamaro kanini abanyagihugu mu bijanye no gufungura.
Dusengimana Rishari, umunyagihugu twahasanze afise isuka avuye kurima hirya yaho, avuga ko amaze imyaka itatu ahaba. Yemeza ko akihashika ata bantu benshi bahaba: “Haba abantu bake bake. Harimwa ibiharage, ibigori, umuceri n’imyumbati.” Ikindi amenyesha ni uko ubu imvukira atari zo zihagaba: « Abahaba ubu si imvukira kuko zozo zaragurishije, ubu bamwe barapanze abandi bagiye kwigurira mu yandi makomine nka Gihanga no mu za Cibitoke.»

Ingaruka ni nyinshi…

Aribuka ingene hari hameze mu myaka iheze: «Aha ivyo baharima kera vyarahakunda cane. Muri kino gihe indya zaciye zizimba gose kuko twabuze aho kurima. N’abahasigaranye hafi bahakotesha n’abantu benshi kandi bakabaha hato hato. Batanga imetero 15 kuri 60 gusa. Hari n’ubwoba ko abasuma bokwiba mu mirima kubera inzara.»  Avuga ko ari abategetsi bahacishije amabarabara, akagira amakenga ko hose bashobora kuhubaka hagahera ntihagire abasubira kuronka aho kurima. Abanyagihugu na bo ngo n’uwutogurishije yaca agurisha ku gutinya ko bohava bahabanyaga.
Rukundo Yohani Bosiko, umunyagihugu wo ngaho i Buhomba nyene, avuga ko kera umuntu mu gukotesha aho arima yatanga ibihumbi bitanu canke 10 bakamuha ahafise imetero 30 kuri 60. Ariko muri kino gihe, ahafise ubwo buringanire bahatanga ku mafaranga ibihumbi 60. Ikindi yemeza ni uko kera barindira nk’imyumbati ikera neza, ariko ubu batanga ikiringo c’umwaka umwe gusa: «Itariki wayitereyeko igeze, ibaye yeze canke itarera uca usoroma ugakuraho. Akenshi aza kukubwira ngo usorome yamaze kurya amahera y’uwundi muntu wo ku mwaka ukurikira.»
Rukundo amenyesha ko ikiro c’ibiharage cahora ku mafaranga 700 none ubu kiri ku 1400, umuceri wavuye ku 800 ku kiro ubu ugurishwa hagati y’1400 n’1600. Ifu y’imyumbati na yo yavuye ku mafaranga 400 none iteye ku 650 ku kiro bitewe n’uko batakiyirima nka kera.

Si aho honyene…

Umunyagihugu wo mu Gasenyi atashimye kwivuga izina, yemeza ko bumvise ku maradiyo muri ino misi, itangazo ribuza kugura canke kugurisha muri iyo micungararo. Ngo bari biteze ko babagirisha inama ku mashure yo mu Carama, ariko basanze hari inama y’ishure. Avuga ko ata mutegetsi araza kubibabwira amaso mu yandi. Ku bwiwe rero ngo ayo matongo aramera cane, ariko iyo umunyagihugu aronse uwumugurira akamuha nk’imiriyoni zibiri, atari bwayakoreko, aca ayatora akigira kwigurira ahandi. Akavuga ko abenshi mu bagurisha muri iyo micungararo baca baja kuba mw’i Tenga canke hirya yaho.
Nyandwi Nserume, buramatari w’intara ya Bubanza isanzwe iri mu ntara zimera kandi zegereye igisagara ca Bujumbura, avuga ko ico kibazo akizi. Ngo bafise umugambi wo gushira abanyagihugu mu bigwati. Ku bwiwe ngo bazokwubaka ku mpande zose z’ibarabara riva i Bujumbura rija i Bubanza, bagategekanya ko hoja inzu zirenga ibihumbi 20. Ariko rero ngo ico kibazo ntikiboroheye kuko abafise amatongo kw’ibarabara ntibashaka ko abandi baza kuhaba, n’uwemeye kuhagurisha asaba amahera menshi ku buryo ata baheza ngo bayatange. Yemeza ko amaze kugirana inama zitatu n’abanyagihugu mugabo nta kiravamwo ariko ngo azobandanya kandi arizeye ko bizoshoboka.

Birabateye umwitwarariko cane…

Ndikunkiko Reyo: “Hari hakwiye gukingirwa amatongo ndimwa asigaye.” ©Iwacu

Ndikunkiko Reyo: “Hari hakwiye gukingirwa amatongo ndimwa asigaye.” ©Iwacu

Ndikunkiko Reyo, icegera c’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe Adisco ryitaho uburimyi n’ubworozi, avuga ko bibateye umwitwarariko cane kubona amatongo yo kurima kandi amera baguma bayubakamwo. Ati ni ikibazo gihambaye mu gihe abarundi bafise umurindi munini mu kurondoka, kandi muri rusangi ata n’umwe ashobora kurenza are 30 z’isi ndimwa. Ngo ukuntu igisagara ca Bujumbura kiguma cagukira mu matongo yahora arimwa, kandi amatongo amera cane, biza vyunyura uko ibintu vyari bimeze ubu. Kuri we rero ngo hari hakwiye gukingira amatongo ndimwa agisigaye. Barashigikiye umugambi wa Reta utegekanya ko abantu boja mu bigwati hagashobora kuboneka amatongo abantu barima. Ku vyerekeye igisagara ca Bujumbura, Ndikunkiko abona ko Reta yotegekanya ukugene abantu bubaka amagorofa. Ivyo vyotuma nk’imiryango ine, itanu canke icumi ishobora kuba nko kuri are zine canke zitanu gusa. Ingaruka na zo zituruka mu kwubaka mu matongo yo kurimamwo, ngo ni ugusonga abanyagihugu bari basanganywe ingorane z’ubukene n’ugufungura nabi. Ngo amahegitara atari make ntaba agikoreshwa mu burimyi kandi yahora atanga amatoni ibihumbi y’ibifungurwa ku banyagihugu.

Ni ikibazo kiduteye umutima uhagaze…

Ndayishimiye Remi: “Ico kibazo kiraturaje ishinga.” ©Iwacu

Ndayishimiye Remi: “Ico kibazo kiraturaje ishinga.” ©Iwacu

Ndayishimiye Remi, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’amazi, ibidukikije, gutunganya amatongo n’ibisagara, avuga ko ikibazo kijanye n’amatongo yo kurima yubakwamwo kibaraje ishinga. Ati vyatanguye kwibonekeza aho hatangwa ibibanza mu Kajaga, mu Kizingwe, mu Gisyo, mu Bihara, mu Maramvya n’ahandi kandi hari amatongo yimbuka cane.Ubushikiranganji avugira rero ngo buriko burategura icapa cerekana aho igisagara kigarukira, kirindiriye kwemezwa. Ico capa ngo kizokwerekana akarimbi ntarengwa k’igisagara ca Bujumbura. Aributsa ko n’umukuru w’igihugu yamaze gutera akamo abanyagihugu ngo bijukire ibisagara vyo mu ntara zo hagati mu gihugu. Ngo hari n’aho bamaze gutanga ibibanza nko mu Kayanza n’i Ngozi.

Bituruka ku ngorane z’ubutunzi n’igwirirana ry’abantu

Manirakiza Reneyo: “Inyishu ni uko hotezwa imbere ibindi bisagara.”©Iwacu

Manirakiza Reneyo: “Inyishu ni uko hotezwa imbere ibindi bisagara.”©Iwacu

Manirakiza Reneyo, umuhinga mu bijanye n’igwirirana ry’abantu n’iterambere, avuga ko igisagara gihurumbirwa n’abaza bahiga ubuzi butari ubwo kurima.Ngo ubukene bwarabaye umurengera mu gihugu hagati bigatuma abantu birukira mu gisagara ca Bujumbura , aho baba baje kurondera ubuzima bwiza. Avuga ko kubona abanyagihugu bafise umurindi munini mu bijanye no kurondoka bituma abantu bagira igitigiri kinini, ivyo na vyo bigatuma abarondera ubuzi budasaba amashure bagwira: abunguruza abantu ku makinga, abikorera imizigo, abotsa ibigori ku mabarabara n’abandi baja mu gisagara.
Aha rero amenyesha ko igisagara kitaba kigishoboye kwakira abo bantu bose. Ati: «Ubukene bwo mu gihugu hagati buca bwisuka mu gisagara: abantu baca batangura kwiyungunganya bakora imyuga mito mito idafashe. Muri ico gihe nyene baba babwirizwa no kurondera aho baba. Ibisabwa n’igisata gitanga amatongo yo mu gisagara ntibaba babikwije uravye ubuzima baba babayemwo, baca baja impera y’igisagara hatabagora kuronka.»

Ibibanza vyo kurimamwo vyokingirwa

Uwo muhinga avuga ko ubu amatongo yegereye igisagara yamaze kuzimba kuko agabwa n’abantu bayiguriye kare hakigurika. Abo rero ngo ntibayafitiye umugambi w’uburimyi ahubwo baja barakeba bagurisha kuko ari ho bunguka cane. Abanyagihugu na bo ngo biruka barondera aho kwubaka ntibiyumvira ivyo kurima. Ivyo rero akavuga ko ari ivya kera kuko igisagara kitigeze kigira integuro ifatiye ku kugene kizogenda kirakura. Inyishu abona ni uko hotezwa imbere ibindi bisagara, Reta igafasha abantu kubihurumbira mu kubaronsa ibibanza canke kuharonsa ivya nkenerwa hakaba ku rugero rwa Bujumbura. Ayo matongo na yo ngo yokingirwa hakaba itegeko ribuza kuyagurisha canke uwuhaguze akabwirizwa kuharima.

Amasezerano y'abayagira kur'urubuga ngurukanabumenyi rwa IWACU

Ivyiyumviro n'ibivugirwa hano ntibitegerezwa kurenga amategeko y'umubano mwiza. Mu bibujijwe kwandikira hano, harimwo amajambo y'amacakubiri afatiye ku bwoko, ibitsina, ukwemera kujanye n'idini, gutyozanya canke gutukana, amajambo ahamagarira gucanamwo, canke aza atanga amakuru ajanye n'ubuzima bwihereranye bwa muntu. Ikibujijwe kandi ni ugukoresha amasanamu canke ivyandikwa vy'abandi udatomoye isoko yavyo.
Iwacu ntizotiriganya mu gufuta icanditswe cose coza kirenga kuri ano masezerano, canke ivyanditswe bisubiwemwo, bitanzwe bitajanye n'inkuru vyandikiweko, bihayagiza ibidandazwa canke bidashingiye ku kwubahana hagati y'abahurira hano. Icanyuma : intererano izogirwa mu ndome nkuru izofutwa vuba.

Kwongerako iciyumviro

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *