Ibibazo vy’amatongo biracahanze abarundi

Kunyaga amatongo ya reta, imizibukiro idashimisha abakuwe mu matongo, amatati hagati y’abahunga n’abahunguka, umurwi Cntb be na sentare idasanzwe izoca imanza z’amatongo n’ayandi matungo, ni vyo ahanini vyaranze impari mu 2013. Iwacu yarabajije abo vyega icokorwa uyu mwaka. – Vyanditswe na Bayaga Manyusi

Gasenyi-Gatunguru

Ikibanza co mu Gasenyi cimuwemwo abanyagihugu ©Iwacu

Haracibonekeza ingorane mu bijanye n’itunganywa ry’amatongo muri kino gihe. Akarorero ni mu Gasenyi na Gatunguru aho reta yategekanije kwubaka ibiro vy’umukuru w’igihugu n’izindi nyubakwa. Abanyagihugu baho bari babanje kunana ariko bahavuye bagondozwa n’abaporisi. Muri kino gihe amazu y’abanyagihugu bahimuwe yarasambuwe, hariko harubakwa amabarabara abiri kandi hari n’ikirindiro c’abaporisi bacungera umutekano. Na bo abanyagihugu bahimuwe ntibashima umuzibukiro bahawe. Bakavuga rero yuko amahera bahaweko umuzibukiro adakwiye kugira ngo bashobore kugura ahandi baba. Ku rundi ruhande, bamwe mu bajejwe intwaro baravugwa ko bonona amatongo ya reta.

Bamwe mu bajejwe intwaro baratungwa agatoke

Nimbona Yuriyano: ”Ibibanza bimwe babiha ba somambike babo, ibindi baragurisha”   ©Iwacu

Nimbona Yuriyano: ”Ibibanza bimwe babiha ba somambike babo, ibindi baragurisha” ©Iwacu

Nimbona Yuriyano, yahoze arongoye umutumba wa Mushasha ya mbere muri komine Mutimbuzi, yagiriza Mutabazi Jean-Marie Vianney, musitanteri w’iyo komine hamwe na Rihanda Baranaba, arongoye inama mpanuzwajambo y’iyo komine nyene, ko banyuruje amatongo ya reta. Nimbona agira ati: «Ibibanza bimwe babihaye ba somambike babo, ibindi baragurisha, hari n’ivyo bakoresha ku nyungu zabo. » Akavuga rero yuko ivyo vyatanguye mu mwaka w’2012. Nimbona atanga uturorero tw’ibibanza biri ku Mushasha ya mbere n’iya kabiri, Gaharawe, Warubondo ku rya 2 na Kajaga-Kinyinya ya 2. Ahandi avuga ni mu Maramvya ku rya 17 na 18 hamwe n’i Buhomba. Nimbona aremeza ko yamaze gushira ahabona ayo makosa y’abo bategetsi ariko ko ata nyishu iratorwa, ngo n’ubu ariteguye kuvyemeza n’imbere y’ubutungane. Ivyo kandi biremezwa n’abanyagihugu bo mu Gatumba bavuganye n’ikinyamakuru Iwacu.

Abagirizwa barabihakana

Musitanteri wa komine Mutimbuzi hamwe n’umukuru w’inama mpanuzwajambo y’iyo komine bamirira kure ibirego vya Nimbona. Bavuga yuko itegeko rigenga amatongo ata bubasha riha abo bategetsi bwo gutanga amatongo ya reta. Rihanda akavuga yuko ikibanza bivugwa ko yagurishije yari yagihawe na buramatari w’intara ya Bujumbura mu 2010, ati ico gihe yari abirekuriwe kuko amatongo yari akigengwa n’itegeko ryo mu 1986, imbere yuko risubirwamwo mu 2011. Abo bategetsi rero bakavuga yuko Nimbona yokwitura ubutungane hamwe yoba ababaye.
Izindi mpari z’amatongo zerekeye abahungutse n’abasangwa. Akarorero ni muri komine Ngagara aho Nyakabeto Justin yasohowe mu nzu n’umurwi Cntb, igashikirizwa umuryango wa Mpitabakana Sitanislas yahunze mu 1972. Nyakabeto akaba yemeza yuko yaharonse biciye mu kuri kuko yahaguze.

Amatongo mu Burundi arahurumbirwa

Nshimirimana Vitari, arongoye urunani rw’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike, avuga ko amatongo mu Burundi ahurumbirwa. Ngo bituruka kw’igwirirana ry’abantu be n’ukubura poritike itomoye yo gutunganya ivy’amatongo. Ati abo vyega bose bari bakwiye kuja hamwe bakiga ingene hokingwa ayo matati. Avuga yuko amatongo ya reta akwiye kuronderwa agashirwa ku rutonde yose. Na bo abobikora ngo bovyitondera bakabikora neza. Ku matongo yahoze ari aya reta agatangwa bidaciye mu mategeko, ngo yogarukanwa agasubizwa reta. Aha Nshimirimana atanga akaroreto ku turere dukingiwe, amashamba cimeza n’ahandi, ati hatangwa bitwaje ngo ni imigambi bagiye kuharangurira, ayandi agahabwa abategetsi. Amatongo y’abanyagihugu na yo ngo yokingirwa mu kuyandikisha akaronswa n’impapuro ziyagenga. Nshimirimana avuga yuko imanza ziba hagati y’abahunguka n’abasangwa zocibwa mu bwitonzi ata guhengama. Ati ubu umutekano w’amatongo urabangamiwe. Ku bijanye n’abakurwa mu matongo kugirango arangurirwemwo imigambi ku nyugu z’igihugu, avuga yuko bihora bivyura amatati hagati ya reta n’abanyagihugu. Ngo akenshi abanyagihugu ntibabimenyeshwa kare kandi ntibaronswa umuzibukiro ukwiye. Ati abo bategerezwa kubimenyeshwa kare kugira bitegure n’umuzibukiro ugasubirwamwo, ukaba ukwiye.

Amatongo ya reta azoronswa impapuro ziyaranga

Damien Macumi

Macumi Damiyano: “Umuzibukiro ugiye gusubirwamwo.” ©Iwacu

Ku bwa Macumi Damiyano, umuhuzabikorwa mu mugambi w’igihugu uraba ivy’amatongo, amenyesha yuko ibikorwa vy’umurwi Cntb bitazokwinjiranamwo n’ivy’umurwi w’igihugu ushinzwe ibibazo vy’amatongo. Aho ni mu gihe hari abafise amakenga yuko iyo mirwi ibiri bizoyigora gukorana. Macumi rero ati iyo mirwi izokorana neza yongere ikorane n’abakorera mu gisata co gutunganya amatongo, ku matongo yo mu mitumba, n’abajejwe gutunganya ibisagara, ku yo mu bisagara. Ikindi amenyesha ni uko itegeko ry’amatongo ritegekanya ko aya reta ashirwa ku rutonde akonera akaronswa impapuro ziyaranga. Mu gihe hari abavuga ko umurwi Cntb wagize urutonde rw’amatongo yanyazwe reta ariko ko ata nkurikizi zabaye, Macumi avuga yuko urwo rutonde rwashikirijwe ubushikiranganji buraba amatongo. Ubwo bushikiranganji ngo bwasanze harimwo ivyobanza gusuzumwa neza, kandi ngo ico cegeranyo gifise akamaro kanini.

Umuzibukiro ugiye gusubirwamwo

Macumi amenyesha yuko mu myaka itanu amatongo ya reta yose azoba yashizwe ku rutonde kandi ngo ivyegeranyo bitandukanye bizokwisungwa. Ku bijanye n’abakurwa mu matongo kubera imigambi y’igihugu, ngo ahanini ingorane zikunda guturuka ku biciro vy’imizibukiro bavuga yuko bidakwiye, ubu rero ngo bigiye gusubirwamwo. Avuga yuko itegeko ritegekanya yuko hasubirwamwo ibijanye n’umuzibukiro hisunzwe ibiciro bishitweko. Ati hari abantu bazoshika mu mitumba barabe aho ibiciro bishitse. Ikindi yibutsa ni uko iryo tegeko ritegekanya ko haba umwumvikano hagati ya reta na bene amatongo.

Ndikumasabo Visenti: “Sentare idasanzwe ica imanza z’amatongo n’ayandi matungo ntikenewe.”  ©Iwacu

Ndikumasabo Visenti: “Sentare idasanzwe ica imanza z’amatongo n’ayandi matungo ntikenewe.” ©Iwacu

Ndikumasabo Visenti, umushingwamanza yanonosoye amategeko, amenyesha yuko ibikorwa vy’umurwi w’igihugu uraba ibibazo vy’amatongo be n’ibirangurwa n’umurwi Cntb bidashobora kwinjiranamwo. Ngo amategeko aratandukanya ububasha bw’umurwi umwe wose. Ngo umurwi w’igihugu uraba ibibazo vy’amatongo, utanga iciyumviro ku matongo atizwa, atamgwa canke yakwa abantu, ngo ntiwokwinjira mu bikorwa vya Cntb. Ku vyerekeye abagize uwo murwi bongerejwe, avuga yuko hisunzwe itegeko ryo ku wa 31 Kigarama 2013, ryabashize ku gitigiri ca 50.

Sentare idasanzwe ica imanza z’amatongo ntikenewe

Uwo mushingwamanza amenyesha yuko hakirindiriwe ko itegeko rizogenga sentare idasanzwe izoca imanza z’amatati y’amatongo ritorwa. Kuri iyo sentare agira ati: “Ubu jewe nta kintu kinini ndayirindiriyeko kuko sentare y’amatongo n’ayandi matungo izoza ishimangira ingingo za Cntb kandi bisangiye n’izina.” Ngo yobwirizwa kwigenga. Kuri we rero ngo ni ukugerageza guhindura kamere y’inzego z’ubutungane, kandi ngo ntabona ico izofasha atari ugucanishamwo abantu. Aha aca yibaza igituma habaho sentare idasanzwe mu gihe amasentare ahasanzwe ubu ashobora guca imanza zose n’iz’amatongo zirimwo. Ati ntibikenewe gushiraho iyidasanzwe. Ati nizeye yuko hazoba abagira ico bakoze ngo iyo sentare ntijeho imeze uko. Ngo ntiza gutatura amatati iza gushira mu ngiro ingingo za reta. Na yo muri iki gihe itarajaho avuga yuko ata yungururizo rihari kubera ko itegeko rivuga ko hazojaho sentare idasanzwe, none twese turayirindiranye igishika ngo itunganirize abazogira ibibazo nk’ivyo.

Amasezerano y'abayagira kur'urubuga ngurukanabumenyi rwa IWACU

Ivyiyumviro n'ibivugirwa hano ntibitegerezwa kurenga amategeko y'umubano mwiza. Mu bibujijwe kwandikira hano, harimwo amajambo y'amacakubiri afatiye ku bwoko, ibitsina, ukwemera kujanye n'idini, gutyozanya canke gutukana, amajambo ahamagarira gucanamwo, canke aza atanga amakuru ajanye n'ubuzima bwihereranye bwa muntu. Ikibujijwe kandi ni ugukoresha amasanamu canke ivyandikwa vy'abandi udatomoye isoko yavyo.
Iwacu ntizotiriganya mu gufuta icanditswe cose coza kirenga kuri ano masezerano, canke ivyanditswe bisubiwemwo, bitanzwe bitajanye n'inkuru vyandikiweko, bihayagiza ibidandazwa canke bidashingiye ku kwubahana hagati y'abahurira hano. Icanyuma : intererano izogirwa mu ndome nkuru izofutwa vuba.

Kwongerako iciyumviro

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *