Ibibanza bikingiye vyo mu gisaga ca Bujumbura biri ku mushiro

Ibibanza bikingiye vyo mu gisagara birabangamiwe n’abavyubakamwo. Abakunda ibidukikije basaba ko ivyo vyohagarikwa. Umuhinga mu bidukikije avuga ko ibibanza bikingiye bifise akamaro kanini , ko n’abajejwe intwaro n’ibisagara bari bakwiye guhimirizwa – Vyanditswe na Bayaga Manyusi

Imashini iriko irataba mu kibanza gikingiye ©Iwacu

Imashini iriko irataba mu kibanza gikingiye ©Iwacu

Mu gihe abantu baguma bagwirirana haba mu gihugu hagati canke mu bisagara bituma haba ingaruka ku bijanye n’uburaro bwabo. Mu bisagara ibibanza vyo kwubakamwo bitera bigabanuka, ababikenera na bo bakiyongera. Ahatari hake abantu baca batangura kwubaka mu bibanza batarekuriwe kwubakamwo, vyitwa ko bikingiye. Muri komine ya Ngagara, ku ruhande rwegereye ikiyaga Tanganyika, twahasanze imashini iriko irahataba ngo bahubake, ariko umungezi w’ibidukikije twahasanze, Mbonerane Aruberi, avuga ko hari mu bibanza bikingiye, amategeko atarekura kuhubaka. Eka no muri karatiye ya Carama ibibanza nk’ivyo birageramiwe n’abavyubakamwo. Nyabuhwanya Yakobo, umunyagihugu wo mu Carama yahoze anarongoye ishirahamwe ry’abanya Carama, avuga ko ku bibanza bikingiye 14 vyari muri iyo karatiye, ubu hasigaye bitandatu gusa mbere bimwe muri ivyo twasanze babirimamwo kandi bitarekuwe. Nyabuhwanya akavuga ko habaye urugamba rukomeye mu kugarura n’ivyo bisigaye, mbere na bamwe mu bagwanya ivyo bikorwa bagaterwa n’ubwoba. Hari n’izindi nkuru zivuga ko bene ivyo bibanza biguma vyubakwamwo mu Gasekebuye, mu Kabondo, mu Ngagara na Jabe.

Bifitiye ingaruka mbi ibidukikije n’amagara y’abantu

Umugenzi w’ibidukikije Mbonerane Aruberi amenyesha ko muri kino gihe, mu gisagara ca Bujumbura, hari ingorane zijanye n’abantu biyadukiza bakwubaka mu bibanza bikingiye. Aho hose babonye hatubatse bagashaka kuhashira inyubakwa kandi hari aho abantu bogiye bararuhukira, bagafata akayaga. Mbonerane rero ati: «Ukuhubaka ni vyiza mu bijanye n’iterambere , ariko bifise ingaruka mbi ku bijanye n’ibidukikije hamwe n’amagara y’abantu.» Atanga akarorero ku gisagara citwa Brazaville co mu gihugu ca Kongo, aho bubatse ibarabara rinini maze bakarikikuza n’ibiti, ivyo rero bakavyita «amahaha y’igisagara» kubera yuko bituma bahema impemu zimeze neza, mu gihe haba hari ivyuka bibi vyinshi bivuye ku miduga n’amapikipiki, bishobora no gutera ingorane ku magara y’abantu. Kuri Mbonerane rero ngo itegeko rigenga ibidukikije ryo mu 2000 ryarahonyanzwe mu ngingo yaryo y’103. Ngo ubuyobozi bujejwe gutunganya ibisagara butegerezwa gusiga ibibanza abantu bafatiramwo akayaga canke bakahanonorera imitsi. Avuga ko nko mu Carama abahatunganije bari bahasigaje ivyo bibanza, abasaba aho bubaka bamaze kuba benshi, baciye basubira kubitanga. Avuga rero ko hari abantu baciye bahaguruka baravyiyamiriza, baraheza bagaruza bitandatu muri vyo. Yemeza kandi ko ivyo vyashitse no mu Ngagara na Jabe aho ibibanza bene ivyo vyazimanganye. Ati no mu Gasekebuye na Kabondo aho bari basize mu gutunganya ibisagara hagiye harubakwa.

Ntibazi akamaro kavyo…

Ku bw’uwo mugenzi w’ibidukikije ngo abantu ntibaramenya akamaro ka bene ivyo bibanza. Ati: «Ni ahantu abantu bashobora guhemera, ku bana ni ikibanza bakiniramwo bakinezereza, ku bakuze na bo ni ikibanza co gufatiramwo akayaga bakakiruhukiramwo.» Ku bwiwe rero ngo bene ivyo bibanza bikwiye gukingirwa n’abajejwe intwaro mu makomine. Ati ni bo boja barakingira aho hose abajejwe gutunganya ibisagara basigiye ivyo bibanza. Akabona rero ko ivyo bidakozwe hashobora kugenda hose amazimayongo. Ikindi avuga ni uko bene ivyo bibanza vyoshirwa ku bicapo vyerekana uko ibisagara bitunganijwe, maze bigaheza bigakingirwa neza. Ati muri ico gihe nta wovuga ko ari ah’ishure canke ivururiro kuko hasanzwe hafitiye akamaro abanyagihugu. Aributsa ko bene ivyo bibanza ari itunga rya bose. Ati mu gihe baba abantu, yaba imiduga canke amahinguriro biguma vyiyongera kandi imyuka yavyo ishobora gusinzikaza ubuzima bw’abantu, ivyo bibanza ni vyo bica bituma haboneka impemu nziza. Asaba ko ubuyobozi bw’ibisagara butosubira gutanga ivyo bibanza, bagatuma bategekanya kwubaka amagorofa. Kuri we ngo bahaye abantu icumi umwe wese are zitandatu, haba hagiye are 60, ariko babahaye are zitanu bakubaka igorofa, bose barakwirwa kandi hagasigara. Ikindi avuga ni uko hari n’aho barenga itegeko rigenga amazi bakubaka ku nkengera z’uruzi. Akarorero ni ku ruzi Ntahangwa hafi yo kwa Siyoni, aho bahubatse babanje kwubakira inkengera imwe y’uruzi, akabona rero ko amazi azohava yononera abo ku ruhande rwa Buyenzi.

Hakwiye guterwa ibiti n’amashurwe

Nkurunziza Fabirisi: “Biri mu bituma igisagara ca Bujumbura kitagira isuku.” ©Iwacu

Nkurunziza Fabirisi: “Biri mu bituma igisagara ca Bujumbura kitagira isuku.” ©Iwacu

Nkurunziza Fabirisi, umuyobozi ajejwe kubungabunga ibisagara mu buyobozi bukuru bwo gutunganya ibisagara, avuga ko ubwo buyobozi hamwe n’abatwara igisagara ari bo bajejwe kubungabunga bene ivyo bibanza. Ngo ivyo bibanza ntabizi vyose kandi ntazi n’uburinganire bwavyo. Ku bwiwe rero ngo ivyo bibanza nti biri mu makaratiye yose. Aho biri na ho ngo hari hakwiye guterwa ibiti n’amashurwe hakaberwa n’abantu bakaza kuhifotoreza. Hakazana akayaga keza. Avuga ko kugira bene ico kibanza gishobore gukoreshwa ibindi bintu ari ubushikiranganji bubijejwe hamwe n’abatwara igisagara bafata iyo ngingo. Kuri we rero ngo kugirango umuntu ahubake abanza kwerekana urupapuro rumuha uburenganzira, atari uko ubuyobozi bw’ibisagara burafata ingingo. Uwo muyobozi arahumuriza ko ivyo bibanza bidashobora kuzimangana naho abantu baguma bagwira. Abaharima na bo ngo bakora amakosa kandi abajejwe intwaro bari bakwiye kubabuza kuko na bo nyene ari igikorwa cabo. Ati bari bakwiye kuhakorera ibikorwa rusangi bakahagirira isuku mu kuhatera ibiti n’amashurwe, akavuga mbere ko ivyo biri mu bituma igisagara ca Bujumbura kitagira isuku. Ikibanza co mu Kinindo arahakana ko kitari mu bikingiye, ati cari cagenewe ikibuga c’inkino kandi hazoja ikibuga c’abana bo mw’ibarabara, ariko n’abandi ngo bazohakoresha.

Abanyagisagara bokwijukira gutera ibiti aho baba

Sabushimike Jean Marie: “Harakwiye kuja amategeko agenga ivyo bibanza.” ©Iwacu

Sabushimike Jean Marie: “Harakwiye kuja amategeko agenga ivyo bibanza.” ©Iwacu

Abatari bake ntibaramenya insiguro n’akamaro k’ibibanza bikingiye mu bisagara. Ku bwa Sabushimike Jean Marie, umuhinga yanonosoye ibidukikije, avuga ko ibibanza bikingiye biba bigizwe n’amaparake, ibibanza biteyemwo ibiti, ibiti bitonze ku nzuzi, ahari ibiti biranga akahise iyo hafashwe neza n’ibindi. Mu gisagara ngo ni ibibanza usanga biteyemwo ibiti, ibiti bitonze ku nzuzi no ku mabarabara canke aho usanga hari amashurwe. Ngo hari ivyo usanga ari ivya bose n’ibigabwa n’abanyagihugu iyo biri mu bibanza iwabo. Ivyo bibanza ngo vyategerezwa kurabwa n’ubutegetsi bw’aho biri kandi hakajaho n’amategeko abigenga. Ayo mategeko yokinga amatati yoba hagati y’abajejwe ibisagara n’abajejwe intwaro. Sabushimike amenyesha ko abategetsi n’abajejwe gutunganya ibisagara bari bakwiye guhimirizwa kugira bamenye akamaro k’ibibanza bene ivyo, na cane cane muri kino gihe abantu baguma bagwira. Ati n’ubuyobozi bwo gutunganya ibisagara bwari bukwiye kuvyisunga. Ku bwiwe rero ngo akamaro k’ivyo bibanza mu bisagara ni ntangere kuko bifasha ku magara y’abantu, haba mu gukinga indwara zo mu mubiri n’izo mu mutwe. Ahanura abantu gutera ibiti n’amashurwe mu ngo zabo kuko ngo biragabanya ivyuka bibi vyo mu kirere bigatuma haba n’impemu nziza. Bene ivyo bibanza ngo birafasha no kwiruhurira mu mutwe no ku mubiri.Umuti w’abubaka muri ivyo bibanza ngo ni uko hoja vuba itegeko ribigenga.

Amasezerano y'abayagira kur'urubuga ngurukanabumenyi rwa IWACU

Ivyiyumviro n'ibivugirwa hano ntibitegerezwa kurenga amategeko y'umubano mwiza. Mu bibujijwe kwandikira hano, harimwo amajambo y'amacakubiri afatiye ku bwoko, ibitsina, ukwemera kujanye n'idini, gutyozanya canke gutukana, amajambo ahamagarira gucanamwo, canke aza atanga amakuru ajanye n'ubuzima bwihereranye bwa muntu. Ikibujijwe kandi ni ugukoresha amasanamu canke ivyandikwa vy'abandi udatomoye isoko yavyo.
Iwacu ntizotiriganya mu gufuta icanditswe cose coza kirenga kuri ano masezerano, canke ivyanditswe bisubiwemwo, bitanzwe bitajanye n'inkuru vyandikiweko, bihayagiza ibidandazwa canke bidashingiye ku kwubahana hagati y'abahurira hano. Icanyuma : intererano izogirwa mu ndome nkuru izofutwa vuba.

Kwongerako iciyumviro

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *